Abalewi 24:1-23

  • Amavuta y’amatara yo mw’ihema ryeranda (1-4)

  • Imikate y’ishikanwa (5-9)

  • Uwuzotyoza izina ry’Imana azokwicishwa amabuye (10-23)

24  Yehova abandanya kubwira Musa ati:  «Tegeka Abisirayeli bakuzanire amavuta y’imyelayo* amiminye neza yo kwatsa amatara, kugira agume yaka umwanya wose+.  Indani mw’ihema ry’ibonaniro, mu gice kiri imbere y’irido iri hafi y’isandugu y’isezerano*, Aroni azokwitwararika ko ayo matara aguma yakira imbere ya Yehova kuva ku mugoroba gushika mu gitondo. Ni itegeko rizokwamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana.  Azokwama atondeka amatara kuri ca kintu bayaterekako+ gikozwe mu nzahabu itavanze, kiri imbere ya Yehova.  Uzotora ifu inoze maze uyikoremwo imikate y’imizingi 12. Umukate wose uzoba ukozwe mw’ifu ingana n’ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa*.  Uzoyipanga mu migwi ibiri kuri ya meza ikozwe mu nzahabu itavanze iri imbere ya Yehova+, umugwi wose ujeko itandatu+.  Umugwi wose uzowushirako imibavu* itavanze, uheze uturire iyo mibavu uyishikanire Yehova, ibe ikimenyetso* c’iryo shikanwa ry’imikate+.  Buri musi w’isabato, akwiye kwama ayipanga imbere ya Yehova+. Ni isezerano ryamaho ngiraniye n’Abisirayeli.  Iyo mikate izoba iya Aroni n’abahungu biwe+. Bazoyirira mu kibanza ceranda+, kuko ari ikintu ceranda cane kigenewe umuherezi kivuye ku mashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro. Iryo ni itegeko ryamaho.» 10  Ico gihe mu Bisirayeli hariho umuhungu yari yavutse ku mugore w’Umwisirayelikazi n’umugabo w’Umunyamisiri+. Uwo muhungu rero atangura gushwana n’umugabo umwe w’Umwisirayeli mw’ikambi. 11  Uwo muhungu w’umugore w’Umwisirayelikazi atangura gutyoza no gutuka* rya zina*+, baca bamuzanira Musa+. Nyina wiwe yitwa Shelomiti, umukobwa wa Diburi wo mu muryango wa Dani. 12  Nuko baba baramucunga mu kurindira ko Yehova abatomorera ingingo yafashe+. 13  Maze Yehova abwira Musa ati: 14  «Jana inyuma y’ikambi uwo muntu yatutse izina ryanje. Abantu bose bumvise ivyo yavuze bamurambike ibiganza ku mutwe, maze ishengero ryose rimwicishe amabuye+. 15  Uheze ubwire Abisirayeli uti: “Umuntu wese azotuka* Imana yiwe azobihanirwa. 16  Uwutyoje izina rya Yehova rero ategerezwa gupfa+. Ishengero ryose rikwiye kumwicisha amabuye. Umunyamahanga aba muri mwebwe atyoje izina ry’Imana ategerezwa kwicwa cokimwe n’imvukira. 17  Uwishe mugenziwe*, na we nyene ategerezwa kwicwa+. 18  Uwukubise igitungwa akacica ategerezwa kukiriha: ubuzima ku bundi. 19  Umuntu niyakomeretsa mugenziwe, baze bamugire nk’uko yamugize+. 20  Imvune ku yindi, ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi. Baze bamugirire nk’ivyo yagiriye mugenziwe+. 21  Uwukubise igitungwa akacica abwirizwa kukiriha+, ariko uwukubise umuntu akamwica na we nyene abwirizwa kwicwa+. 22  Itegeko ni rimwe ku munyamahanga no ku mvukira+, kuko ndi Yehova Imana yanyu.”» 23  Musa araheza abibwira Abisirayeli. Baca bajana inyuma y’ikambi wa muntu yatuka izina ry’Imana maze bamwicisha amabuye+. Nuko Abisirayeli bakora nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

Utujambo tw'epfo

Canke «amavuta y’imyelayo isekuye.» Bayita kandi amavuta ya olive.
Mu giheburayo havuga ngo «hafi y’icabona.»
Canke «iyaruka.»
Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Canke «icibutso.»
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
Ni izina «Yehova» nk’uko biboneka ku murongo wa 15 n’uwa 16.
Canke «kuvuma.»
Canke «azovuma.»
Canke «uwukubise mugenziwe akamwica.»