Abacamanza 2:1-23

  • Umumarayika wa Yehova agabisha Abisirayeli (1-5)

  • Urupfu rwa Yosuwa (6-10)

  • Abacamanza bo gukiza Isirayeli (11-23)

2  Maze umumarayika wa Yehova+ ava i Gilugali+ aja i Bokimu, abwira Abisirayeli ati: «Narabakuye mu Misiri, ndabazana mu gihugu narahiye ko nzoha ba sokuruza banyu+. Kandi navuze nti: “Sinzokwigera ndenga kw’isezerano nagiranye namwe+.  Na mwebwe ntimuze mugirane isezerano n’ababa muri iki gihugu+ kandi muze musiturire hasi ibicaniro vyabo+.” Mugabo ntimwanyumviye+. Ivyo mwabikoreye iki?  Ni co gituma navuze kandi nti: “Sinzobomora ngo bababise+. Bazobabera umutego+, babakwegakwege ngo musenge imana zabo+.”»  Umumarayika wa Yehova akimara kubwira ayo majambo Abisirayeli bose, abantu baca bararira baraboroga.  Aho hantu baca bahita Bokimu*. Maze bahashikanira Yehova ibimazi.  Yosuwa amaze kurungika abantu, Umwisirayeli wese yaciye aja aho yatoranye kugira ngo ahigarurire+.  Abantu rero baguma bakorera Yehova mu gihe cose Yosuwa yamaze akiriho no mu gihe c’abashingantahe babandanije kubaho amaze gupfa. Abo bashingantahe bari barabonye ibintu vyose bikomeye Yehova yakoreye Abisirayeli+.  Maze Yosuwa mwene Nuni umusavyi wa Yehova arapfa. Yari afise imyaka 110+.  Bamuhamba mu gisagara yatoranye, ari co Timunati-Heresi+ kiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu, mu buraruko bw’umusozi Gashi+. 10  Abo mu gihe ca Yosuwa bose* barapfa*, maze inyuma yabo haruka abandi batari bazi Yehova n’ivyo yakoreye Isirayeli. 11  Abisirayeli rero bakora ivyo Yehova abona ko ari bibi, basenga* na za Bayali+. 12  Nuko baheba Yehova Imana ya ba sekuruza yari yarabakuye mu gihugu ca Misiri+. Bakurikira izindi mana, imana z’amahanga yari abakikuje+. Barazunamira, bababaza Yehova+. 13  Barahevye Yehova, batangura gusenga* Bayali n’ibishusho vya Ashitoreti+. 14  Yehova aca ashavurira cane Abisirayeli, bituma abakurako amaboko, abasahuzi barabasahura+. Abatanga* ku bansi bari babakikuje+. Abisirayeli ntibaba bagishobora abansi babo+. 15  Aho baja hose, Yehova yarabarwanya* akabateza ivyago+, bakamererwa nabi cane+. Yehova yabigize nk’uko yari yarabivuze, nk’uko nyene Yehova yari yarabibarahiye+. 16  Yehova yaraheza rero akabazanira abacamanza, bakabakiza ababasahura+. 17  Mugabo baranse kwumviriza n’abacamanza, basenga izindi mana*, barazunamira. Ntibatevye guta inzira ba sekuruza babo bagendeyemwo, kuko bobo bari baragamburutse amabwirizwa ya Yehova+. Mugabo abo Bisirayeli ntibagamburutse. 18  Igihe Yehova yaba abahaye umucamanza+, Yehova yaramufasha agakiza Abisirayeli abansi babo mu gihe cose uwo mucamanza yaba akiriho. Yehova yabigira kubera vyamutera akagongwe*+ kwumva amaborogo baborogeshwa n’ababacinyiza+ bakabafata nabi. 19  Ariko nya mucamanza apfuye, baca basubira gukora ibibi kuruta ba sekuruza, bagakurikira izindi mana, bakazisenga bakongera bakazunamira+. Ntibahevye ingeso zabo n’akagagazo kabo. 20  Yehova yahavuye rero ashavurira cane Abisirayeli+ maze avuga ati: «Kubera ko iri hanga ryahonyanze isezerano+ nategetse ba sekuruza babo kwubahiriza, rikanka kunyumvira+, 21  nanje nta hanga na rimwe nzokwomora mu mahanga Yosuwa yasize igihe yapfa+. 22  Ni ukugira ngo ngeze Abisirayeli, ndabe ko bazoguma bagendera mu nzira jewe Yehova nabashingiye+, nk’uko ba sekuruza babigize.» 23  Ni co gituma Yehova yaretse ayo mahanga. Ntiyihutiye kuyomora kandi ntiyafashije Yosuwa kuyanesha.

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «abantu barira.»
Mu giheburayo havuga ngo «iryo yaruka ryose.»
Mu giheburayo havuga ngo «baryama hamwe na ba sekuruza.»
Canke «bakorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «gukorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «abagurisha.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kwa Yehova kwarabarwanya.»
Canke «bakorana ubumaraya n’izindi mana.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Canke «kubera yicuza.»