Abacamanza 20:1-48

  • Intambara yo kurwanya Ababenyamini (1-48)

20  Nuko Abisirayeli bose, kuva mu karere ka Dani+ gushika i Beri-Sheba no mu karere ka Gileyadi+, baraza maze ishengero ryose rikoranira hamwe* imbere ya Yehova i Mizipa+.  Abatware na bo nyene, ari bo bakuru b’imiryango ya Isirayeli, bari mw’ishengero ry’abantu b’Imana. Hari abasoda 400.000 barwanisha inkota+.  Ababenyamini bumva ko Abisirayeli bari baduze i Mizipa. Maze Abisirayeli babaza bati: «Tubwire: vyagenze gute ngo habe ico kintu c’agahomerabunwa+  Wa Mulewi+, ni ukuvuga umugabo wa wa mugore yicwa, yishura ati: «Twe n’incoreke yanje, twashitse i Gibeya+ mu karere ka Benyamini kugira tuharare.  Nuko mw’ijoro ababa* i Gibeya barampagurukira, bakikuza inzu narimwo. Ni je bashaka kwica, mugabo baciye bafata ku nguvu incoreke yanje maze arapfa+.  Naciye ndamufata ndamukatagura, ibihimba vyiwe ndabirungika mu turere twose twa Isirayeli+. Nabigize kuko bakoze ikintu c’akamaramaza kandi giteye isoni muri Isirayeli.  None rero yemwe Bisirayeli mwese muri ng’aha, nimugire ico mubivuzeko n’ico muhanuye+  Abantu bose bavira hasi rimwe*, bavuga bati: «Nta n’umwe muri twebwe asubira kw’ihema ryiwe canke muhira iwe.  Ng’iki rero ico tugiye gukorera igisagara ca Gibeya: turaduga kugitera dukurikije ubupfindo+. 10  Mu miryango yose ya Isirayeli, mu bantu 100 dutore 10, mu bantu 1.000 dutore 100, mu bantu 10.000 dutore 1.000, baronderere impamba abasoda. Abo basoda bazoheza baje gutera i Gibeya mu karere ka Benyamini kubera ikintu c’agaterasoni bakoze muri Isirayeli.» 11  Abisirayeli bose rero baja hamwe*, bagira urunani kugira batere ico gisagara. 12  Nuko abo mu miryango ya Isirayeli barungika intumwa ku Babenyamini bose ngo bababwire bati: «Ico kintu c’agahomerabunwa cabereye iwanyu ni igiki? 13  Turabasavye rero mutange abo bagabo b’imburakimazi b’i Gibeya+ tubice, kugira dukure ikibi muri Isirayeli+.» Ariko Ababenyamini banka kwumviriza Abisirayeli benewabo. 14  Maze Ababenyamini bava mu bisagara vyabo bakoranira i Gibeya, kugira batane mu mitwe n’abandi Bisirayeli. 15  Kuri uwo musi Ababenyamini begeranya abagabo 26.000 barwanisha inkota babakuye mu bisagara vyabo. Baza biyongera ku bagabo 700 b’abahizi b’i Gibeya. 16  Muri abo basoda harimwo abagabo 700 b’abahizi bakoresha ibamfu. Umwe wese muri bo yari azi gutera amabuye akoresheje umugozi akagema, ku buryo n’agashatsi atagahusha. 17  Abisirayeli bose, ukuyemwo Ababenyamini, bakoranya abagabo 400.000 barwanisha inkota+ kandi umwe wese muri bo yari amenyereye urugamba. 18  Barahaguruka, baduga i Beteli guhanuza Imana+. Babaza rero bati: «Ni nde azotuja imbere mu kurwanya Ababenyamini?» Yehova yishura ati: «Umuryango wa Yuda ni wo uzobaja imbere.» 19  Maze Abisirayeli bahaguruka mu gitondo, bakambika hafi y’i Gibeya ngo bahatere. 20  Abisirayeli rero baragenda batonda urugamba kugira barwane n’Ababenyamini i Gibeya. 21  Ababenyamini na bo bava mu gisagara ca Gibeya. Kuri uwo musi, bica Abisirayeli 22.000. 22  Ariko ingabo z’Abisirayeli zigira umutima rugabo, zisubira gutonda urugamba hamwe zari zatonze ubwa mbere. 23  Maze Abisirayeli baduga i Beteli, baririra imbere ya Yehova gushika ku mugoroba. Babaza Yehova bati: «Dusubire gutera Ababenyamini benewacu+?» Yehova aca abishura ati: «Genda mubatere.» 24  Ku musi ugira kabiri, Abisirayeli baja gutera Ababenyamini. 25  Ababenyamini baca bava i Gibeya kugira batane mu mitwe na bo kuri uwo musi ugira kabiri. Bica abandi Bisirayeli 18.000+ barwanisha inkota. 26  Abisirayeli bose baca baduga kuririra i Beteli, bicara imbere ya Yehova+. Uwo musi wose barisonzesha+ gushika ku mugoroba, bashikana imbere ya Yehova amashikanwa aturirwa+ n’amashikanwa yo gusangira*+. 