Abaheburayo 3:1-19

  • Yezu araruta Musa (1-6)

    • Imana ni yo yubatse ibintu vyose (4)

  • Twiyubare ntitubure ukwizera (7-19)

    • «Uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo» (7, 15)

3  Nuko rero bavukanyi beranda musangiye uguhamagarirwa ijuru*+, muzirikane ya ntumwa akaba n’umuherezi mukuru twemera*, ari we Yezu+.  Yari umwizigirwa ku wamugenye+, nk’uko na Musa yari umwizigirwa mu nzu yose y’Imana+.  Abonwa* ko abereye ubuninahazwa+ kuruta Musa, kubera yuko uwubaka inzu afise iteka kuruta nya nzu.  Mu bisanzwe, inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo Imana ni yo yubatse ibintu vyose.  Musa rero yari umusuku w’umwizigirwa mu nzu yose y’Imana, igikorwa ciwe kikaba cerekeza ku bintu* vyohavuye bivugwa mu nyuma.  Mugabo Kristu yari umwana w’umwizigirwa+ aganza inzu y’Imana. Ni twebwe inzu y’Imana+, dukire gusa kuguma twumiye cane ku mwidegemvyo wacu wo kuvuga no ku cizigiro twiratira, gushika kw’iherezo.  Nk’uko rero impwemu nyeranda ibivuga+, «uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo,  ntimukomantaze imitima nka ca gihe mwantera ishavu ry’umururazi, nka wa musi mwangeza mu bugaragwa+,  aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakansomborotsa naho bari barabonye ibikorwa vyanje mu kiringo c’imyaka 40+. 10  Ni co catumye nsesemwa n’uru runganwe, maze mvuga nti: “Imitima yabo iguma izimira, kandi ntibigeze bamenya inzira zanje.” 11  Naciye ndahira n’ishavu n’akantu nti: “Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+.”» 12  Mwiyubare bavukanyi, kugira ntihagire n’umwe muri mwebwe ava kuri ya Mana nzima bigatuma agira umutima mubi utizera+. 13  Ahubwo mugume muremeshanya ku musi ku musi, hacitwa «uyu musi+», kugira ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantaza umutima bivuye ku bubasha buhendana bw’igicumuro. 14  Kuko ducika vy’ukuri abasangira Kristu* ari uko gusa twumiye rwose gushika kw’iherezo kuri kwa kujijuka twari dufise mu ntango+. 15  Nakare tubwirwa ngo: «Uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo, ntimukomantaze imitima nka ca gihe mwantera ishavu ry’umururazi+ 16  None ni bande bumvise yamara bakamutera ishavu ry’umururazi? Mbega si abavuye mu Misiri bose barongowe na Musa+? 17  Vyongeye, ni bande basesemye Imana mu myaka 40+? Mbega si bamwe bacumura, imivyimba yabo ikagwa mu bugaragwa+? 18  Ni bande kandi yarahiye yuko batokwinjiye mu karuhuko kayo? Mbega si bamwe bagambarara? 19  Turabona rero ko batashoboye kukinjiramwo kubera ukutizera+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ubutumire bw’ijuru.»
Canke «twemera tukavyatura.»
Ni ukuvuga Yezu.
Canke «cashingira intahe ibintu», «cari icabona c’ibintu.»
Canke «abasangira na Kristu.»