Yohani wa kabiri 1:1-13

  • Indamutso (1-3)

  • Mubandanye kugendera mu kuri (4-6)

  • Mwiyubare ababeshi (7-11)

  • Umugambi wo kuza iwanyu be n’indamutso (12, 13)

 Jewe umukurambere*, ndakwandikiye wewe mukenyezi watowe hamwe n’abana bawe. Ndabakunda cane, kandi si jewe jenyene, n’abazi ukuri bose barabakunda.  Turabakunda kubera ukuri kuguma muri twebwe, kandi kuzogumana natwe ibihe vyose.  Tuzoronka ubuntu buhebuje*, imbabazi n’amahoro bivuye ku Mana Data no kuri Yezu Kristu Umwana wayo, turonke n’ukuri hamwe n’urukundo.  Ndanezerewe cane kuko namenye ko bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri+, nk’uko Data yabidutegetse.  Iki ni co ndagusavye rero mupfaso: nimuze tubandanye gukundana. (Sindakwandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ni iryo twaronse kuva mu ntango+.)  Iki ni co urukundo rusobanura: ni uko tubandanya kubaho twisunga amabwirizwa yiwe+. Iri ni ryo bwirizwa mwumvise kuva mu ntango: mutegerezwa kubandanya kubaho mwisunga urukundo.  Kuko ababeshi benshi badutse mw’isi+, bamwe batemera yuko Yezu Kristu yaje afise umubiri+. Umuntu mwene uyo ni we mubeshi kandi ni we antikristu*+.  Mwiyubare rero kugira ntimutakaze ibintu twabiriye akuya, ahubwo muronke impembo yuzuye+.  Umuntu wese arenga ku nyigisho za Kristu kandi ntazigumemwo, ntaba yunze ubumwe n’Imana+. Mugabo uwuguma muri izo nyigisho, aba yunze ubumwe na Data hamwe n’Umwana+. 10  Nihagira uwuza iwanyu atazanye izo nyigisho, ntimuze mumwakire mu mazu yanyu+ canke ngo mumuramutse. 11  Kuko uwumuramukije aba amushigikiye mu bikorwa vyiwe bibi. 12  Nari mfise ibintu vyinshi nshaka kubabwira, ariko sinshaka kuvyandika nkoresheje urupapuro n’irangi. Ahubwo nizigiye kuza iwanyu, mvugane namwe amaso mu yandi, kugira umunezero wanyu ube uwuzuye. 13  Abana ba mwenewanyu yatowe barakuramutsa.

Utujambo tw'epfo

Canke «umutama.»