Ngoma za kabiri 29:1-36

  • Hezekiya, umwami w’Ubuyuda (1, 2)

  • Ivyo Hezekiya yahinduye (3-11)

  • Bahumanura urusengero (12-19)

  • Basubizaho ibikorwa vyo ku rusengero (20-36)

29  Hezekiya+ yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 29 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Abiya, akaba yari umukobwa wa Zakariya+.  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse+, nka sekuruza Dawidi+.  Mu mwaka wa mbere ari umwami, mu kwezi kwa mbere, yaruguruye imiryango y’inzu ya Yehova, arayisanasana+.  Maze atumako abaherezi n’Abalewi, abakoraniriza mu kibanza co hanze kiri amaja mu buseruko.  Ababwira ati: «Nimunyumvirize yemwe Balewi. Nimwiyeze+, mweze n’inzu ya Yehova Imana ya ba sogokuruza maze mukure ibintu bihumanye ahantu heranda+.  Kuko ba data bahemutse bagakora ivyo Yehova Imana yacu abona ko ari bibi+. Baramuhevye, ntibaba bakiraba ihema ryeranda rya Yehova, bamutera ibitugu+.  Kandi barugaye imiryango y’ibaraza+, bazimya n’amatara+. Bararetse guturirira imibavu+ Imana ya Isirayeli no kuyishikanira ibimazi biturirwa+ mu kibanza ceranda.  Ni co gituma Yehova yashavuriye abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+, akabateza ivyago ku buryo ababitegereza bajorerwa bakumirwa, bakavuza agahwa*, nk’uko muvyibonera n’amaso yanyu+.  Ni yo mpamvu ba sogokuruza bacu bishwe n’inkota+, abahungu bacu n’abakobwa bacu n’abagore bacu bakajanwa kugirwa imbohe+. 10  Ubu rero nipfuza kugirana isezerano na Yehova Imana ya Isirayeli+, kugira ngo ishavu ryiwe rirurumba rituveko. 11  Bana banje, ubu si igihe co kwiraramira*, kuko Yehova yabatoye ngo muhagarare imbere yiwe kugira ngo mumukorere+, mumushikanire n’ibimazi+, bifumbe umwotsi.» 12  Abalewi baca bava hasi ngo bakore. Mu Bakohati+ hari Mahati mwene Amasayi na Yoweli mwene Azariya. Mu Bamerari+ hari Kishi mwene Abudi na Azariya mwene Yehaleleli. Mu Bagerushoni+ hari Yowa mwene Zima na Edeni mwene Yowa. 13  Muri bene Elizafani hari Shimuri na Yehuweli. Muri bene Asafu+ hari Zakariya na Mataniya. 14  Muri bene Hemani+ hari Yehiyele na Shimeyi. Muri bene Yedutuni+ na ho hari Shemaya na Uziyeli. 15  Maze bakoraniriza hamwe benewabo, bariyeza hanyuma baza guhumanura inzu ya Yehova+, nk’uko umwami yabibategetse abitumwe na Yehova. 16  Nuko abaherezi binjira mu nzu ya Yehova ngo bayihumanure. Baca basohora ibintu vyose bihumanye basanze mu rusengero rwa Yehova, babishira mu kigo+ c’inzu ya Yehova. Abalewi na bo barabitora barabisohora, babijana ku mwonga Kidironi+. 17  Batanguye kweza urusengero ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, maze ku musi ugira umunani w’ukwo kwezi bashika kw’ibaraza rya Yehova+. Bamaze imisi umunani beza inzu ya Yehova, barangiza ku musi ugira 16 w’ukwezi kwa mbere. 18  Inyuma y’ivyo baja kuraba umwami Hezekiya bamubwira bati: «Twahumanuye inzu ya Yehova yose n’igicaniro c’amashikanwa aturirwa+ be n’ibikoresho vyaco vyose+. Twahumanuye n’imeza y’imikate igerekeranye*+ be n’ibikoresho vyayo vyose. 19  Ibikoresho vyose umwami Ahazi yari yarakuye mu rusengero ku ntwaro yiwe igihe yahemuka+, twabiteguye twongera turavyeza+. Biri imbere y’igicaniro ca Yehova.» 20  Umwami Hezekiya avyuka kare, maze akoranya abatware b’igisagara hanyuma baduga ku nzu ya Yehova. 21  Bazana impfizi z’inka indwi, impfizi z’intama indwi, imyagazi y’intama indwi y’amasuguru, n’amasuguru indwi y’impene, ngo batangire ishikanwa ry’igicumuro ab’i bwami*, aheranda n’Ubuyuda+. Nuko abwira abaherezi bakomoka kuri Aroni ngo babishikanire ku gicaniro ca Yehova. 