Abacamanza 6:1-40

  • Abamidiyani bacinyiza Abisirayeli (1-10)

  • Umumarayika abwira umucamanza Gideyoni ko Imana iri kumwe na we (11-24)

  • Gideyoni asambura igicaniro ca Bayali (25-32)

  • Impwemu y’Imana iza kuri Gideyoni (33-35)

  • Ikimenyetso c’ubwoya bw’intama (36-40)

6  Mugabo Abisirayeli basubira gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. Yehova aca abatanga ku Bamidiyani, bamara imyaka indwi babaganza+.  Abamidiyani bacinyiza Abisirayeli+, bituma Abisirayeli barondera ahantu binyegeza* mu misozi, mu masenga no mu bibanza bigoye gushikamwo+.  Igihe cose Abisirayeli bateye imbuto, Abamidiyani n’Abamaleki+ n’Abanyabuseruko+ baca babatera.  Barashinga amakambi kugira batere Abisirayeli, bakayogeza umwimbu wabo gushika i Gaza. Nta bifungurwa canke intama canke inka canke indogobwa babasigariza+.  Baza bazananye n’ibitungwa vyabo n’amahema yabo, ari benshi nk’inzige+. Bo hamwe n’ingamiya zabo nta washobora kubiharura+. Baraza mu gihugu kugira bagitikize.  Maze Abisirayeli bugarizwa n’ubukene kubera Abamidiyani, baca batabaza Yehova+.  Aho Abisirayeli batabarije Yehova kubera Abamidiyani+,  Yehova abarungikira umuhanuzi, ababwira ati: «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Ni jewe nabakuye mu Misiri, aho mwari abashumba*+.  Narabakijije Abanyamisiri n’ababacinyiza bose. Naromoye abansi banyu babava imbere maze ndabaha igihugu cabo+. 10  Vyongeye, nababwiye nti: ‘Ndi Yehova Imana yanyu+. Ntimuze mutinye imana z’Abamori bene igihugu mubayemwo+.’ Mugabo ntimwanyumviye*+.”» 11  Mu nyuma umumarayika wa Yehova araza+, yicara munsi y’igiti kinini ca Yowasi wo muri bene Abiyezeri+ cari i Ofura. Umuhungu wiwe Gideyoni+ yariko akubitira ingano mu ruganiro rw’umuvinyu kugira Abamidiyani ntibazibone. 12  Uwo mumarayika wa Yehova aramwiyereka, amubwira ati: «Yehova ari kumwe nawe+, wa ntwari mu rugamba.» 13  Gideyoni amwishura ati: «Ntunga databuja. Nimba Yehova ari kumwe natwe, kubera iki none ibi vyose vyadushikiye+? Biri hehe vya bikorwa vyiwe vyose vy’agatangaza ba data batwiganiye+? Batubwira bati: “Yehova ni we yadukuye mu Misiri+.” None raba Yehova yaradutaye+, adutanga ku Bamidiyani.» 14  Yehova aca aramuraba, amubwira ati: «Jana izo nkomezi ufise, kandi uzokiza Abisirayeli agacinyizo k’Abamidiyani+. None si je ndagutumye?» 15  Gideyoni amwishura ati: «Ntunga Yehova. Nokiza Isirayeli gute? Ehe umuryango wacu* uri hasi cane muri bene Manase, nanje nkaba ndi umuntu ata co avuze mu rugo rwa dawe.» 16  Mugabo Yehova amubwira ati: «Erega nzoba ndi kumwe nawe+, kandi uzonesha Abamidiyani nk’aho boba ari umuntu umwe gusa.» 17  Gideyoni asubizayo ati: «Nimba rero washimye kungirira ubuntu*, numpe ikimenyetso kinyemeza yuko ari wewe turiko turavugana. 18  Ndagusavye ugume aha gushika nzanye inzimano, mpeze ndayiguhe+.» Na we avuga ati: «Ndahaguma gushika ugarutse.» 19  Gideyoni aca aragenda, ategura umwagazi w’impene. Atora n’ifu ingana n’ingero imwe ya efa*, akora imikate+ itarimwo umwambiro. Inyama azishira mu gisimbo, umufa na wo mu nkono, aca abimuzanira munsi ya ca giti, arabimuzimana. 20  Wa mumarayika w’Imana y’ukuri amubwira ati: «Fata izo nyama n’iyo mikate ubishire kuri kirya gitandara hanyuma usukeko uwo mufa.» Gideyoni aca arabigira. 21  Maze uwo mumarayika wa Yehova afata inkoni yari afise, akoza isonga ryayo kuri za nyama na ya mikate itarimwo umwambiro. Umuriro uca uva muri nya gitandara, urabiturira biratokombera+. Uwo mumarayika wa Yehova aca arakamangana, Gideyoni ntiyasubira kumubona. 22  Gideyoni aca aratahura ko yari umumarayika wa Yehova+. Maze avuga ati: «Ndagowe Mukama Segaba Yehova, kuko mbonye umumarayika wawe amaso mu yandi+, ewe Yehova!» 