Ngoma za kabiri 33:1-25

  • Manase, umwami w’Ubuyuda (1-9)

  • Manase yigaya ibibi yakoze (10-17)

  • Urupfu rwa Manase (18-20)

  • Amoni, umwami w’Ubuyuda (21-25)

33  Manase+ yari afise imyaka 12 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 55 aganza i Yeruzalemu+.  Yakoze ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana imigenzo ishisha y’amahanga Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli+.  Yasubiye kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana* se Hezekiya yari yarasenyuye+, yubakira za Bayali ibicaniro yongera ahingura inkingi nyeranda z’ibiti*, yunamira n’ingabo zose zo kw’ijuru* arazisenga*+.  Yarubatse n’ibicaniro mu nzu ya Yehova+ kandi ku vyerekeye iyo nzu, Yehova yari yaravuze ati: «I Yeruzalemu ni ho hazokwama hitirirwa izina ryanje+  Yarubakiye ibicaniro n’ingabo zose zo kw’ijuru, avyubaka mu bigo bibiri vy’inzu ya Yehova+.  Yaranaturiye abahungu biwe bwite abatangako ikimazi*+ mu mubande wa mwene Hinomu+, akora ivy’amageza+, araraguza, aja mu vy’uburozi, ashiraho abakora ivyo guhanuza abapfuye*, ashiraho na ba rumenyi+. Akora ku rugero runini ivyo Yehova abona ko ari bibi, kugira ngo amubabaze.  Vyongeye, igishusho yari yahinguye agishira mu nzu y’Imana y’ukuri+, kandi Imana yari yarabwiye Dawidi n’umuhungu wiwe Salomo ku bijanye n’iyo nzu iti: «Muri iyi nzu no mu gisagara ca Yeruzalemu natoye mu miryango yose ya Isirayeli, hazokwama hitirirwa izina ryanje+.  Kandi sinzokwongera gukura Abisirayeli mu gihugu nahaye ba sekuruza, nibakurikiza neza amabwirizwa yose nabahaye, bakisunga amategeko yose, ni ukuvuga ivyagezwe vyanje n’ingingo nashinze, ivyo nabahaye biciye kuri Musa.»  Manase yagumye yosha nabi abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu, atuma bakora ibibi biruta ivyakorwa n’amahanga Yehova yazimanganije igihe Abisirayeli binjira mu gihugu+. 10  Yehova yaguma aburira Manase n’abanyagihugu, mugabo ntibumve+. 11  Nuko Yehova atuma abakuru b’ingabo z’umwami wa Ashuri babatera. Maze Manase bamufatisha ingobe*, bamubohesha amapingu abiri y’umujumpu hanyuma bamujana i Babiloni. 12  Ageze mu marushwa, atakambira Yehova Imana yiwe, aguma yicisha bugufi cane imbere y’Imana ya ba sekuruza. 13  Aguma asenga Imana, na yo igira akagongwe kubera ugutabaza kwiwe. Yumva ugutakamba kwiwe, iraheza imusubiza i Yeruzalemu ku ntebe yiwe y’ubwami+. Maze Manase amenya ko Yehova ari we Mana y’ukuri+. 14  Inyuma y’ivyo, yubakira igisagara ca Dawidi+ uruhome rw’inyuma rurerure cane. Rwaca mu burengero bw’isoko ry’amazi Gihoni+ riri mu mwonga, rukagenda gushika kw’irembo ry’amafi+, rukazunguruka gushika i Ofeli+. Vyongeye, ashira abakuru b’ingabo mu bisagara vyose bikingijwe ibihome vyo mu Buyuda. 15  Aca akura mu nzu ya Yehova imana z’inyamahanga na ca gishusho c’ikigirwamana+, n’ibicaniro vyose yari yarubatse ku musozi w’inzu ya Yehova+ n’i Yeruzalemu, araheza ategeka ko babita hanze y’igisagara. 16  N’ikindi kandi, asanura igicaniro ca Yehova+ maze atangura kugishikanako ibimazi vyo gusangira+ n’ibimazi vyo gukenguruka+. Hanyuma abwira abo mu Buyuda gukorera Yehova Imana ya Isirayeli. 17  Yamara abantu bari bagishikanira ibimazi mu bibanza basengeramwo naho babishikanira gusa Yehova Imana yabo. 18  Nayo ibisigaye ku vyerekeye Manase, ni ukuvuga isengesho yatuye Imana yiwe, n’ivyo abavuga ivyo beretswe n’Imana bamubwiye mw’izina rya Yehova Imana ya Isirayeli, vyanditswe mu nkuru zivuga ivy’abami ba Isirayeli. 19  Vyongeye, isengesho ryiwe+, ukuntu Imana yumvise ugutabaza kwiwe, ibicumuro vyose yakoze n’ingene yahemutse+, ahantu yatunganije ibibanza vyo gusengeramwo akahashinga inkingi nyeranda z’ibiti+ n’ibishusho bibajwe imbere y’uko yicisha bugufi, vyanditswe mu vyavuzwe n’abamubwira ivyo beretswe n’Imana. 20  Nuko Manase arapfa bamuhamba iwe. Maze umuhungu wiwe Amoni atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 21  Amoni+ yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka ibiri aganza i Yeruzalemu+. 22  Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nka se Manase+. Yarashikaniye ibimazi ibishusho bibajwe vyose se wiwe Manase yari yarakoze+, aguma abisenga*. 23  Mugabo Amoni ntiyicishije bugufi imbere ya Yehova+ nka se Manase+. Ahubwo yarongereje cane ibicumuro vyiwe. 24  Mu nyuma abasuku biwe bategura umugambi wo kumugirira nabi+, maze bamwicira mu nzu iwe. 25  Mugabo abanyagihugu bica abantu bose bari muri uwo mugambi wo kwica umwami Amoni+, maze bimika umuhungu wiwe Yosiya+ ngo aganze mu kibanza ciwe.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Izo ngabo ni izuba, ukwezi, inyenyeri n’ibindi bisyo vyo mu kirere.
Mu giheburayo havuga ngo «arazikorera.»
Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).
Mu giheburayo havuga ngo «yaracishije mu muriro abahungu biwe.»
Ingobe ni ivyuma vyigonze nk’igera. Hashobora kandi kuvugwa ngo «bamufatira mu myobo.»
Mu giheburayo havuga ngo «abikorera.»