Abami ba kabiri 4:1-44

  • Elisha agwiza amavuta y’umupfakazi (1-7)

  • Umugore w’i Shunemu w’umwakiranyi (8-16)

  • Uwo mugore aronka umwana, nya mwana agapfa (17-31)

  • Elisha azura uwo mwana (32-37)

  • Elisha atuma isupu irika (38-41)

  • Elisha agwiza imikate (42-44)

4  Umugore umwe yari afise umugabo wo mu mugwi w’abana b’abahanuzi+. Umusi umwe aza kuririra Elisha ati: «Databuja, umugabo wanje akaba n’umusuku wawe, yarapfuye kandi urazi neza ko yamye atinya Yehova+. None hari umuntu yari afitiye ideni yaje gutwara abana banje bompi ngo abagire abashumba.»  Elisha aca amubaza ati: «Ndagufashe iki? Mbwira, ufise iki mu nzu?» Na we ati: «Jewe umusukukazi wawe nta kindi mfise mu nzu atari umubindi w’amavuta*+  Maze amubwira ati: «Genda mu babanyi bawe bose ubatire ibikoresho bigaragara kandi ntutire bike.  Mwe n’abahungu bawe muce mwinjira mu nzu mwiyugarane. Uheze wuzuze ivyo bikoresho vyose amavuta, ivyuzuye ubishire ku ruhande.»  Uwo mugore aca aragenda. Ashitse iwe, we n’abahungu biwe baca binjira mu nzu barugara. Baza baramuha ibikoresho, na we akabisukamwo amavuta+.  Nya bikoresho bimaze kwuzura, abwira umuhungu wiwe ati: «Mpa ikindi gikoresho+.» Ariko uwo muhungu amwishura ati: «Vyaheze.» Ayo mavuta aca arakama+.  Nya mugore aja kubibwira wa muntu w’Imana y’ukuri, na we aca avuga ati: «Genda ugurishe ayo mavuta uheze urihe amadeni ufise. Amahera azoba asigaye azogutunga wewe n’abahungu bawe.»  Umusi umwe Elisha aja i Shunemu+. Hari umugore yubahwa yaba muri ico gisagara. Abonye Elisha aramwinginga ngo aze iwe amuzimane udufungurwa+. Kuva ico gihe, Elisha aciye muri ico gisagara yama ajayo gufungura.  Nuko uwo mugore abwira umugabo wiwe ati: «Uyu muntu yama aza iwacu ndazi neza yuko ari umweranda w’Imana. 10  Ndagusavye tumukorere icumba gitoyi hejuru ku nzu*+ hanyuma tumushirireyo uburiri, imeza, intebe n’ico baterekako amatara. Azoza araharara igihe cose atugendeye+ 11  Umusi umwe Elisha aza i Shunemu, maze aja kurara muri ca cumba co hejuru. 12  Nuko abwira umusuku wiwe Gehazi+ ati: «Mpamagarira uwo Munyashunemukazi+.» Aca aramuhamagara, na we araza. 13  Maze abwira Gehazi ati: «Ndagusavye umumbwirire uti: “Waratwigoreye cane+. Hari ico ubona nogufasha+? Nta co wipfuza ko ndakubwirira umwami+ canke umukuru w’ingabo?”» Uwo mugore yishura ati: «Nta ngorane mfise. Nibera mu b’iwacu.» 14  Elisha aca abaza Gehazi ati: «Ubona twomufasha iki?» Amwishura ati: «Nta mwana* afise+, kandi umugabo wiwe arashaje.» 15  Elisha aca avuga ati: «Subira umuhamagare.» Nuko aramuhamagara, hanyuma nya mugore araza ahagarara ku muryango. 16  Maze amubwira ati: «Mu gihe nk’iki mu mwaka uza, uzoba ufise umwana w’umuhungu+.» Mugabo nya mugore amwishura ati: «Oya databuja, yaco unyizeza ibitazoba jewe umusukukazi wawe kandi uri umuntu w’Imana y’ukuri.» 17  Ariko uwo mugore arahava aribungenga, maze mu mwaka ukurikira avyara umuhungu muri ca gihe nyene, nk’uko Elisha yari yabimubwiye. 18  Uwo mwana arakura maze umusi umwe aja iyo se ari, aho yari kumwe n’abimbuzi. 19  Aguma abwira se ati: «Umutwe uranyishe, yoo umutwe uranyishe!» Se aca abwira umusuku wiwe ati: «Mutware kwa nyina.» 20  Uwo musuku aca aramutwara, amushira nyina. Nya mwana aguma ku bibero vya nyina gushika sasita, aca aracikana+. 21  Maze aramudugana, amuryamika ku buriri bwa wa muntu w’Imana y’ukuri+, aca yugara umuryango aragenda. 22  Nuko ahamagara umugabo wiwe, amubwira ati: «Ndagusavye undungikire umusuku umwe n’indogobwa imwe kugira nyaragase nje kuraba wa muntu w’Imana y’ukuri, nce ngaruka.» 23  Mugabo avuga ati: «Kubera iki ugiye kumuraba uyu musi kandi atari ku mboneko y’ukwezi+ canke kw’isabato?» Ariko nya mugore amwishura ati: «Ntuhagarike umutima nta ngorane.» 24  Aca ategura indogobwa, maze abwira umusuku wiwe ati: «Yitware unyaruka. Ntugende bukebuke ngo ni kubera jewe, kiretse ndabigusavye.» 