23  Mugabo Yehova amubwira ati: «Humura* ntutinye+. Ntupfa.» 24  Gideyoni aca ahubakira Yehova igicaniro, kikaba citwa Yehova-Shalomu*+ gushika n’uyu musi. Kiracari i Ofura ha bene Abiyezeri. 25  Mw’ijoro ry’uwo musi, Yehova amubwira ati: «Tora ya shuri ya so igira kabiri, imwe imaze imyaka indwi, uce usambura ca gicaniro ca so cubakiwe Bayali. Wicire na ya nkingi nyeranda y’igiti* iri iruhande yaco+. 26  Niwaheza gutondeka amabuye ukubakira igicaniro Yehova Imana yawe kw’isonga ry’iki kibanza gikingiwe, uce ufata nya shuri igira kabiri uyitange nk’ishikanwa riturirwa. Ukoreshe inkwi za ya nkingi nyeranda y’igiti wicira.» 27  Gideyoni atora rero abagabo cumi mu basuku biwe maze akora nk’uko Yehova yamubwiye. Mugabo abikora mw’ijoro aho kubikora ku murango kuko yatinya cane abo mu rugo rwa se n’abagabo bo mu gisagara. 28  Abagabo bo mu gisagara bavyutse kare mu gitondo, basanga igicaniro ca Bayali casituriwe hasi, ya nkingi nyeranda y’igiti yari iruhande yaco yiciwe, ya shuri igira kabiri na yo nyene yashikanywe ku gicaniro cahubatswe. 29  Barabazanya bati: «Ni nde yakoze ibi?» Bamaze gutohoza, basanga Gideyoni mwene Yowasi ni we yabikoze. 30  Nya bagabo bo mu gisagara rero babwira Yowasi bati: «Sohora umuhungu wawe tumwice, kuko yasituriye hasi ca gicaniro ca Bayali, akongera akicira ya nkingi nyeranda yari iruhande yaco.» 31  Yowasi+ aca abwira abari bahanganye na we bose ati: «Mbega ni mwebwe muburanira Bayali? Ni mwebwe murondera kuyikiza? Uwo wese ayiburanira akwiye kwicwa muri iki gitondo+. Nimba ari imana niyiburanire+, ko hari uwasituriye hasi igicaniro cayo.» 32  Guhera uwo musi Yowasi yita Gideyoni Yerubayali*. Avuga ati: «Bayali niyiburanire kuko hari uwasituriye hasi igicaniro cayo.» 33  Nuko Abamidiyani+ bose n’Abamaleki+ n’Abanyabuseruko bagira urunani+ baca barajabuka uruzi, hanyuma bakambika mu kiyaya ca Yezireli. 34  Impwemu ya Yehova ica iza kuri* Gideyoni+, avuza inzamba+ maze bene Abiyezeri+ bamwiyungako. 35  Arungika intumwa mu karere kose ka Manase, na bo baza kumwiyungako. Arungika n’intumwa mu karere ka Asheri, aka Zabuloni n’aka Nafutali, na bo nyene baza kumusanganira. 36  Maze Gideyoni abwira Imana y’ukuri ati: «Nimba ugira ukize Isirayeli biciye kuri jewe, nk’uko wabisezeranye+, 37  ehe nshize ubwoya bw’intama ku mbuga yo mu murima*. Urume nirwaja kuri ubwo bwoya gusa mugabo hasi hose hakaguma humye, nzoca menya yuko uzokiza Isirayeli biciye kuri jewe nk’uko wabisezeranye.» 38  Ukwo nyene ni ko vyagenze. Avyutse kare ku musi ukurikira maze agakanya nya bwoya, havamwo amazi y’urume yokwuzura ibakure nini y’inzimano. 39  Ariko Gideyoni abwira Imana y’ukuri ati: «Ndagusavye ntunshavurire, mbaze rindi rimwe gusa. Nkundira ngerageze ikindi kintu kimwe gusa nkoresheje ubu bwoya. Ndagusavye ubwoya bwonyene bube ari bwo bwuma mugabo hasi huzure urume.» 40  Imana igira ukwo nyene iryo joro. Ubwoya ni bwo bwonyene bwumye, mugabo hasi haba ari ho huzura urume.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «barondera ububiko bwo mu kuzimu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’ubushumba.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntimwumvirije ijwi ryanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «igihumbi canje.» Ni ukuvuga umugwi w’abantu 1.000.
Mu giheburayo havuga ngo «nimba rero nashimwe mu maso yawe.»
Ni nk’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «gira amahoro.»
Iryo zina risobanura ngo «Yehova ni amahoro.»
Iryo zina risobanura ngo «Bayali niyiburanire (niyirwanire).»
Mu giheburayo havuga ngo «itwikira.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.