Abalewi 2:1-16

  • Ishikanwa ry’intete (1-16)

2  Umuntu niyaha Yehova ishikanwa ry’intete+, akwiye kuzana ifu inoze. Azoyisukako amavuta hejuru, ayishireko n’imibavu*+.  Azoca ayizanira abahungu ba Aroni ari bo baherezi. Umuherezi azoyora urushi rw’iyo fu inoze ivanze n’amavuta hamwe n’iyo mibavu yose, abiturire bifumbe umwotsi ku gicaniro nk’ikimenyetso* c’iryo shikanwa ryose+. Ni ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza* Yehova.  Ibisigaye vyose kuri iryo shikanwa bizoba ivya Aroni n’abahungu biwe+. Ni ikintu ceranda cane+ kivuye ku mashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro.  Nimwatanga ishikanwa ry’intete rigizwe n’imikate yokejwe mw’ifuru, ikwiye kuba ari imikate y’umuzingi icumbanywe amavuta canke udukate dufyase dusizeko amavuta+. Ikwiye kuba ikozwe mw’ifu inoze.  Nimba ari ishikanwa ry’intete rigizwe n’ivyakaranzwe kw’ipanu+, bikwiye kuba bikozwe mw’ifu inoze ivanze n’amavuta ariko itarimwo umwambiro.  Muze mubimanyagure hanyuma mubisukeko amavuta+. Ni ishikanwa ry’intete.  Nimba ari ishikanwa ry’intete rigizwe n’ivyakaranzwe mw’isafuriya, bikwiye kuba bikozwe mw’ifu inoze ivanze n’amavuta.  Muzozanira Yehova ishikanwa ry’intete rikozwe muri ivyo bintu hanyuma murishikirize umuherezi. Umuherezi na we azoca arijana hafi y’igicaniro.  Umuherezi azotora bikeyi kuri iryo shikanwa, abiturire bifumbe umwotsi ku gicaniro nk’ikimenyetso c’iryo shikanwa ryose+. Ni ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova+. 10  Ibisigaye kuri iryo shikanwa bizoba ivya Aroni n’abahungu biwe. Ni ikintu ceranda cane kivuye ku mashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro+. 11  Ntimuzohe Yehova ishikanwa ry’intete ririmwo umwambiro+, kuko umwambiro* canke ubuki bidakwiye guturirwa ngo bibe ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro. 12  Murashobora kubishikanira Yehova nk’ishikanwa ry’ivyeze ubwa mbere*+, ariko ntimuzobishire ku gicaniro ngo bibe akamoto keza. 13  Ishikanwa ry’intete ryose muzotanga muzorishiramwo umunyu. Amashikanwa y’intete muzotanga ntaze aburemwo umunyu w’isezerano ry’Imana yanyu. Amashikanwa yanyu yose muzoyatangana umunyu+. 14  Nimwaha Yehova ishikanwa ry’intete rigizwe n’ivyeze ubwa mbere, zikwiye kuba ari intete nshasha* zikaranze kandi zijanjaguye. Ni zo muzotanga nk’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ivyeze ubwa mbere+. 15  Mukwiye kurisukako amavuta n’imibavu*. Ni ishikanwa ry’intete. 16  Umuherezi azoca atora intete nkeyi zijanjaguye zivanze n’amavuta hamwe n’iyo mibavu yose, abiturire bifumbe umwotsi nk’ikimenyetso c’iryo shikanwa ryose+. Ni ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro.

Utujambo tw'epfo

Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
Canke «icibutso.»
Mu giheburayo havuga ngo «ry’akamoto karuhura kuri.»
Kari agakandu gatoyi bakoresha nk’umwambiro.
Canke «umushuzo.»
Canke «amahundo matoto.»
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).