25  Nuko agenda kuraba wa muntu w’Imana y’ukuri ku musozi Karumeli. Nya muntu w’Imana y’ukuri amubona akiri kure, aca abwira umusuku wiwe Gehazi ati: «Ehe raba wa mugore w’i Shunemu araje. 26  Ndagusavye wiruke uje kumubaza uti: “Amakuru yawe? Umugabo wawe arakomeye? N’umwana?”» Nya mugore yishura ati: «Ego ni impore.» 27  Ashikiriye umuntu w’Imana y’ukuri ku musozi, aca amufata ku birenge+. Gehazi aca aregera ngo amwigizeyo, mugabo nya muntu w’Imana y’ukuri avuga ati: «Mureke aratuntuye cane*, kandi sinzi igituma kuko Yehova ata vyo yambwiye.» 28  Uwo mugore aca avuga ati: «Mbega hari umwana nari nagusavye ga databuja? Sinakubwiye nti: “Yaco unyizeza ibitazoba+?”» 29  Elisha aca abwira Gehazi ati: «Kenyera neza impuzu*+ maze ufate inkoni yanje ugende. Nihagira uwo muhura ntumuramutse, kandi nihagira uwukuramutsa ntumwishure. Ushitseyo uce ushira inkoni yanje mu maso h’ako gahungu.» 30  Nyina wa nya gahungu aca avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye, simva aha tutajanye+.» Elisha aca arahaguruka barajana. 31  Gehazi yari yabaye aragenda. Agezeyo, ashira ya nkoni mu maso ha nya gahungu, mugabo ntihagira agakoma canke ngo hagire igihinduka+. Aca asubira inyuma kuraba Elisha amubwira ati: «Ka gahungu ntikavyutse.» 32  Igihe Elisha yashika mu nzu, ikiziga c’ako gahungu bari bakiryamitse ku buriri bwiwe+. 33  Nuko yinjira mu cumba, ariyugarana we n’ako gahungu maze atangura gusenga Yehova+. 34  Araheza yurira ku buriri aryama hejuru y’uwo mwana. Ashira umunwa wiwe ku munwa wa nya mwana, n’amaso yiwe ku maso ya nya mwana n’ibiganza vyiwe ku biganza vya nya mwana. Aguma amuryamyeko maze umubiri wa nya mwana utangura gususuruka+. 35  Elisha atangura kugendagenda mu nzu, hanyuma asubira kwurira ku buriri yubarara kuri nya mwana. Uwo mwana aca yasamura incuro indwi, araheza arakanura+. 36  Elisha aca ahamagara Gehazi amubwira ati: «Mpamagarira wa mugore*.» Aramuhamagara maze aza aho Elisha ari. Elisha amubwira ati: «Akira umuhungu wawe+ 37  Amaze kwinjira, aca agwa ku birenge vya Elisha aramwunamira ashika hasi. Hanyuma atora umwana wiwe, arasohoka. 38  Igihe Elisha yasubira i Gilugali, hari hateye inzara mu gihugu+. Nuko abwira umusuku wiwe+ ati: «Shira ya nkono nini ku ziko utekere isupu abana b’abahanuzi.» Muri uwo mwanya, abana b’abahanuzi+ bari bicaye imbere yiwe. 39  Umwe muri bo aja mu gahinga gusoroma imbogaboga maze abona umutanga*. Araheza awamurako imitangatanga, yuzuza impuzu yiwe. Agarutse ayikatagurira muri ya nkono y’isupu atazi ivyo ari vyo. 40  Baraheza barurira iyo supu ba bana b’abahanuzi. Bakiyikoza mu kanwa baca bakoma induru bati: «Muri iyi nkono hariyo ishano*, muntu w’Imana y’ukuri!» Ntibaba bakiyifungura. 41  Maze avuga ati: «Nimunzanire agafu.» Amaze kugaterera muri nya nkono, aca avuga ati: «Nimubarurire barye.» Nta kintu kibi cari kikirimwo+. 42  Haza umuntu avuye i Bayali-Shalisha+, aza azaniye Elisha wa muntu w’Imana y’ukuri imikate 20 ikozwe mu ntete za sayiri+ zamye ubwa mbere, n’isaho y’intete zikiri nshasha+. Elisha aca avuga ati: «Bihe abantu babirye.» 43  Ariko umusuku wiwe amubwira ati: «Ibi nobigaburira gute abantu 100+?» Aca amwishura ati: «We bahe gusa barye, kuko Yehova avuze ati: “Bararya kandi basigaze+.”» 44  Aca arabagaburira bararya no gusigaza barasigaza+, nk’uko Yehova yari yabivuze.

Utujambo tw'epfo

Canke «umubindi w’amavuta ufise umunwa muremure.»
Amazu menshi yari afise igisenge gishashe. Bahakorera ibikorwa bitandukanye.
Mu giheburayo havuga ngo «nta muhungu.»
Canke «afise umubabaro mu mutima.»
Mu giheburayo havuga ngo «kenyera mu kiyunguyungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «wa Mushunemukazi.»
Mu giheburayo havuga ngo «umuzabibu wo mw’ishamba.»
Mu giheburayo havuga ngo «urupfu.»