Abacamanza 3:1-31

  • Yehova ageza Abisirayeli (1-6)

  • Umucamanza wa mbere: Otiniyeli (7-11)

  • Umucamanza Ehudi yica umwami avyibushe yitwa Eguloni (12-30)

  • Umucamanza Shamugari (31)

3  Aya rero ni yo mahanga Yehova yaretse kugira ngo ageze Abisirayeli bose batari barabonye intambara n’imwe mu ntambara z’i Kanani+.  (Kwari ukugira ngo Abisirayeli barutse mu nyuma batari bwabone intambara, bayibone.)  Ayo mahanga ni aya: abatware batanu b’Abafilisitiya+, Abanyakanani bose, Abanyasidoni+ n’Abahiwi+ baba ku musozi Libani+, guhera ku musozi Bayali-Herumoni gushika i Lebo-Hamati*+.  Yehova yakoresheje ayo mahanga kugira ageze Abisirayeli, amenye ko bogamburutse amabwirizwa yahaye ba sekuruza biciye kuri Musa+.  Abisirayeli rero baba mu Banyakanani+ n’Abaheti n’Abamori n’Abaperizi n’Abahiwi n’Abayebusi.  Bararongora abakobwa bo muri ayo mahanga, na bo bagaha abahungu bo muri ayo mahanga abakobwa babo. Nuko batangura gusenga imana zabo+.  Abisirayeli rero bakora ivyo Yehova abona ko ari bibi, bibagira Yehova Imana yabo, basenga za Bayali+ n’inkingi nyeranda z’ibiti*+.  Yehova aca ashavurira cane Abisirayeli maze abatanga* ku mwami wa Mezopotamiya* yitwa Kushani-Rishatayimu. Abisirayeli bamara imyaka umunani baganzwa* na Kushani-Rishatayimu.  Abisirayeli baca batabaza Yehova+. Maze Yehova abaha umukiza wo kubarokora+ ari we Otiniyeli+ mwene Kenazi, mutoyi wa Kalebu. 10  Impwemu ya Yehova imuzako+, aba umucamanza wa Isirayeli. Agenda mu rugamba maze Yehova amufasha gutsinda Kushani-Rishatayimu umwami wa Mezopotamiya* aramunesha. 11  Inyuma y’ivyo, igihugu kimara imyaka 40 kiri mu mahoro*. Maze Otiniyeli mwene Kenazi arapfa. 12  Abisirayeli bongera gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. Yehova aca abakurako amaboko, bituma Eguloni umwami wa Mowabu+ abarusha inguvu, kuko bakoze ivyo Yehova abona ko ari bibi. 13  Bisubiye, Eguloni atumako Abamoni+ n’Abamaleki+ ngo babarwanye. Maze batera Abisirayeli, bigarurira igisagara c’ibigazi*+. 14  Abisirayeli bamara imyaka 18 baganzwa na Eguloni umwami wa Mowabu+. 15  Maze Abisirayeli batabaza Yehova+. Yehova na we abaha umukiza+, ari we Ehudi+ mwene Gera. Yari umugabo w’Umubenyamini+ akoresha ibamfu+. Mu nyuma, Abisirayeli barungikira ikori* Eguloni umwami wa Mowabu, biciye kuri Ehudi. 16  Ehudi yari yacuze inkota ikarishe impande zompi, ifise uburebure bw’intambwe imwe*. Afata rero iyo nkota ayibohera kw’itako ry’iburyo munsi y’impuzu yambaye. 17  Aca aja gushikiriza nya kori Eguloni umwami wa Mowabu. Uwo Eguloni rero yari umugabo avyibushe cane. 18  Ehudi amaze gushikiriza nya kori, aca asubirana inyuma* n’abari baje barimutwaje. 19  Mugabo ashitse ahari ibishusho vy’ibibazano* hafi y’i Gilugali+, aca asubira iyo umwami ari amubwira ati: «Ndagufitiye ubutumwa bw’ibanga, mwami.» Umwami aca avuga ati: «Nimutubise*.» Abariko bakorera umwami bose baca barasohoka. 20  Umwami yari yicaye wenyene mu cumba ciwe co hejuru gipfutse. Ehudi aca aramwegera, amubwira ati: «Ndagufitiye ubutumwa buvuye ku Mana.» Umwami aca ava ku ntebe yiwe y’ubwami. 21  Maze Ehudi atoza ibamfu ya nkota yari kw’itako ry’iburyo, ayimucumita mu nda. 22  Nya nkota yinjirana n’ikirindi, ibinure birayipfuka yose kuko atayisokoye mu nda y’uwo mwami. Umwanda mukuru uca urasohoka. 23  Ehudi aca arasohoka aciye mw’ibaraza*, mugabo asiga yugaye imiryango y’icumba co hejuru, arayidadira. 24  Amaze gusohoka, bamwe bariko barakorera umwami baragaruka, babona imiryango ya ca cumba co hejuru idadiye. Bibwira bati: «Ategerezwa kuba ariko aritabara* mu cumba gipfutse.» 25  Baguma barindiriye gushika aho bibatera isoni. Ariko babonye atevye kwugurura imiryango ya nya cumba, baca batora urupfunguruzo barayugurura, basanga umwami wabo arambaraye hasi yapfuye. 26  Ehudi we yahunze bakiriko baratebagana, aca iruhande ya vya bishusho vy’ibibazano*+, aragenda ashika i Seyira impore. 27  Ashitseyo, aca avuza inzamba+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, maze Abisirayeli bamanuka bavuye muri ako karere, na we abaja imbere. 28  Maze ababwira ati: «Nimunkurikire, kuko Yehova abahaye intsinzi ku bansi banyu b’Abanyamowabu.» Nuko baramukurikira hanyuma bafata ivyambu vya Yorodani kugira bazibire Abanyamowabu, ntihagira n’umwe bemerera kujabuka. 29  Ico gihe bica Abanyamowabu nka 10.000+, bose bakaba bari abagabo bakomeye kandi b’intwari. Nta n’umwe yabacitse+. 30  Kuri uwo musi Abisirayeli banesha Abanyamowabu barabaganza. Maze igihugu kimara imyaka 80 kiri mu mahoro*+. 31  Inyuma ya Ehudi haza Shamugari+ mwene Anati. Yishe Abafilisitiya+ 600 akoresheje inkoni isongoye*+, na we nyene akiza Isirayeli.

Utujambo tw'epfo

Canke «gushika ku bwinjiriro bwa Hamati.»
Mu giheburayo havuga ngo «abagurisha.»
Mu giheburayo havuga ngo «bakorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «Aramu-Naharayimu.»
Mu giheburayo havuga ngo «Aramu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»
Ni igisagara ca Yeriko.
Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).
Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Ishobora kuba yari intambwe ngufi ingana na santimetero nka 38. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «arungika.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ahantu bimba amabuye (ikariyeri).»
Mu giheburayo havuga ngo «nimucereze.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu mwenge munini ucamwo umuyaga.»
Mu giheburayo havuga ngo «apfuka ibirenge vyiwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ahantu bimba amabuye (ikariyeri).»
Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»
Canke «umuhunda.» Ni inkoni yari ikwikiyeko icuma gisongoye. Bayikoresha mu kuyobora inka ziriko zirarima.