Amosi 4:1-13

  • Urubanza rwaciriwe inka z’i Bashani (1-3)

  • Yehova atwenga Abisirayeli kubera basenga ibigirwamana (4, 5)

  • Isirayeli yanka gukosorwa (6-13)

    • «Itegurire guhura n’Imana yawe» (12)

    • «Imana ihishurira abantu ivyiyumviro vyayo» (13)

4  «Nimwumve ibi mwa nka z’i Bashanimuri ku musozi wo muri Samariya+,mwa bagore mugunga abantu batobato+, mugacinyiza abakene,mukabwira abagabo banyu* muti: “Tuzanire ico twinywera!”   Umukama Segaba Yehova yarahiye ubweranda bwiwe ati:“‘Ehe imisi irashitse, aho bazobateruza ingobe z’umuyangayanga,abasigaye na bo bakabateruza amagera.   Muzosohokana mu bitoboro vy’uruhome, umwe wese atumbereye imbere yiwe,kandi muzotabwa i Harumoni’, ni ko Yehova avuze.”   “Nimuze i Beteli maze mukore ibicumuro*+.Nimuze i Gilugali murushirize gucumura+. Nimuzane ibimazi vyanyu+ mu gitondo,n’ibigiracumi vyanyu+ ku musi ugira gatatu.   Nimutange ibimazi vyo gukenguruka vy’umukate wambiye+,mwamamaze n’ijwi rirenga amashikanwa mutanga muvyishakiye, kuko ari vyo mukunda yemwe Bisirayeli”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.   “Natumye amenyo yanyu aguma asukuye mu kubima ibifungurwa mu bisagara vyanyu vyose,nongera ntuma umukate ubura mu mazu yanyu yose+.Ariko ntimwangarutseko+”, ni ko Yehova avuze.   “Natumye kandi imvura icika hasigaye amezi atatu ngo mwimbure+.Natumye igwa mu gisagara kimwe ariko ntigwe mu kindi. Itongo rimwe ryararonka imvura,ariko irindi rikuma kubera ryabuze imvura.   Ababa mu bisagara bibiri canke bitatu bagenda baricako bagiye kunywa amazi mu gisagara kimwe+,mugabo ntibahere inyota.Ariko ntimwangarutseko+”, ni ko Yehova avuze.   “Natumye ibiterwa vyanyu bibabuka nongera ndabiteza ingese*+. Mwaragwije amatongo n’imirima y’imizabibu,mugabo ibiti vyanyu vy’imisukoni n’ivy’imyelayo* vyaciye biribwa n’inzige+.Ariko na ho nyene ntimwangarutseko+”, ni ko Yehova avuze. 10  “Nabarungitsemwo ikiza nka kimwe co mu Misiri+. Imisore yanyu nayicishije inkota+ nongera nigarurira amafarasi yanyu+, ntuma munukirwa n’ibiziga+ biri mu makambi yanyu.Ariko ntimwangarutseko”, ni ko Yehova avuze. 11  “Naratikije igihugu canyunka kumwe Imana yatikiza Sodomu na Gomora+, musigara mumeze nk’urukwi basokoye mu muriro.Ariko ntimwangarutseko+”, ni ko Yehova avuze. 12  Ivyo rero ni vyo nzokugirira Isirayeli we! Ko ivyo ari vyo nzokugirira,itegurire guhura n’Imana yawe, Isirayeli we! 13  Nkako, ni we yaremye imisozi+ n’umuyaga+.Ni we ahishurira abantu ivyiyumviro vyiwe,agahindura umutwenzi umwiza+,kandi akagendera hejuru ku misozi+.Yehova Imana Nyeningabo ni ryo zina ryiwe.»

Utujambo tw'epfo

Canke «mukabwira ba shobuja.»
Canke «maze mugararize.»
Imyelayo bayita kandi olive.
Raba Insiguro y’amajambo (Ingese yʼibiterwa).