Abatesalonika ba kabiri 2:1-17

  • Wa mugarariji (1-12)

  • Muhagarare mushikamye (13-17)

2  Ariko ku bijanye n’igihe c’ukugaruka* kw’Umukama wacu Yezu Kristu+ be n’ugukoranirizwa hamwe ngo tube kumwe na we+, turabasavye bavukanyi  ngo ivyiyumviro vyanyu ntibihungabane* ningoga canke ngo muhagarike umutima kubera amajambo ahumetswe*+ canke ubutumwa bwo ku munwa canke ikete risa n’irivuye iwacu, bivuga ko umusi wa Yehova*+ umaze gushika.  Ntihagire uwubazimiza* mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoza hatabanje kuba kwa guheba Imana*+ na wa mugarariji+ agahishurwa, wa mwana wo kuranduka+.  Ni umwansi kandi yishira hejuru y’icitwa imana cose canke ikintu gisengwa, ku buryo yicara mu rusengero rw’Imana, akiyerekana ku mugaragaro ko ari imana.  Ntimwibuka yuko ivyo bintu nahora ndabibabwira nkiri kumwe namwe?  Kandi ubu murazi uwubera intambamyi uwo mugarariji kugira ngo azohishurwe mu gihe ciwe.  Ego ni ko, ububasha bw’amayobera bw’uwo mugarariji buramaze gutangura gukora+, mugabo ni gushika uwumubereye intambamyi muri iki gihe avuyeho.  Nya mugarariji azoheza ahishurwe vy’ukuri, Umukama Yezu akaba azomukuzaho impwemu iva mu kanwa kiwe+, amuhindure ubusa igihe azokwerekana+ ko yagarutse*.  Mugabo uwo mugarariji ariho kubera ububasha bwa Shetani+, kandi akora ubwoko bwose bw’ibikorwa vy’ububasha n’ibimenyetso vy’ububeshi be n’ibitangaza vy’ububeshi+, 10  agakoresha n’ibintu vyose bitagororotse ngo ahende+ abariko baja mu mahonero. Iyo ni yo mpembo yabo kubera ko banse gukunda ukuri ngo bakizwe. 11  Ni co gituma Imana ireka bakazimizwa n’ibinyoma kugira bemere amajambo y’ububeshi+ 12  maze bose bacirwe urubanza kubera batemeye ukuri, mugabo bagahimbarirwa ibitagororotse. 13  Ariko ntitworeka kwama dushimira Imana ku biberekeye, yemwe bavukanyi bakundwa na Yehova*, kuko Imana yabarobanuye+ guhera mu ntango kugira muronke ubukiriro. Ivyo yabigize mu kubeza+ biciye ku mpwemu yayo no kubera mwizera ukuri. 14  Ivyo ni vyo yabahamagariye biciye ku nkuru nziza tumenyesha, kugira ngo muronke ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu+. 15  Nuko rero bavukanyi, muhagarare mushikamye+ kandi mugumye ivyo* mwigishijwe+ biciye ku butumwa bwo ku munwa canke kw’ikete ryacu. 16  Vyongeye, Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe be n’Imana ari yo Data wa twese, yadukunze+ ikaduha uruhoza rw’ibihe bidahera n’icizigiro ciza+ biciye ku buntu buhebuje*, 17  bahoze imitima yanyu bongere batume mushikama* ngo mugume mukora ivyiza, mu mvugo no mu ngiro.

Utujambo tw'epfo

Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Canke «ntibinyiganyizwe.»
Canke «kubera impwemu.» Raba Insiguro y’amajambo (Impwemu).
Canke «uwubaryosharyosha.»
Mu kigiriki havuga ngo «bwa buhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Canke «azokwerekana ko ari ho ari.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Mu kigiriki havuga ngo «imigenzo.»
Canke «babakomeze.»