27  Inyuma y’ivyo, Abisirayeli bahanuza Yehova+, kuko isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri ari ho yari iri muri iyo misi. 28  Ico gihe Finehasi+ mwene Eleyazari, Eleyazari wa Aroni, ni we yakorera* imbere y’iyo sandugu. Nuko babaza bati: «Dusubire kandi kuja gutera Ababenyamini benewacu, canke tureke+?» Yehova yishura ati: «Muzoje kubatera, kuko ejo nzobafasha kubatsinda.» 29  Abisirayeli baca barungika abagabo bo kwinyegeza+ irya n’ino y’igisagara ca Gibeya. 30  Ku musi ugira gatatu, Abisirayeli baduga kurwanya Ababenyamini. Batonda urugamba kugira batere igisagara ca Gibeya nk’uko babigize ku yindi misi+. 31  Ababenyamini basohotse gutana mu mitwe n’Abisirayeli, Abisirayeli babajana kure y’igisagara+. Maze nk’uko vyari vyagenze ku yindi misi, Ababenyamini batangura gutera Abisirayeli no kwicira bamwe muri bo mu mabarabara makurumakuru. Rimwe muri yo ryaduga i Beteli, irindi rikaja i Gibeya. Bicira inyuma y’igisagara Abisirayeli nka 30+. 32  Ababenyamini baca batangura kwibwira bati: «Tugira dusubire kubatsinda nk’ubwa mbere+.» Mugabo Abisirayeli bo bavuga bati: «Duhunge, tubajane kure y’igisagara, tubashikane ku mabarabara makurumakuru.» 33  Abisirayeli bose baca bava iyo bari, batonda urugamba i Bayali-Tamari. Nayo bamwe bari banyegeye mu micungararo ya Gibeya baranyeguruka. 34  Abagabo b’abahizi 10.000 bo muri Isirayeli yose bashika aharabana n’i Gibeya, urugamba rurakomera. Ariko Ababenyamini ntibari bazi ko bagiye gushikirwa n’ivyago. 35  Yehova afasha Abisirayeli gutsinda Ababenyamini+. Kuri uwo musi bica Ababenyamini 25.100 barwanisha inkota+. 36  Ariko igihe Ababenyamini babona Abisirayeli bahunze, biyumviriye ko baza kubatsinda+. Mugabo Abisirayeli bari bahunze kubera ko bari bizigiye abasoda babo bari banyegeye ngo batere i Gibeya+. 37  Bamwe bari banyegeye, banyaruka kuhatera. Baca bakwira hose muri ico gisagara, abaho bose babicisha inkota. 38  Abisirayeli bari bavuganye n’abari binyegeje hafi y’igisagara ko bagezeyo bohaturiye, umwotsi ukababera ikimenyetso. 39  Igihe Abisirayeli bahunga mu rugamba, Ababenyamini baciye batangura kubatera, bica nk’abagabo 30+. Bibwira bati: «Aha tugira dusubire kubatsinda nk’ubuheruka+ 40  Ariko inkingi y’umwotsi itangura kuduga ivuye mu gisagara. Cari ca kimenyetso Abisirayeli bahana. Ababenyamini baravye inyuma, babona igisagara cose kiriko kirasha, imbeya ziduga mu kirere. 41  Abisirayeli baca bahindukirira Ababenyamini. Ababenyamini bicwa n’ubwoba kuko babona ko kababanye. 42  Batangura guhunga Abisirayeli berekeza mu bugaragwa mugabo urugamba ruguma rubakurikira. Haza abagabo bavuye mu bisagara bitandukanye, bifatanya n’Abisirayeli mu kwica Ababenyamini. 43  Batangira Ababenyamini impande zose, baguma babirukako. Babaneshereza* neza na neza imbere y’igisagara ca Gibeya, amaja mu buseruko. 44  Amaherezo hapfa Ababenyamini 18.000. Bose bari abarwanyi b’intwari+. 45  Ababenyamini babandanya guhunga berekeza mu bugaragwa ku rutare rwa Rimoni+. Abisirayeli bicira* mu mabarabara makurumakuru abagabo 5.000 muri bo. Baguma babakurikira gushika i Gidomu, bica abandi 2.000. 46  Ababenyamini bose bapfuye kuri uwo musi bari abarwanyi 25.000 b’intwari barwanisha inkota+. 47  Mugabo abagabo 600 bahungira mu bugaragwa ku rutare rwa Rimoni, bahamara amezi ane. 48  Maze Abisirayeli bagaruka gutera Ababenyamini bari basigaye. Bicisha inkota abantu bose bari mu bisagara n’ibitungwa vyose vyari bisigayeyo. Ibisagara vyose bacako, bagenda babihaye umuriro.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «rikorana nk’umuntu umwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bene amatongo.»
Mu giheburayo havuga ngo «bahaguruka nk’umuntu umwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «bakorana nk’umuntu umwe.»
Canke «amashikanwa y’amahoro.»
Mu giheburayo havuga ngo «yahagarara.»
Mu giheburayo havuga ngo «babakandagirira.»
Mu giheburayo havuga ngo «batoragura (nka kurya batoragura mu mirima).»