Abacamanza 17:1-13

  • Ibigirwamana vya Mika n’umuherezi wiwe (1-13)

17  Hari umugabo yitwa Mika yaba mu karere k’imisozi ka Efurayimu+.  Umusi umwe abwira nyina wiwe ati: «Za feza 1.100 wabura ukavuma uwazitwaye numva, ni je ndazifise. Ni je nari nazitwaye.» Nyina aca amubwira ati: «Yehova aguhezagire mwana.»  Nuko asubiza nyina izo feza 1.100. Mugabo nyina amubwira ati: «Izi feza ntegerezwa kuziha* Yehova. Nshaka ko uzikoresha mu guhingura igishusho c’ikibazano n’igishusho gikoze mu cuma*+. Ngira ndazigusubize.»  Aca azisubiza nyina wiwe, maze nyina akuramwo ifeza 200 aziha umucuzi w’ifeza. Uwo mucuzi akora igishusho c’ikibazano n’igishusho gikoze mu cuma*, maze babishira mu nzu ya Mika.  Uwo mugabo Mika yari afise inzu y’ibigirwamana. Nuko akora impuzu yitwa efodi+ n’ibigirwamana vy’umuryango*+, aca agena* umwe mu bahungu biwe ngo amubere umuherezi+.  Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyo abona* ko bigororotse+.  Hari umusore yaba i Betelehemu+ mu Buyuda, akaba yava mu muryango wa Yuda*. Yari Umulewi+ amaze igihe gito abayo.  Nuko uwo musore ava mu gisagara ca Betelehemu mu Buyuda, aja kurondera aho yoba. Aragenda ashika ku rugo rwa Mika, mu karere k’imisozi ka Efurayimu+.  Maze Mika amubwira ati: «Uva he?» Amwishura ati: «Ndi Umulewi w’i Betelehemu mu Buyuda. Ndiko ndondera aho noba.» 10  Mika amubwira rero ati: «Niwigumire aha iwanje, umbere umujanama* n’umuherezi. Nzoza ndaguha ifeza cumi ku mwaka, n’umwambaro w’impuzu n’ivyo ufungura.» Uwo Mulewi aca arinjira mu nzu. 11  Uwo Mulewi aremera kubana n’uwo mugabo, aba nk’umwe mu bahungu biwe. 12  Mika agena* uwo Mulewi ngo amubere umuherezi+, araheza yibera mu rugo rwa Mika. 13  Mika aca avuga ati: «Ubu ndazi ko Yehova azongirira neza, kuko mfise umuherezi w’Umulewi.»

Utujambo tw'epfo

Canke «kuzeza ndazihe.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Mu giheburayo havuga ngo «yuzuza ukuboko.»
Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
Canke «yiyumvira.»
Bishobora kuba bisobanura gusa ko yaba mu Buyuda.
Mu giheburayo havuga ngo «data.»
Mu giheburayo havuga ngo «yuzuza ukuboko.»