Abalewi 26:1-46

  • Mwirinde gusenga ibigirwamana (1, 2)

  • Imihezagiro iva ku kugamburuka (3-13)

  • Igihano c’ukugambarara (14-46)

26  Ntimuze mwihingurire imana ata co zimaze+, kandi ntimuze mwishingire igishusho c’ikibazano+ canke inkingi nyeranda y’amabuye. Ntimuze mushire mu gihugu iwanyu igishusho gikozwe mu mabuye+ kugira mucunamire+. Ndi Yehova Imana yanyu.  Mukwiye kwubahiriza amasabato yanje kandi mukubaha* ahantu hanje heranda. Ndi Yehova.  Nimwabandanya kwubahiriza ivyagezwe vyanje n’amabwirizwa yanje kandi mukabikurikiza+,  nzobaha imvura ku gihe cayo+. Isi izokwimbuka+ kandi ibiti vyo mu mirima bizokwama ivyamwa.  Muzokubita ivyo mwimbuye gushika mu gihe co kwimbura inzabibu. Igihe co kwimbura inzabibu na co kizobandanya gushika mu gihe c’iteragira. Muzorya muhage kandi muzokwibera mu gihugu canyu mu mutekano+.  Nzobaha amahoro mu gihugu+, mwiryamire ata nkomanzi+. Nzokwirukana mu gihugu ibikoko vyo mw’ishamba bikaze kandi nta ntambara izoba mu gihugu canyu*.  Muzokinagiza abansi banyu, bagwe imbere yanyu mubicishije inkota.  Batanu muri mwebwe bazokinagiza 100, ijana na bo bakinagize 10.000. Abansi banyu bazogwa imbere yanyu mubicishije inkota+.  Nzobahezagira*, murondoke kandi mugwire+. Nzoshitsa isezerano nagiraniye namwe+. 10  Mu gihe muzoba mukiriko murarya ibihitira vyo mu mwaka uheze, muzobikura kugira bibise bishasha. 11  Nzoshira ihema ryanje ryeranda hagati yanyu+ kandi sinzobata. 12  Nzogendera hagati yanyu, mbe Imana yanyu+ namwe mube abantu banje+. 13  Ndi Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu Misiri kugira ntimusubire kuba abashumba b’Abanyamisiri. Naravunaguye ingogo* yanyu, ntuma mugenda mwidegemvya*. 14  Ariko nimutanyumvira canke ngo mukurikize ayo mabwirizwa yose+, 15  nimwiyamiriza ivyagezwe vyanje+, mukanka urunuka ingingo nashinze ku buryo mudakurikiza amabwirizwa yanje yose, mukarenga kw’isezerano ryanje+, 16  ibi ni vyo nanje nzoca ndabagirira: nzotuma mwicwa n’amaganya, ndabateze igituntu n’inyonko ikaze, bitume amaso yanyu aregera, musigare ata tuguvu mufise. Muzoteragira ntimwimbure kuko bizoribwa n’abansi banyu+. 17  Nzobarwanya* kandi muzotsindwa n’abansi banyu+. Abansi banyu bazobahonyanga+ kandi muzohunga ata wuriko arabirukana+. 18  Ariko n’ivyo nibitatuma munyumvira, nzoca ngwiza igihano canyu incuro indwi kubera ibicumuro vyanyu. 19  Nzomenagura ubwishime bwanyu, ntume ijuru rimera nk’icuma+, isi na yo imere nk’umujumpu. 20  Muzoruhira ubusa kuko isi yanyu itazokwimbuka+, kandi n’ibiti vyo mu mirima yanyu ntibizokwama ivyamwa. 21  Ariko nimwaguma mundwanya mukanka kunyumviriza, nzoca ngwiza igihano canyu incuro indwi nisunze ibicumuro vyanyu. 22  Nzobarungikamwo ibikoko vyo mw’ishamba+ kandi bizorya abana banyu+ n’ibitungwa vyanyu, bigabanye igitigiri canyu ku buryo amabarabara yanyu asigara agaragara+. 23  Ariko n’ivyo nibitatuma mwemera ko ndabakosora+, mukaguma mundwanya, 24  nanje nzoca ndabarwanya kandi nzogwiza igihano canyu incuro indwi kubera ibicumuro vyanyu. 25  Nzobihora nkoresheje inkota kubera mwarenze kw’isezerano twagiraniye+. Nimwahungira mu bisagara vyanyu, nzobarungikamwo indwara+ kandi nzotuma abansi banyu babatsinda+. 26  Ninasambura ibigega* vyanyu vy’ibifungurwa*+, abagore cumi bazosigara botsa umukate mw’ifuru imwe gusa hanyuma bawubagaburire ku gipimo+. Muzorya ariko ntimuzohaga+. 