Amosi 4:1-13
4 «Nimwumve ibi mwa nka z’i Bashanimuri ku musozi wo muri Samariya+,mwa bagore mugunga abantu batobato+, mugacinyiza abakene,mukabwira abagabo banyu* muti: “Tuzanire ico twinywera!”
2 Umukama Segaba Yehova yarahiye ubweranda bwiwe ati:“‘Ehe imisi irashitse, aho bazobateruza ingobe z’umuyangayanga,abasigaye na bo bakabateruza amagera.
3 Muzosohokana mu bitoboro vy’uruhome, umwe wese atumbereye imbere yiwe,kandi muzotabwa i Harumoni’, ni ko Yehova avuze.”
4 “Nimuze i Beteli maze mukore ibicumuro*+.Nimuze i Gilugali murushirize gucumura+.
Nimuzane ibimazi vyanyu+ mu gitondo,n’ibigiracumi vyanyu+ ku musi ugira gatatu.
5 Nimutange ibimazi vyo gukenguruka vy’umukate wambiye+,mwamamaze n’ijwi rirenga amashikanwa mutanga muvyishakiye,
kuko ari vyo mukunda yemwe Bisirayeli”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
6 “Natumye amenyo yanyu aguma asukuye mu kubima ibifungurwa mu bisagara vyanyu vyose,nongera ntuma umukate ubura mu mazu yanyu yose+.Ariko ntimwangarutseko+”, ni ko Yehova avuze.
7 “Natumye kandi imvura icika hasigaye amezi atatu ngo mwimbure+.Natumye igwa mu gisagara kimwe ariko ntigwe mu kindi.
Itongo rimwe ryararonka imvura,ariko irindi rikuma kubera ryabuze imvura.
8 Ababa mu bisagara bibiri canke bitatu bagenda baricako bagiye kunywa amazi mu gisagara kimwe+,mugabo ntibahere inyota.Ariko ntimwangarutseko+”, ni ko Yehova avuze.
9 “Natumye ibiterwa vyanyu bibabuka nongera ndabiteza ingese*+.
Mwaragwije amatongo n’imirima y’imizabibu,mugabo ibiti vyanyu vy’imisukoni n’ivy’imyelayo* vyaciye biribwa n’inzige+.Ariko na ho nyene ntimwangarutseko+”, ni ko Yehova avuze.
10 “Nabarungitsemwo ikiza nka kimwe co mu Misiri+.
Imisore yanyu nayicishije inkota+ nongera nigarurira amafarasi yanyu+,
ntuma munukirwa n’ibiziga+ biri mu makambi yanyu.Ariko ntimwangarutseko”, ni ko Yehova avuze.
11 “Naratikije igihugu canyunka kumwe Imana yatikiza Sodomu na Gomora+,
musigara mumeze nk’urukwi basokoye mu muriro.Ariko ntimwangarutseko+”, ni ko Yehova avuze.
12 Ivyo rero ni vyo nzokugirira Isirayeli we!
Ko ivyo ari vyo nzokugirira,itegurire guhura n’Imana yawe, Isirayeli we!
13 Nkako, ni we yaremye imisozi+ n’umuyaga+.Ni we ahishurira abantu ivyiyumviro vyiwe,agahindura umutwenzi umwiza+,kandi akagendera hejuru ku misozi+.Yehova Imana Nyeningabo ni ryo zina ryiwe.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mukabwira ba shobuja.»
^ Canke «maze mugararize.»
^ Imyelayo bayita kandi olive.
^ Raba Insiguro y’amajambo (Ingese yʼibiterwa).