Ngoma za kabiri 26:1-23

  • Uziya, umwami w’Ubuyuda (1-5)

  • Ubuhizi bwa Uziya mu vya gisirikare (6-15)

  • Uziya arwara imibembe kubera ubwibone (16-21)

  • Urupfu rwa Uziya (22, 23)

26  Abantu bose bo mu Buyuda baca bafata Uziya+ bamugira umwami mu kibanza ca se Amaziya. Ico gihe yari afise imyaka 16+.  Ni we yagaruje igisagara ca Eloti+ gisubira kwegukira Ubuyuda, yongera asubira kucubaka. Ivyo vyabaye inyuma y’aho umwami* apfiriye+.  Uziya+ yari afise imyaka 16 igihe yatangura kuganza, amara imyaka 52 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yekoliya, akaba yava i Yeruzalemu+.  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse cokimwe na se Amaziya+.  Igihe Zakariya yari akiriho, Uziya yagumye arondera Imana. Zakariya yamwigisha gutinya Imana y’ukuri. Yehova Imana y’ukuri yatumye Uziya atunganirwa muri ico gihe yamurondera+.  Yarateye Abafilisitiya+ amena uruzitiro rw’igisagara ca Gati+, urw’igisagara ca Yabune+ n’urw’igisagara ca Ashidodi+. Hanyuma yubaka ibisagara mu karere kegukira Ashidodi no mu tundi turere tw’Abafilisitiya.  Imana y’ukuri ibandanya kumufasha kurwanya Abafilisitiya, Abarabu+ baba i Guribayali n’Abamewunimu.  Abamoni+ batangura guha ikori* Uziya. Yahavuye aba rurangiranwa gushika mu Misiri, kuko yari asigaye akomeye bimwe bidasanzwe.  Vyongeye, Uziya yubaka iminara+ i Yeruzalemu, iruhande y’irembo ryo mu mfuruka+, iruhande y’irembo ryo ku mubande+ n’iruhande y’ahitwa ku rwego, arayikomeza. 10  Yubaka n’iminara+ mu bugaragwa yongera yimba* ibinogo vyinshi vy’amazi (kuko yari afise ibitungwa vyinshi). Agira gutyo no mu karere ka Shefela no mu kiyaya*. Yari afise abarimyi n’abakorera mu mirima y’imizabibu mu misozi n’i Karumeli kuko yakunda uburimyi. 11  Vyongeye, Uziya yahavuye agira ingabo zifise ibirwanisho bikwiye. Izo ngabo zaraja kugaba ibitero ziri mu migwi. Umunyamabanga+ Yeyeli n’umukuru Mayaseya ni bo baharuye izo ngabo bongera barazandika+. Bari bahagarikiwe n’umwe mu ntwazangabo z’umwami yitwa Hananiya. 12  Abo barwanyi b’intwari bari bahagarikiwe n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. Abo bakuru bose hamwe bari 2.600. 13  Ingabo bari bahagarikiye zari zigizwe n’abagabo 307.500 biteguriye urugamba. Zari ingabo zikomeye cane zafasha umwami kwivuna umwansi+. 14  Izo ngabo zose yazironkeje inkinzo, amacumu+, inkofero, amakoti y’ivyuma+, imiheto n’amabuye bateresha umugozi+. 15  Vyongeye, akora i Yeruzalemu ivyuma vy’intambara vyatunganijwe n’abahinga. Babishize ku minara+ no mu mfuruka z’uruzitiro, bikaba vyarasa imyampi n’amabuye maninimanini. Nuko aba rurangiranwa mu mihingo yose kuko yafashijwe mu buryo budasanzwe, arahava arakomera cane. 16  Ariko akimara gukomera, umutima wiwe ugira ubwibone, bimukwegera akarambaraye. Yarahemukiye Yehova Imana yiwe, yinjira mu rusengero rwa Yehova guturira imibavu ku gicaniro c’imibavu+. 17  Ubwo nyene umuherezi Azariya n’abaherezi 80 ba Yehova b’umutima rugabo baca barinjira baramukurikira. 18  Bahangana n’umwami Uziya bamubwira bati: «Ewe Uziya, guturirira imibavu Yehova+ si igikorwa cawe. Abaherezi ni bo bonyene barekuriwe guturira imibavu kuko bakomoka kuri Aroni+ kandi Imana ikaba yarabejeje. Sohoka uve aha hantu heranda kuko wahemutse, kandi nta cubahiro biguhesha kuri Yehova Imana.» 19  Mugabo Uziya aca arashavura cane+. Yari afise agapanu batuririramwo imibavu, agira ayiturire. Muri uwo mwanya yari agishavuriye abaherezi, imibembe+ isesa mu ruhanga rwiwe aho nyene imbere y’abaherezi, mu nzu ya Yehova hafi y’igicaniro c’imibavu. 20  Umukuru w’abaherezi Azariya n’abaherezi bose bahindukiye bakamuraba, babona yafashwe n’imibembe mu ruhanga. Nuko baranyaragasa bamukura ng’aho, na we nyene yihutira gusohoka, kuko Yehova yari yamuhanye. 21  Umwami Uziya yagumye arwaye imibembe gushika apfuye. Yagumye aba mu nzu ya wenyene kubera iyo mibembe+. Ntiyari yemerewe kuja mu nzu ya Yehova. Umuhungu wiwe Yotamu ni we yaraba ivyo ku kirimba*, agatunganiriza abanyagihugu+. 22  Ibisigaye ku vyerekeye Uziya, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe n’umuhanuzi Yesaya+ mwene Amozi. 23  Maze Uziya arapfa, bamuhamba hamwe na ba sekuruza. Mugabo bamushize ukwiwe mw’itongo bahambamwo abami, kuko bavuga bati: «Ni umunyamibembe.» Umuhungu wiwe Yotamu+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Utujambo tw'epfo

Ni ukuvuga se Amaziya.
Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).
Canke «mw’itaba.»
Ashobora kuba yimvye mu rutare.
Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’umwami.»