22  Bakerera izo nka+ maze abaherezi bafata amaraso yazo bayamijagira ku gicaniro+. Hanyuma bakerera impfizi z’intama, bamijagira amaraso yazo ku gicaniro. Bakerera na ya myagazi y’intama y’amasuguru, bamijagira amaraso yayo ku gicaniro. 23  Baca bafata ya masuguru y’impene y’ishikanwa ry’igicumuro bayazana imbere y’umwami n’ishengero, bayarambikako ibiganza. 24  Nuko abaherezi barayakerera, bayatanga nk’ishikanwa ry’igicumuro, baca bafata amaraso yayo bayamijagira ku gicaniro kugira Abisirayeli bose bakurweko ibicumuro*. Ivyo babigize kuko umwami yari yavuze ko Abisirayeli bose batangirwa ishikanwa riturirwa n’ishikanwa ry’igicumuro. 25  Muri uwo mwanya, ashira Abalewi mu nzu ya Yehova, bafise ivyuma bisama n’ibicurarangisho vy’imirya n’inanga+. Yabigize akurikije ivyashinzwe na Dawidi+, n’umuhanuzi Gadi+ yamenyesha umwami ivyo Imana yamweretse be n’umuhanuzi Natani+, kuko iryo tegeko ryatanzwe na Yehova biciye ku bahanuzi biwe. 26  Abalewi bari bahagaze bafise ibicurarangisho vya Dawidi, abaherezi na bo bafise inzumbete+. 27  Maze Hezekiya ategeka ko bashikana ikimazi giturirwa ku gicaniro+. Bagitangura gushikana ico kimazi, indirimbo ya Yehova ica iratangura. Inzumbete zirasamirana ziyobowe n’ibicurarangisho vya Dawidi umwami wa Isirayeli. 28  Igihe indirimbo yariko iraririmbwa, inzumbete na zo ziriko zirasamirana, ishengero ryose ryari ryunamye. Vyose vyagumye ukwo gushika bahejeje gutanga ishikanwa riturirwa. 29  Bakirangiza gutanga iryo shikanwa, umwami n’abari kumwe na we bose baca barunama bashika hasi. 30  Nuko umwami Hezekiya n’abatware baca babwira Abalewi ngo bashemeze Yehova bakoresheje amajambo y’indirimbo za Dawidi+ na Asafu+, umwe yavuga ivyo Imana yamweretse. Batangura rero kumushemeza banezerewe cane, barunama bashika hasi. 31  Hezekiya avuga ati: «Ko mwashizwe ku ruhande* ngo mukorere Yehova, nimwegere muzane ku nzu ya Yehova ibimazi n’amashikanwa yo gukenguruka.» Nuko ishengero ryose ritangura kuzana ibimazi n’amashikanwa yo gukenguruka, kandi uwo wese avyipfuza* azana amashikanwa aturirwa+. 32  Amashikanwa aturirwa ishengero ryazanye yari agizwe n’inka 70, impfizi z’intama 100 n’imyagazi y’intama 200 y’amasuguru. Ivyo vyose vyatanzwe nk’ishikanwa riturirwa rihabwa Yehova+. 33  Ayandi mashikanwa meranda batanze yari agizwe n’inka 600 n’intama 3.000. 34  Ariko abaherezi bari bahari babaye bake cane ku buryo batashoboye gukura inshato ku mashikanwa yose aturirwa. Benewabo b’Abalewi baciye babafasha+ gushika igikorwa kirangiye no gushika abandi baherezi bahejeje kwiyeza+, kuko Abalewi bari bitwararitse ivyo kwiyeza* gusumba abaherezi. 35  N’ikindi kandi, hariho amashikanwa aturirwa menshi+, ibihimba binuze vy’ibimazi vyo gusangira+ n’amashikanwa y’ikinyobwa ajana n’amashikanwa aturirwa+. Ukwo ni ko igikorwa co ku nzu ya Yehova casubijweho*. 36  Nuko Hezekiya n’abantu bose banezerezwa n’ivyo Imana y’ukuri yabakoreye+, n’ukuntu vyari vyabaye ningoga na ningoga.

Utujambo tw'epfo

Canke «bakabatwenga.»
Canke «kwiruhukira», «kwanjanjwa.»
Ni imikate y’ishikanwa.
Mu giheburayo havuga ngo «ubwami.»
Canke «batangirwe impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
Mu giheburayo havuga ngo «mwujuje ukuboko kwanyu.»
Canke «afise umutima ukunze.»
Mu giheburayo havuga ngo «bari bafise umutima ugororotse ku bijanye no kwiyeza.»
Canke «categuwe.»