Abalewi 7:1-38

  • Amategeko ajanye n’amashikanwa (1-21)

    • Ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha (1-10)

    • Ikimazi co gusangira (11-21)

  • Kirazira kurya ikinure canke amaraso (22-27)

  • Umugabane w’abaherezi (28-36)

  • Insozero y’ibijanye n’amashikanwa (37, 38)

7  Iri ni ryo tegeko rigenga ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha+: ni ikintu ceranda cane.  Ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha bazorikererera ahantu bakererera amashikanwa aturirwa, kandi amaraso yaryo+ azomijagirwa ku mpande zose z’igicaniro+.  Umuherezi azoshikana ibinure vyose+ vy’iryo shikanwa, ni ukuvuga igitsembe kinuze, ikinure gipfutse amara  be n’amafyigo abiri n’ikinure cayo kiri hafi y’ikiyunguyungu. Azokurako kandi ikinure gifashe ku gitigu, agikurireko rimwe n’amafyigo+.  Umuherezi azobiturira bifumbe umwotsi ku gicaniro, bibe ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro+. Ni ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha.  Umugabo wese w’umuherezi azoriryako+ kandi azoririra ahantu heranda. Ni ikintu ceranda rwose+.  Itegeko rigenga ishikanwa ry’igicumuro ni ryo nyene rikora kw’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha. Inyama zaryo zegukira umuherezi yarishikanye*+.  Igihe umuherezi ashikanye ishikanwa riturirwa ry’umuntu, urushato+ rw’iryo shikanwa ruzoca ruba urw’uwo muherezi.  Ishikanwa ryose ry’intete ryokejwe mw’ifuru, iryateguriwe mw’isafuriya canke kw’ipanu+, ryegukira umuherezi yaritanze. Rizoba ari rwiwe+. 10  Ariko ishikanwa ryose ry’intete rivanze n’amavuta+ canke ryumutse+, ryegukira abahungu ba Aroni bose. Bose bazoronka ibingana. 11  Iri ni ryo tegeko rigenga ikimazi co gusangira+ umuntu ashobora gushikanira Yehova: 12  niyagishikiriza agomba gukenguruka+, azogitanga kiri kumwe n’imikate y’umuzingi itarimwo umwambiro icumbanywe amavuta, udukate* tutarimwo umwambiro dusizeko amavuta be n’imikate y’umuzingi ikozwe mw’ifu inoze ivanze neza kandi icumbanywe amavuta. 13  Iryo shikanwa azoritanga riri kumwe n’imikate y’umuzingi irimwo umwambiro hamwe n’ico kimazi co gusangira atanze kugira akenguruke. 14  Azotora umukate umwumwe muri ubwo bwoko bwose, ibe umugabane mweranda ashikanira Yehova. Uwo mugabane uzoca wegukira umuherezi yamijagiye ku gicaniro amaraso y’ico kimazi co gusangira+. 15  Inyama z’ikimazi co gukenguruka zikwiye kuribwa ku musi agitangiyeko. Ntakwiye kuziraza+. 16  Nimba ikimazi ciwe ari ico gushitsa indagano+ canke ishikanwa atanze avyishakiye+, gikwiye kuribwa ku musi agitangiyeko. Ibisigaye birashobora kuribwa ku musi ukurikira. 17  Ariko inyama zose zizosigara ku musi ugira gatatu zitegerezwa guturirwa+. 18  Nihagira uwurya ku nyama z’ico kimazi ku musi ugira gatatu, uwagitanze ntazokwemerwa n’Imana kandi ntazofatwa ko yagitanze. Ico kimazi kizoca kiba igisesemye, kandi uwuzokiryako azobihanirwa+. 19  Inyama zikoze ku kintu gihumanye ntizikwiye kuribwa. Zikwiye guturirwa. Ariko inyama zidahumanye, umuntu wese adahumanye arashobora kuzirya. 20  Mugabo umuntu wese ariye ku kimazi co gusangira kigenewe Yehova kandi ahumanye, ategerezwa kwicwa*+. 21  Nihagira uwukora ku kintu gihumanye, bwaba ari ubuhumane bw’umuntu+, igikoko gihumanye+ canke ikintu cose gisesemye kandi gihumanye+, hanyuma akarya ku nyama z’ikimazi co gusangira kigenewe Yehova, uwo muntu ategerezwa kwicwa.”» 22  Yehova abandanya kubwira Musa ati: 23  «Barira Abisirayeli uti: “Ntimuze murye ikinure na kimwe+, caba ic’impfizi y’inka, isuguru y’intama canke impene. 24  Ikinure c’igitungwa musanze capfuye canke igitungwa cishwe n’igikoko murashobora kugikoresha ikindi kintu cose mushatse, ariko ntimuze mwigere mukirya+. 25  Umuntu wese ariye ikinure c’igitungwa ahaye Yehova nk’ishikanwa bashikanisha umuriro, ategerezwa kwicwa. 26  Ntimuze murye amaraso n’amwe+ aho muzoba muba hose, yaba ari ay’inyoni canke ikindi gitungwa. 27  Umuntu azorya amaraso ayo ari yo yose ategerezwa kwicwa+.”» 28  Yehova yongera kubwira Musa ati: 29  «Barira Abisirayeli uti: nihagira uwuzanira Yehova ikimazi co gusangira, azogikurako ivyo aha Yehova+. 30  Azozana mu maboko yiwe ikinure+ n’akameme*, abishikanire Yehova bwa shikanwa bashikanisha umuriro, hanyuma abizungagize* nk’ishikanwa bazungagiza+ imbere ya Yehova. 31  Umuherezi azoturira ico kinure gifumbe umwotsi ku gicaniro+, ariko akameme kazoba aka Aroni n’abahungu biwe+. 32  Muzoha umuherezi itako ry’iburyo, ribe umugabane mweranda uvuye ku bimazi vyanyu vyo gusangira+. 33  Umuhungu wa Aroni azoshikana amaraso y’ibimazi vyo gusangira hamwe n’ikinure, ni we azotwara iryo tako, ribe umugabane wiwe+. 34  Ku bimazi vyo gusangira Abisirayeli batanga, nkuyeko akameme k’ishikanwa bazungagiza n’itako ry’umugabane mweranda, maze ndabiha Aroni n’abahungu biwe. Iryo ni itegeko ryamaho ku Bisirayeli+. 35  Uwo ni wo mugabane ugenewe abaherezi, ni ukuvuga Aroni n’abahungu biwe. Bawuhawe uvuye ku mashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro, umusi bimikwa ngo bakorere Yehova igikorwa c’ubuherezi+. 36  Yehova yategetse ko baza barahabwa uwo mugabane uvuye ku bimazi vy’Abisirayeli umusi bimikwa*+. Ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwabo ruzogenda rurakurikirana.» 37  Iryo ni ryo tegeko rigenga ishikanwa riturirwa+, ishikanwa ry’intete+, ishikanwa ry’igicumuro+, ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha+, ikimazi co kwimika abaherezi+ be n’ikimazi co gusangira+. 38  Ivyo ni vyo Yehova yategetse Musa ku musozi Sinayi+, umusi yategeka Abisirayeli kuzanira amashikanwa yabo Yehova mu bugaragwa bwa Sinayi+.

Utujambo tw'epfo

Canke «yarikoresheje mu gutanga impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
Canke «udukate dufyase.»
Canke «ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.»
Canke «ikidari», «inkoro.»
Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.
Canke «barobanurwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «iyaruka.»