Abatesalonika ba kabiri 1:1-12

  • Indamutso (1, 2)

  • Ukwizera kw’Abatesalonika gukura (3-5)

  • Imana izokwihora abatagamburuka (6-10)

  • Pawulo asengera ishengero (11, 12)

1  Jewe Pawulo na Silivano* na Timoteyo+, turabandikiye mwebwe shengero ry’Abatesalonika ryunze ubumwe n’Imana ari yo Data hamwe n’Umukama Yezu Kristu.  Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no ku Mukama Yezu Kristu bibane namwe.  Ntitworeka kwama dushimira Imana ku biberekeye bavukanyi. Ivyo birabereye kubera ko ukwizera kwanyu kuriko kurakura cane, n’urukundo mwese mufitaniye rukaba ruriko rurongerekana+.  Ni co gituma tubishimira+ mu mashengero y’Imana, kubera ukwihangana kwanyu n’ukwizera kwanyu mu ruhamo rwose murimwo no mu ngorane* ziriko zirabashikira*+.  Ico ni ikimenyamenya c’urubanza rugororotse rw’Imana ruzotuma mubonwa ko mubereye Ubwami bw’Imana, ari na bwo vy’ukuri muriko murababarizwa+.  Kuko Imana ibona ko bigororotse kwishura amakuba abayabateza+.  Mugabo mwebwe abatezwa amakuba, izotuma muruhurirwa hamwe natwe, Umukama Yezu niyahishurwa+ avuye mw’ijuru ari kumwe n’abamarayika biwe b’ububasha+  mu mbeya z’umuriro, aje kwihora abatazi Imana n’abatagamburukira inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu+.  Igihano abo bazoronka ni urubanza rw’ugutikizwa ibihe bidahera+ bakava imbere y’Umukama n’imbere y’ubuninahazwa bw’inkomezi ziwe, 10  igihe azoba aje kugira ngo aninahazwe ku bijanye n’aberanda biwe no kugira ngo kuri uwo musi abizeye bose bamutangarire, kubera ko mwizeye intahe twashinze. 11  Ni co gituma twama tubasengera ngo Imana yacu ibone ko mubereye iteka yabahamagariye+, yongere ikoreshe ububasha bwayo mu gushitsa neza ivyiza vyose biyihimbara n’igikorwa cose mukora mubitumwe n’ukwizera. 12  Ivyo ni ukugira ngo izina ry’Umukama wacu Yezu rininahazwe biciye kuri mwebwe, namwe mwunge ubumwe na we, bivuye ku buntu buhebuje bw’Imana yacu n’ubw’Umukama Yezu Kristu.

Utujambo tw'epfo

Yitwa kandi Silasi.
Canke «mu makuba.»
Canke «muriko murihanganira.»