Ngoma za kabiri 30:1-27

  • Hezekiya ahimbaza Pasika (1-27)

30  Hezekiya arungikira ubutumwa Abisirayeli bose+ n’abo mu Buyuda, yandikira n’amakete abo mu karere ka Efurayimu na Manase+, ngo baze ku nzu ya Yehova i Yeruzalemu kugira bahimbarize Pasika Yehova Imana ya Isirayeli+.  Ariko umwami, abatware biwe n’ishengero ryose ryari i Yeruzalemu bashimye guhimbaza Pasika mu kwezi kugira kabiri+.  Ntibashoboye kuyihimbaza ku musi bari basanzwe bayihimbarizako+, kubera ko ata baherezi bakwiye bari biyejeje+, n’abantu bakaba batari bakoraniye i Yeruzalemu.  Nuko umwami n’ishengero ryose babona ko ari vyiza kubigenza gutyo.  Bafata rero ingingo yo kumenyesha abantu muri Isirayeli yose, kuva i Beri-Sheba gushika i Dani+, yuko bakwiye kuza guhimbariza Pasika Yehova Imana ya Isirayeli i Yeruzalemu, kuko batari bayihimbarije hamwe nk’uko vyanditswe mu mategeko+.  Nuko abajejwe gutwara amakete* bakwira muri Isirayeli yose no mu Buyuda batwaye amakete avuye ku mwami n’abatware biwe nk’uko umwami yari yabibategetse. Bagenda bavuga bati: «Yemwe Bisirayeli, nimugaruke kuri Yehova Imana ya Aburahamu na Izahaki na Isirayeli, kugira namwe abagarukeko mwebwe abasigaye mwarokotse ibitero vy’abami ba Ashuri+.  Ntimube nka ba sogokuruza banyu na benewanyu bahemukiye Yehova Imana ya ba sekuruza, bigatuma abateza ivyago ku buryo ababitegereza bajorerwa, nk’uko muvyibonera+.  Ntimube intagondwa nka ba sogokuruza banyu+. Nimuyobokere Yehova, muze aheranda hiwe+ yejeje gushika ibihe vyose, maze mukorere Yehova Imana yanyu kugira ngo ishavu ryiwe rirurumba ribaveko+.  Nimwagaruka kuri Yehova, benewanyu n’abana banyu bazogirirwa akagongwe n’ababagize imbohe+ babareke bagaruke muri iki gihugu+, kuko Yehova Imana yanyu afise impuhwe* n’imbabazi+. Nimwamugarukako ntazobaheba*+ 10  Nuko abajejwe gutwara amakete* bava mu gisagara baja mu kindi mu karere kose ka Efurayimu n’aka Manase+, bashika no mu karere ka Zabuloni. Mugabo abantu baguma babatwenga bongera babashinyagurira+. 11  Ariko abantu bamwebamwe bo mu muryango wa Asheri, uwa Manase n’uwa Zabuloni baricishije bugufi baraza i Yeruzalemu+. 12  Imana y’ukuri yarafashije kandi abo mu Buyuda bahuza inama*, kugira bakurikize ivyo umwami n’abatware bari bategetse bivuye kuri Yehova. 13  Mu kwezi kugira kabiri+, abantu benshi bakoranira i Yeruzalemu kugira bahimbaze umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+. Ryari isinzi rinini cane. 14  Bava hasi bakuraho ibicaniro vyari i Yeruzalemu+, bakuraho n’ibicaniro vyose vy’imibavu+, baraheza babita mu mwonga Kidironi. 15  Maze bakerera ibitungwa vy’ikimazi ca Pasika ku musi ugira 14 w’ukwezi kugira kabiri. Abaherezi n’Abalewi baramaramaye bituma biyeza, bazana amashikanwa aturirwa ku nzu ya Yehova. 16  Nuko baja mu bibanza basanzwe bakoreramwo bisunze amategeko ya Musa wa muntu w’Imana y’ukuri. Maze abaherezi bamijagira ku gicaniro amaraso+ bahawe n’Abalewi. 17  Kubera ko muri iryo shengero ryari ng’aho hari benshi batari biyejeje, Abalewi bahawe igikorwa co gukerera ibitungwa vy’ikimazi ca Pasika ku bw’abari bahumanye bose+ kugira ngo babeze, Yehova abone ko ari beranda. 18  Abantu benshi, na canecane abo mu muryango wa Efurayimu, uwa Manase+, uwa Isakari n’uwa Zabuloni, ntibari bihumanuye. Mugabo barariye Pasika kandi bitemewe n’amategeko. Ariko Hezekiya yarabasengeye, avuga ati: «Ewe Yehova Mana nziza+, girira ikigongwe 19  uwo wese yateguye umutima wiwe kugira akurondere wewe Yehova Imana y’ukuri+, Imana ya ba sekuruza biwe, naho atihumanuye ngo abe mweranda nk’uko bisabwa+ 20  Nuko Yehova yumvira Hezekiya, ababarira* abo bantu. 21  Abisirayeli bari i Yeruzalemu bamara imisi indwi bahimbaza umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+, banezerewe cane+. Abalewi n’abaherezi baguma bashemeza Yehova uko bukeye uko bwije. Bashemeza Yehova bavuza ibicurarangisho vyabo n’ijwi rirenga+. 22  Vyongeye, Hezekiya aremesha Abalewi* bose bariko bakorera Yehova babigiranye ubukerebutsi*. Abantu bose bamaze imisi indwi y’uyo musi mukuru barya+, bashikana ibimazi vyo gusangira+ bongera bashimira Yehova Imana ya ba sekuruza. 23  Abagize iryo shengero bose bafata ingingo yo kumara iyindi misi indwi bahimbaza uwo musi mukuru. Nuko bamara iyo misi indwi bawuhimbaza banezerewe+. 24  Hezekiya umwami w’Ubuyuda aterera impfizi z’inka 1.000, aterera n’intama 7.000 ku bw’ishengero, abatware na bo baterera impfizi z’inka 1.000 be n’intama 10.000+. Nayo abaherezi baguma biyeza ku bwinshi+. 25  Abantu bose bo mu Buyuda, abaherezi, Abalewi, abaje bava muri Isirayeli bose+ be n’abanyamahanga+ baje bava muri Isirayeli no mu Buyuda, babandanya kunezerwa. 26  Haba umunezero mwinshi i Yeruzalemu, kuko kuva mu gihe ca Salomo umuhungu wa Dawidi umwami wa Isirayeli, hatari bwigere haba ikintu nk’ico i Yeruzalemu+. 27  Amaherezo Abalewi b’abaherezi bava hasi bahezagira abantu+. Imana yumva ijwi ryabo, maze isengesho ryabo rishika mw’ijuru ahantu heranda iba.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «abirutsi.»
Canke «ubuntu.»
Canke «ntazobakurako amaso.»
Mu giheburayo havuga ngo «abirutsi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibaha umutima umwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «akiza.»
Mu giheburayo havuga ngo «abwira umutima w’Abalewi.»
Canke «ukwiyubara.»