Abami ba kabiri 7:1-20

  • Elisha avuga ko ikigoyi kigiye guhera (1, 2)

  • Haboneka ibifungurwa mw’ikambi y’Abasiriya bahunze (3-15)

  • Ivyo Elisha yavuze biranguka (16-20)

7  Elisha aca avuga ati: «Nimwumvirize ijambo rya Yehova. Yehova avuze ati: “Ejo nk’aya mango mw’irembo* ry’i Samariya, ingero* y’ifu inoze izoba igurwa shekeli* imwe, ingero* zibiri za sayiri na zo zigurwe shekeli imwe+.”»  Maze igisongerezi umwami yizigira cishura uwo muntu w’Imana y’ukuri giti: «Ivyo* vyoshoboka? Naho Yehova yokwugurura ingomero zo mw’ijuru, ntivyoshoboka+.» Elisha aca amubwira ati: «Uzobibona n’amaso yawe+, ariko ntuzobiryako+  Hari abagabo bane b’abanyamibembe bari kw’irembo ry’igisagara+. Babwirana bati: «Aha nyene tugume ng’aha gushika dupfuye?  Nitwinjira mu gisagara hakiriyo inzara+ turapfirayo. Tugumye twicaye ng’aha, na ho nyene turuhira gupfa. Nimuze rero tuje mw’ikambi y’Abasiriya. Nibatatwica, turabaho. Nibatwica na ho, turapfa nta kundi.»  Nuko bahengera bumaze kwira, barahaguruka baja mw’ikambi y’Abasiriya. Bashitse ahari iyo kambi, basanga nta n’umwe ahari.  Yehova yari yatumye Abasiriya bumva urwamo rw’imikogote y’intambara, amafarasi, n’ingabo nyinshi cane+. Baca babwirana bati: «Murazi? Umwami wa Isirayeli yahaye amahera abami b’Abaheti n’abami ba Misiri ngo baze kuturwanya.»  Ubwo nyene muri ako kagoroba k’ijoro, baca barahaguruka barahunga. Basiga amahema yabo n’amafarasi yabo n’indogobwa zabo, emwe ikambi yose uko yakabaye, barahunga barayanyaga*.  Abo banyamibembe bashitse ahari iyo kambi, binjira mw’ihema rimwe batangura kurya no kunywa. Batora ifeza n’inzahabu n’impuzu vyariyo baja kubinyegeza. Baca baragaruka binjira mu rindi hema, bakurayo ibintu baja kubinyegeza.  Amaherezo babwirana bati: «Ibi turiko turagira si vyo basha. Uyu ni umusi w’akanyamuneza. Iyi nkuru nziza dukwiye kuyibwira abandi. Nitwinumira bukarinda buca, tuzoba dukwiriye guhanwa. Nimuze rero tuje kubimenyesha abo ku kirimba* 10  Baca baragenda bahamagara abarinzi b’irembo ry’igisagara, bababwira bati: «Twagiye mw’ikambi y’Abasiriya ariko nta n’umwe twahasanze, nta n’agakacira. Twabonyeyo gusa amafarasi n’indogobwa biziritse, amahema na yo bayataye ukwo.» 11  Ubwo nyene abo barinzi b’irembo baca bahamagara n’ijwi rirenga abo ku kirimba, barabibamenyesha. 12  Umwami aca avyuka muri iryo joro, abwira abantu biwe ati: «Reka ndababwire ivyo Abasiriya bagomba kudukorera: barazi ko dushonje+. Baciye rero bava mw’ikambi baja kwinyegeza mu gahinga bibwira bati: “Abisirayeli baca bava mu gisagara, duce tubafata ari bazima, maze twinjire mu gisagara cabo+.”» 13  Nuko umwe mu bantu biwe amubwira ati: «Dukundire turondere abagabo botwara amafarasi atanu mu yasigaye mu gisagara, tubarungike baje kuraba ivyo ari vyo. Nibabica nta kundi. Nakare Abisirayeli bose bazoba basigaye mu gisagara nta co bazoba babasumbije. Bazoba babaye nk’abandi Bisirayeli bose bamaze gupfa.» 14  Batora rero imikogote ibiri n’amafarasi, umwami aca abarungika mw’ikambi y’Abasiriya, ababwira ati: «Genda murabe uko vyifashe.» 15  Baca bagenda bakurikiye Abasiriya gushika ku ruzi Yorodani. Basanga inzira yose yuzuye impuzu n’ibikoresho bagiye barata igihe bariko barahunga bataye umutwe. Baraheza baragaruka, babimenyesha umwami. 16  Abantu baca barasohoka baja gusahura ikambi y’Abasiriya. Nuko ingero* y’ifu inoze isigara igurwa shekeli imwe, n’ingero* zibiri za sayiri zisigara zigurwa shekeli imwe, nk’uko Yehova yari yabivuze+. 17  Umwami yari yashinze irembo wa mugabo w’igisongerezi yizigira. Mugabo abantu bamuhonyangira aho mw’irembo arapfa, nk’uko wa muntu w’Imana y’ukuri yari yabivuze, igihe umwami yaja kumuraba. 18  Vyabaye nk’uko uwo muntu w’Imana y’ukuri yari yabibwiye umwami ati: «Ejo nk’aya mango mw’irembo ry’i Samariya, ingero* zibiri za sayiri zizoba zigurwa shekeli imwe, ingero* y’ifu inoze na yo igurwe shekeli imwe+ 19  Ariko wa mugabo w’igisongerezi yari yishuye uwo muntu w’Imana y’ukuri ati: «Ivyo* vyoshoboka? Naho Yehova yokwugurura ingomero zo mw’ijuru, ntivyoshoboka.» Elisha na we ati: «Uzobibona n’amaso yawe, ariko ntuzobiryako.» 20  Ni ukwo nyene vyamugendeye, kuko abantu bamuhonyangiye mw’irembo, arapfa.

Utujambo tw'epfo

Canke «mu masoko.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingero ya seya.» Seya imwe yaja mu kintu c’amalitiro 7,33. Raba Inyongera ya B14.
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «ingero za seya.»
Mu giheburayo havuga ngo «iryo jambo.»
Canke «bakiza ubuzima.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu y’umwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingero ya seya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingero za seya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingero za seya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingero ya seya.»
Mu giheburayo havuga ngo «iryo jambo.»