Abacamanza 12:1-15

  • Amatati hagati ya Yefuta n’Abefurayimu (1-7)

    • «Vuga ngo Shiboleti!» (6)

  • Abacamanza Ibuzani, Eloni na Abudoni (8-15)

12  Abagabo b’i Efurayimu bakoranira hamwe, maze bajabuka baja i Zafoni*. Babwira Yefuta bati: «Kubera iki utadutumyeko ngo tujane kurwanya Abamoni+? Tugira tuguturirane n’inzu yawe.»  Mugabo Yefuta ababwira ati: «Twe n’abantu banje twari mu ntambara ikomeye n’Abamoni. Narabasavye muze kumfasha, mugabo ntimwaza kuntabara.  Aho mboneye ko mutaje kuntabara, naciye niheba* nja kurwanya Abamoni+, kandi Yehova yaramfashije kubatsinda. Kubera iki none uyu musi muje kundwanya?»  Yefuta aca akoranya abagabo bose b’i Gileyadi+ maze barwana n’Abefurayimu. Abagabo b’i Gileyadi banesha Abefurayimu kandi bahora babasuzugura ngo: «Mwebwe Abagileyadi muri akagwi gusa k’impunzi zo muri Efurayimu, naho muba mu karere ka Efurayimu n’aka Manase.»  Abagabo b’i Gileyadi batanga Abefurayimu gushika ku vyambu vya Yorodani+. Umwefurayimu ariko arahunga avuze ati: «Nimundeke njabuke», abagabo b’i Gileyadi baca bamubaza bati: «Uri Umwefurayimu?» Avuze ko atari we,  baca bamubwira bati: «Turagusavye uvuge ngo Shiboleti.» Ariko we yaca avuga ngo «Siboleti», kuko atashobora kuvuga neza iryo jambo. Baca bamufata bakamwicira aho ku vyambu vya Yorodani. Uwo musi hapfa Abefurayimu 42.000.  Yefuta Umunyagileyadi yamaze imyaka itandatu ari umucamanza muri Isirayeli. Hanyuma arapfa, bamuhamba mu gisagara yabamwo i Gileyadi.  Inyuma yiwe, Ibuzani w’i Betelehemu aba umucamanza muri Isirayeli+.  Yari afise abahungu 30 n’abakobwa 30. Abakobwa biwe abarungika kurongorwa mu yindi miryango, abahungu biwe na bo abasabira abageni 30 mu yindi miryango. Yamaze imyaka indwi ari umucamanza muri Isirayeli. 10  Maze Ibuzani arapfa, bamuhamba i Betelehemu. 11  Inyuma yiwe, Eloni Umuzabuloni aba umucamanza muri Isirayeli mu kiringo c’imyaka cumi. 12  Maze Eloni Umuzabuloni arapfa, bamuhamba i Ayaloni mu karere ka Zabuloni. 13  Inyuma yiwe, Abudoni mwene Hileli w’i Piratoni aba umucamanza muri Isirayeli. 14  Yari afise abahungu 40 n’abuzukuru 30 bagendera ku ndogobwa 70. Amara imyaka umunani ari umucamanza muri Isirayeli. 15  Maze Abudoni mwene Hileli w’i Piratoni arapfa, bamuhamba i Piratoni mu karere ka Efurayimu, ku musozi w’Abamaleki+.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bajabuka berekeza mu buraruko.»
Canke «nshira ubuzima bwanje mu kaga.»