Ngoma za kabiri 17:1-19

  • Yehoshafati, umwami w’Ubuyuda (1-6)

  • Isekeza ryo kwigisha (7-9)

  • Ingabo za Yehoshafati (10-19)

17  Umuhungu wiwe Yehoshafati+ atangura kuganza mu kibanza ciwe, araheza akomeza ubutegetsi bwiwe muri Isirayeli.  Ashira abasoda mu bisagara vyose vyo mu Buyuda bikingijwe ibihome, ashira n’ibirindiro mu Buyuda no mu bisagara vyo mu karere ka Efurayimu se Asa yari yarafashe+.  Yehova agumana na Yehoshafati kuko yakurikira akarorero* ka sekuruza Dawidi+, ntakurikire za Bayali.  Yararondera Imana ya se+ agakurikiza amabwirizwa yayo*, ntakore nk’ivyo Abisirayeli bakora+.  Yehova abandanya gukomeza ubwami+ bwa Yehoshafati. Abo mu Buyuda bose baguma bamuzanira ingabire. Nuko aratunga cane agira n’icubahiro cinshi+.  Yehoshafati agira umutima rugabo agendera mu nzira za Yehova, atako akura mu Buyuda ibibanza vyo gusengeramwo*+ n’inkingi nyeranda z’ibiti*+.  Mu mwaka ugira gatatu ari umwami, atumako abatware biwe ari bo Beni-Hayili, Obadiya, Zakariya, Netaneli na Mikaya kugira ngo bigishe mu bisagara vyo mu Buyuda.  Bari kumwe n’aba Balewi: Shemaya, Netaniya, Zebadiya, Asaheli, Shemiramoti, Yehonatani, Adoniya, Tobiya na Tobi-Adoniya. Bari kumwe kandi n’abaherezi Elishama na Yehoramu+.  Batora igitabu c’amategeko ya Yehova+ batangura kwigisha mu Buyuda. Baraheza bazunguruka mu bisagara vyose vy’Ubuyuda bigisha abantu. 10  Maze ubwami bwose bwo mu bihugu bikikuje Ubuyuda butekerwa n’ubwoba buvuye kuri Yehova, ntibwatera Yehoshafati. 11  Abafilisitiya bama bazanira Yehoshafati ikori* ry’amahera n’ingabire. Abarabu na bo bamuzanira impfizi z’intama 7.700 n’amasuguru y’impene 7.700 babikuye mu masho yabo. 12  Yehoshafati aguma arushiriza gukomera+. Abandanya kwubaka mu Buyuda ibibanza bikingijwe ibihome+ n’ibisagara vyo kubikamwo ibintu+. 13  Akora ibintu vyinshi mu bisagara vy’Ubuyuda. Yari afise abasoda i Yeruzalemu, bakaba bari abarwanyi b’intwari. 14  Babagabuye hakurikijwe imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. Mu muryango wa Yuda hari abakuru batwara imigwi y’abantu 1.000. Umukuru yari Aduna, akaba yatwara abarwanyi b’intwari 300.000+. 15  Yagaba umukuru yitwa Yehohanani. Yehohanani yatwara abarwanyi 280.000. 16  Yagaba kandi Amasiya mwene Zikiri. Amasiya yaritanze ngo akorere Yehova, akaba yatwara abarwanyi b’intwari 200.000. 17  Mu muryango wa Benyamini+ hari umurwanyi w’intwari yitwa Eliyada. Yatwara abarwanyi 200.000 bitwaza inkinzo n’imiheto+. 18  Yagaba Yehozabadi. Yehozabadi yatwara abarwanyi 180.000 bafise ibirwanisho vy’intambara. 19  Abo bakorera umwami, hampande y’abo umwami yashize mu bisagara bikingijwe ibihome mu Buyuda hose+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «yagendera mu nzira za kera.»
Mu giheburayo havuga ngo «akagendera mw’ibwirizwa ryayo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).