Ngoma za kabiri 8:1-18

  • Ibindi Salomo yubatse (1-11)

  • Atunganya ibijanye no gusenga ku rusengero (12-16)

  • Amato ya Salomo (17, 18)

8  Salomo yamaze imyaka 20 yubaka inzu ya Yehova n’ikirimba* ciwe+.  Inyuma y’ivyo yaciye asubira kwubaka ibisagara Hiramu+ yari yaramuhaye maze abishiramwo Abisirayeli.  Vyongeye Salomo aja gutera i Hamati-Zoba, arahafata.  Maze akomeza* igisagara ca Tadumori cari mu bugaragwa be n’ibisagara vyose yari yarubatse i Hamati+ vyo kubikamwo ibintu+.  Akomeza n’igisagara ca Beti-Horoni ya Ruguru+ n’ica Beti-Horoni y’Epfo+, biba ibisagara bikingijwe ibihome, bifise amarembo n’ivyugazo.  Salomo akomeza n’igisagara ca Bayalati+, ibisagara vyiwe vyose vyo kubikamwo ibintu, ibisagara vyose vyo kubikamwo imikogote+ n’ibisagara vy’abagendera ku mafarasi. Yubaka n’ivyo yipfuza kwubaka vyose i Yeruzalemu, i Libani n’ahandi hose mu gihugu yaganza.  Hari abantu batari abo mu Bisirayeli bari basigaye mu gihugu. Bari Abaheti, Abamori, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+.  Abakomotse kuri abo bantu bari basigaye mu gihugu, Abisirayeli ntibari barabatikije+. Abo ni bo Salomo yakoresheje ibikorwa vy’agahato, abagira abashumba gushika n’uyu musi+.  Ariko mu Bisirayeli nta n’umwe Salomo yagize umushumba amukorera+. Bobo yabagize abarwanyi, abakuru b’ibisongerezi vyiwe, abakuru b’abatwara imikogote n’abakuru b’abagendera ku mafarasi+. 10  Umwami Salomo yari afise abakuru 250 bajejwe abahagarikira ibikorwa. Ni bo batwara abakozi+. 11  Salomo akura umukobwa wa Farawo+ mu gisagara ca Dawidi, amuzana mu nzu yamwubakiye+. Yabigize kuko yavuze ati: «Naho ari umugore wanje, ntakwiye kuba mu nzu ya Dawidi umwami wa Isirayeli, kuko ibibanza isandugu ya Yehova yashitsemwo ari vyeranda+ 12  Maze Salomo ashikanira Yehova ibimazi biturirwa+ ku gicaniro+ ca Yehova yari yarubatse imbere y’ibaraza+. 13  Yarakurikiza urutonde rwa buri musi, agatanga amashikanwa yatangwa ku masabato+, ku mboneko z’ukwezi+ no ku misi mikuru itatu yaba buri mwaka+, ari yo y’iyi: umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+, umusi mukuru w’amayinga+ n’umusi mukuru w’insago*+. Yabigira akurikije ibwirizwa rya Musa. 14  Vyongeye, ashiraho imigwi y’abaherezi+ ku bw’ibikorwa vyo ku rusengero yisunze ivyo se Dawidi yashinze. Ashinga n’Abalewi ibikorwa kugira ngo bazoze barashemeza Imana+ bongere bayikorere bari kumwe n’Abaherezi nk’uko vyagirwa buri musi. Ashiraho n’imigwi y’abarinzi b’amarembo bo kurinda amarembo+ atandukanye. Ivyo yabigize akurikije ivyo wa muntu w’Imana y’ukuri Dawidi yategetse. 15  Ntibarenze ku vyo umwami yategetse abaherezi n’Abalewi ku vyerekeye ibigega canke ikindi kintu ico ari co cose. 16  Ibikorwa vyose Salomo yakoze vyari bitunganijwe neza*, kuva umusi yashinga umushinge w’inzu ya Yehova+ gushika iheze. Nuko inzu ya Yehova irarangira+. 17  Mu nyuma Salomo aja i Eziyoni-Geberi+ n’i Eloti+, ku nkengera y’ikiyaga, mu gihugu ca Edomu+. 18  Hiramu+ yaramurungikira amato* n’abantu bamenyereye cane ikiyaga, biciye ku basuku biwe. Baraja i Ofiri+ bari kumwe n’abasuku ba Salomo, bakagaruka bazaniye umwami Salomo italanto* 450 z’inzahabu+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Canke «asubira kwubaka.»
Canke «vyararangiye.»
Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.