Abami ba kabiri 25:1-30

  • Nebukadinezari yugariza Yeruzalemu (1-7)

  • Yeruzalemu n’urusengero rwaho bitikizwa. Abajanywe i Babiloni ubwa kabiri (8-21)

  • Gedaliya aba buramatari (22-24)

  • Gedaliya yicwa. Abantu bahungira mu Misiri (25, 26)

  • Yehoyakini akurwa mw’ibohero i Babiloni (27-30)

25  Nuko mu mwaka ugira icenda Zedekiya aganza, ku musi ugira cumi w’ukwezi kugira cumi, Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni azanana n’ingabo ziwe zose gutera Yeruzalemu+. Akambika hafi y’ico gisagara, yubaka irya n’ino yaco uruzitiro rwo kuhatera+.  Ico gisagara kiguma cugarijwe gushika mu mwaka ugira 11 umwami Zedekiya aganza.  Ku musi ugira icenda w’ukwezi kugira kane, inzara yari imaze gukara+ mu gisagara, kandi nta bifungurwa abanyagihugu bari bafise+.  Maze Abakaludaya bamena uruzitiro rw’ico gisagara+. Mu gihe bari bakikuje ico gisagara, abasoda bose ba Zedekiya bahengera mw’ijoro, barahunga baciye mw’irembo ryari hagati y’inzitiro zibiri hafi y’umurima w’umwami. Umwami Zedekiya aca ahunga yerekeza mu karere ka Araba+.  Mugabo ingabo z’Abakaludaya zimwirukako, zimuhambiriza mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko maze abasoda biwe bose barasanzara baramuta.  Nuko bafata umwami+ bamudugana i Ribula ku mwami wa Babiloni, bamucira urubanza.  Abahungu ba Zedekiya babicira mu maso yiwe, maze Nebukadinezari amugira impumyi. Hanyuma amubohesha amapingu y’umujumpu araheza amujana i Babiloni+.  Mu mwaka ugira 19 Nebukadinezari umwami wa Babiloni aganza, ku musi ugira indwi w’ukwezi kugira gatanu, Nebuzaradani ashika i Yeruzalemu+. Nebuzaradani+ yakorera umwami wa Babiloni, akaba yari umukuru w’abamucungera.  Maze aturira inzu ya Yehova+, inzu* y’umwami+ n’inzu zose z’i Yeruzalemu+, aturira n’inzu z’abanyacubahiro bose+. 10  Ingabo z’Abakaludaya zose zari kumwe n’uwo mukuru w’abacungera umwami zisiturira hasi inzitiro zikikuje Yeruzalemu+. 11  Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami atwara mu bunyagano abantu bari basigaye mu gisagara n’abari bataye bakomokera ku mwami wa Babiloni n’abandi banyagihugu bose+. 12  Mugabo uwo mukuru w’abacungera umwami asigazayo bamwebamwe mu bantu nyarucari ngo baze barakorera mu mirima y’imizabibu, bakore n’ibindi bikorwa vy’agahato+. 13  Maze Abakaludaya bamenagura za nkingi z’umujumpu+ zari ku nzu ya Yehova, na ya mashareti+ be na ca gitangi c’umujumpu citwa Ikiyaga+ vyari mu nzu ya Yehova, baraheza batwara umujumpu wavyo i Babiloni+. 14  Batwara n’utudobo, ibipawa, udukasi*, ibikombe n’ibindi bikoresho vyose vy’umujumpu vyakoreshwa mu rusengero. 15  Wa mukuru w’abacungera umwami atwara udupanu tujamwo umuriro n’amabakure vyari bikozwe mu nzahabu itavanze+, n’ivyari bikozwe mw’ifeza itavanze+. 16  Nayo ku bijanye na za nkingi zibiri, ca gitangi citwa Ikiyaga, na ya mashareti Salomo yari yarakoreye inzu ya Yehova, nta washobora gupima umujumpu wari kuri ivyo bintu vyose+. 