Amosi 5:1-27

  • Isirayeli imeze nk’umukobwa w’isugi yatemvye (1-3)

  • Nimugaruke ku Mana maze mubandanye kubaho (4-17)

    • Nimwanke ikibi, mukunde iciza (15)

  • Umusi wa Yehova uzoba ari umusi w’umwiza (18-27)

    • Imana yanka ibimazi vya Isirayeli (22)

5  «Nimwumve aya majambo yo gucura intimba* ndabavuzeko, ewe nzu ya Isirayeli:   “Umukobwa w’isugi ari we Isirayeli yatemvye,ntashobora guhaguruka. Arambaraye hasi ku butaka bwiwe,nta n’umwe amuvyura.”  Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Igisagara cahora kija kurwana gifise abantu igihumbi kizosigarana ijana,icahora kigenda gifise ijana na co gisigarane cumi. Ivyo ni vyo bizoshikira inzu ya Isirayeli+.”  Kuko ibi ari vyo Yehova abwiye inzu ya Isirayeli: “Nimungarukeko maze mubandanye kubaho+.   Ntimuje* i Beteli+.Ntimuje i Gilugali+ canke ngo mujabuke i Beri-Sheba+,kuko Gilugali itazobura kuja mu bunyagano+,Beteli na yo igacika ubusa*.   Nimurondere Yehova maze mubandanye kubaho+,kugira ntarurumbe nk’umuriro ku nzu ya Yozefu,ugaturira Beteli kandi ata muntu wo kuwuzimya ahari.   Muhindura ubutungane umururazi*,mugashiburira hasi ubugororotsi+.   Umwe yakora umugwi w’inyenyeri witwa Kima* n’uwitwa Kesili*+,umwe afata umwiza w’umuzitanya akawuhindura igitondo,umwe afata umurango akawuhindura ijoro+,umwe ahamagara amazi yo mu kiyagakugira ayasuke kw’isi+:Izina ryiwe ni Yehova.   Azozana agatikizo ku banyenkomeziyongere atikize ibibanza bikingijwe ibihome. 10  Baranka ababakosora mw’irembo ry’igisagara,kandi ntiberekwa abavuga ukuri+. 11  Ko mwaka umukene amahera yo gukota umurima*,intete yimbuye mukazitwara nk’ikibuguro+,ntimuzoguma mu mazu y’amabuye abajwe mwubatse+,kandi ntimuzonywa umuvinyu w’imizabibu myizamyiza mwateye+. 12  Kuko nzi ingene ubugarariji* bwanyu ari bwinshin’ingene ibicumuro vyanyu ari vyinshi:Murahohotera umugororotsi,mukarya ibiturire*kandi mukarenganya abakene mw’irembo ry’igisagara+. 13  Ico gihe rero abafise ugutahura* bazoguma binumiye,kuko azoba ari igihe c’ivyago+. 14  Nimurondere iciza, ntimurondere ikibi+,kugira mubandanye kubaho+. Yehova Imana Nyeningabo azoheza abane namwe,nk’uko mubivuga+. 15  Nimwanke ikibi, mukunde iciza+.Nimureke ubutungane bwiganze mw’irembo ry’igisagara+. Hari aho Yehova Imana Nyeningaboyogirira ubuntu amasigarira akomoka kuri Yozefu+.” 16  Ibi ni vyo Yehova avuze, Yehova ya Mana Nyeningabo: “Mu bibanza rusangi* vyose hazoba amaborogo,kandi mu mabarabara yose abantu bazovuga ngo: ‘Yooo! Yooo!’ Bazohamagara abarimyi kugira bagandare.n’abahinga mu gucura intimba kugira baboroge. 17  Mu mirima yose y’imizabibu hazoba amaborogo+,kuko nzoca hagati muri mwebwe”, ni ko Yehova avuze. 18  “Baragowe abipfuza cane umusi wa Yehova+! Mbega umusi wa Yehova uzosobanura iki kuri mwebwe+? Uzoba ari umusi w’umwiza, ntuzoba ari uw’umuco+. 19  Bizomera nk’igihe umuntu ahunze intambwe, agaca ahura n’idubu.Agize ngo arinjira mu nzu akishimikiza uruhome na ho, agaca akomorwa n’inzoka. 20  Mbega umusi wa Yehova ntuzoba umwijima, aho kuba umuco?Ntuzoba ari umuzimagiza, aho kuba ukwakaka? 21  Imisi mikuru yanyu ndayanka, iranshisha+.Sindyoherwa n’akamoto k’amakoraniro yanyu adasanzwe. 22  Naho mwompa amashikanwa canke amashikanwa aturirwa uko yakabaye,sinzogenda ndayashimye+,kandi sinzoraba ryiza ibimazi vyanyu vyo gusangira bigizwe n’ibitungwa binuze+. 23  Nkura mu matwi urwamwo rw’indirimbo zanyu!Sinshaka gusubira kwumva indirimbo z’ibicurarangisho* vyanyu+! 24  Nimureke ubutungane butembe nk’amazi+,ubugororotsi na bwo nk’uruzi rutigera rukama. 25  Mbega hari ibimazi canke amashikanwamwanshikaniye mu myaka 40 mwamaze mu bugaragwa, ga yemwe Bisirayeli+? 26  Ubu rero muzobwirizwa kwikorera Sikuti umwami wanyu na Kiyuni*,ibishusho mwihinguriye, ya nyenyeri y’imana yanyu, 27  kandi nzobarungika mu bunyagano hakurya ya Damasiko+”, ni ko umwe yitwa Yehova Imana Nyeningabo avuze+

Utujambo tw'epfo

Canke «aka karirimbo k’ikigandaro.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntimurondere.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «igacika ikintu c’amageza.»
Canke «ibamba.»
Zishobora kuba ari inyenyeri zo mu mugwi witwa Orion mu gifaransa.
Zishobora kuba ari inyenyeri zo mu mugwi witwa Taureau mu gifaransa.
Canke «ikori ry’agataka.»
Canke «amahera y’igipfukamunwa.»
Canke «ibicumuro.»
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Canke «ibicurarangisho vy’imirya.»
Ivyo bigirwamana bishobora kuba vyerekeza ku mubumbe witwa Saturne wasengwa nk’imana.