27  N’ico gihe nyene nimutanyumviriza mukabandanya kundwanya, 28  nanje nzoca niva inyuma mu kubarwanya+, kandi nzogwiza igihano canyu incuro indwi kubera ibicumuro vyanyu. 29  Muzobwirizwa rero kurya inyama z’abahungu banyu n’iz’abakobwa banyu+. 30  Nzozimanganya ibibanza* musengeramwo+, nsiturire hasi ibicaniro muturirirako imibavu. Imivyimba yanyu nzoyigerekeranya n’imivyimba y’ibigirwamana vyanyu bisesemye*+ kandi nzobata nk’akanuka+. 31  Nzotikiza ibisagara vyanyu+, nsambure ibibanza vyeranda musengeramwo kandi sinzokwimotereza akamoto* k’ibimazi vyanyu. 32  Jewe ubwanje nzotuma igihugu canyu gicika umusaka+, kandi abansi banyu baba muri co bazokibona bumirwe+. 33  Nzobashwiragiza mu mahanga+ kandi nzosokora inkota yanje ndabakinagize+. Igihugu canyu kizocika umusaka+, ibisagara vyanyu na vyo bisigare ari ibihomvagurike. 34  Imisi yose igihugu kizomara ari umusaka, kizoba kiriko kirishura amasabato yaco, namwe muzoba muri mu gihugu c’abansi banyu. Ico gihe igihugu kizoruhuka* kuko gitegerezwa kwishura amasabato yaco+. 35  Imisi yose kizomara ari umusaka kizoba kiriko kiraruhuka, kuko kitaruhutse mu gihe c’amasabato yanyu, igihe mwakibamwo. 36  Abazoba bacitse kw’icumu+ na bo, nzotuma barengerwa n’ukwihebura iyo bazoba bari mu gihugu c’abansi. Urwamo rw’ibabi riguruwe n’umuyaga ruzotuma bahunga. Bazohunga nk’umuntu ariko ahunga inkota, bagwe ata wuriko arabirukako+. 37  Bazogenda baracanacanako nk’abariko bahunga inkota naho ata muntu azoba ariko arabirukana. Ntimuzotsinda abansi banyu+. 38  Muzopfira mu mahanga muzoba mwashwiragiyemwo+, kandi igihugu c’abansi banyu kizobamira. 39  Abazoba basigaye bazoborera mu bihugu vy’abansi babo+ kubera ikosa ryanyu. Emwe, bazobora kubera ikosa rya ba sekuru babo+. 40  Bazoheza rero bature ikosa ryabo+ hamwe n’ikosa be n’ubuhemu vya ba sekuru babo, maze bemere ko bahemutse mu kundwanya+, 41  bigatuma nanje ndabarwanya+ nkabajana mu gihugu c’abansi babo+. Kumbure ico gihe imitima yabo ikomantaye* izoca bugufi+, bishure ikosa ryabo. 42  Nzokwibuka isezerano nagiraniye na Yakobo+ n’iryo nagiraniye na Izahaki+. Nzokwibuka kandi isezerano nagiraniye na Aburahamu+, nongere nibuke n’igihugu. 43  Igihe batazoba bakiba muri ico gihugu, kizokwishura amasabato yaco+ kandi kizoguma ari umusaka ata wukibamwo. Na bo bazoba bariko barishura ikosa ryabo, kuko bazoba biyamirije ingingo nashinze, bakanka urunuka ivyagezwe vyanje+. 44  Naho ari ukwo, igihe bazoba bari mu gihugu c’abansi babo, sinzobaheba burundu+ canke ngo ndabanke ku buryo ndabaherengeteza, kuko noba ndenze kw’isezerano nagiraniye+ na bo. Ndi Yehova Imana yabo. 45  Ku neza yabo, nzokwibuka isezerano nagiraniye na ba sekuruza babo+, abo nakuye mu Misiri amahanga arorera+, kugira nerekane ko ndi Imana yabo. Ndi Yehova.”» 46  Ayo ni yo mabwirizwa, ingingo be n’amategeko Yehova yahaye Abisirayeli ku musozi Sinayi biciye kuri Musa+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «mugatinya.»
Canke «nta nkota izoca mu gihugu canyu.»
Canke «nzobagirira ubuntu.»
Mu giheburayo havuga ngo «muraramuye imitwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzobashinga igitsure.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Mu giheburayo havuga ngo «inkoni.» Zishobora kuba zari inkoni batungirako imikate mu kuyibika.
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Mu giheburayo havuga ngo «akamoto karuhura.»
Canke «kizokwubahiriza isabato.»
Mu giheburayo havuga ngo «itagenyerewe.»