17  Inkingi imwe yose yareha n’intambwe* 18+. Igikono cari hejuru kuri yo cari gikozwe mu mujumpu kikaba careha n’intambwe zitatu. Udusharizo tumeze nk’urusenga be n’amakomamanga vyari bigikikuje, vyose vyari bikozwe mu mujumpu+. Izo nkingi zompi n’utwo dusharizo twazo vyari bikozwe kumwe. 18  Wa mukuru w’abacungera umwami afata na Seraya+ umukuru w’abaherezi be n’umuherezi Zefaniya+, akaba yari icegera ciwe. Afata n’abarinzi b’imiryango batatu+. 19  Afata umukozi wo ku kirimba yagaba abasoda amukuye mu gisagara, ahafatira n’abagabo batanu b’abishikira ku mwami. Afata n’umunyamabanga w’umukuru w’ingabo, ari na we yatumako abinjira mu gisoda. Afata n’abagabo 60 bo mu banyagihugu batobato bari bakiri mu gisagara. 20  Abo bose Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera umwami arabafata abajana i Ribula ku mwami wa Babiloni+. 21  Maze umwami wa Babiloni abicira aho i Ribula mu karere ka Hamati+. Ukwo ni ko ababa mu Buyuda bavuye mu gihugu cabo, bajanwa mu bunyagano+. 22  Nebukadinezari umwami wa Babiloni agena Gedaliya+ mwene Ahikamu+, Ahikamu mwene Shafani+ ngo aganze abo yari yasigaje mu Buyuda+. 23  Abakuru b’ingabo bose hamwe n’ingabo zabo bumvise ko umwami wa Babiloni yagenye Gedaliya, baca baza kwa Gedaliya i Mizipa. Abaje ni aba: Ishimayeli mwene Netaniya, Yohanani mwene Kareya, Seraya mwene Tanihumeti w’i Netofa na Yazaniya avyarwa n’umugabo w’i Mayaka. Baje bazananye n’ingabo zabo+. 24  Gedaliya arabarahira, bo hamwe n’ingabo zabo, aca ababwira ati: «Ntimutinye kuganzwa n’Abakaludaya. Nimube mu gihugu mukorere umwami wa Babiloni, bizoheza bibagendere neza+ 25  Maze mu kwezi kugira indwi, Ishimayeli+ mwene Netaniya, Netaniya mwene Elishama, araza ari kumwe n’abagabo cumi, bica Gedaliya, bica n’Abayuda be n’Abakaludaya bari kumwe na we i Mizipa. Ishimayeli yava mu nda y’ingoma*+. 26  Inyuma y’ivyo abantu bose, kuva ku muto gushika ku wuhambaye, ushizemwo n’abakuru b’ingabo, barahunga baja mu Misiri kuko batinye Abakaludaya+. 27  Mu mwaka ugira 37 Yehoyakini+ umwami w’Ubuyuda ari mu bunyagano, ku musi ugira 27 w’ukwezi kugira 12, Evili-Merodaki umwami wa Babiloni akura Yehoyakini* umwami w’Ubuyuda mw’ibohero. Hari mu mwaka Evili-Merodaki yatanguriyemwo kuganza+. 28  Evili-Merodaki amuyagisha neza, maze amuha ikibanza c’iteka* kuruta abandi bami bari mu bunyagano i Babiloni. 29  Nuko Yehoyakini akura impuzu zo mw’ibohero, atangura kuza arasangira n’umwami imisi yose y’ubuzima bwiwe. 30  Ku musi ku musi yama ahabwa imfungurwa zivuye i bwami. Yagumye azihabwa imisi yose y’ubuzima bwiwe.

Utujambo tw'epfo

Canke «ikirimba.»
Ni utuntu bakoresha mu kuzimya urutambi.
Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «mu rubuto rw’ubwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «aduza umutwe wa Yehoyakini.»
Mu giheburayo havuga ngo «intebe y’ubwami.»