Amosi 9:1-15

  • Nta wohunga imanza z’Imana (1-10)

  • Yehova azovyura urusago rwa Dawidi (11-15)

9  Nabonye Yehova+ ari hejuru y’igicaniro, maze avuga ati: «Kubita hejuru ku nkingi* ku buryo no hasi hanyiganyiga. Menagura imitwe yazo, abasigaye na bo ndabicishe inkota. Nta n’umwe azoncarukana, kandi n’uwogerageza guhunga ntibizokunda+.   Nibimba bakaja mu kuzimu,ukuboko kwanje kuzobakurayo.Nibaduga kw’ijuru na ho,nzobamanurayo.   Nibinyegeza kw’isonga rya Karumeli,nzobarondera, nshirwe ndabatoye+. Nibanyinyegeza munsi y’amazi,nzotegeka inzoka ibakomorereyo.   Nibagirwa imbohe mu gihugu c’abansi babo,nzotegeka inkota maze ibicireyo+.Nzobashinga ijisho kugira ndabagirire nabi, atari kugira ndabagirire neza+.   Kuko Umukama Segaba, Yehova Nyeningabo, ari we akora ku gihugu*ku buryo gishonga+, maze ababa muri co bose bakagandara+.Igihugu cose kizoduga nk’uruzi Nili,congere gihwame nk’uruzi Nili rwo mu Misiri+.   “Umwe yubaka ingazi ziwe kw’ijuru,akubaka inyubakwa* yiwe hejuru y’isi,umwe ahamagara amazi yo mu kiyagakugira ayasuke kw’isi+,izina ryiwe ni Yehova+.   Yemwe Bisirayeli, mbega kuri jewe ntimumeze nk’abana b’Abakushi?” ni ko Yehova avuze. “Mbega sinaduganye Isirayeli ndayikuye mu Misiri+,Abafilisitiya nkabakura i Kirete+, Siriya na yo nkayikura i Kiri+?   Umve, amaso y’Umukama Segaba Yehova ari ku bwami bucumura,kandi azobuzimanganya kw’isi+. Ariko ntazozimanganya buhere inzu ya Yakobo+”, ni ko Yehova avuze.   “Kuko ngira ntange itegeko,kandi nzoshwiragiza Abisirayeli mu mahanga yose+,kurya umuntu ayunguruza akayungirontihagire ibuye na rimwe rigwa hasi. 10  Abantu bose bo mw’ihanga ryanje bacumura bazokwicwa n’inkota,abo bose bavuga ngo: ‘Ikiza ntikizotwegera canke ngo kidukoreko.’ 11  Kuri uwo musi nzovyura urusago* rwa Dawidi+ rwatemvye,nzibire ibitoboro vyarwo*kandi nzosanura aho rwasambutse.Nzosubira kurwubaka nk’uko rwari rumeze kera+, 12  kugira bigarurire ibisigarira vya Edomu+,hamwe n’amahanga yose yitirirwa izina ryanje”, ni ko Yehova avuze, ari na we ariko arabikora. 13  Yehova avuze ati: “Ehe imisi iraje,aho umurimyi azohamvya umwimbuzi,uwugana* inzabibu na we agahamvya uwutera imbuto+.Imisozi izotonyanga umuvinyu usosa+,kandi imitumba yose izotonyanga umuvinyu*+. 14  Nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli bagizwe imbohe+.Bazosubira kwubaka ibisagara vyabaye umusaka maze babibemwo+.Bazotera imizabibu binywere umuvinyu wayo+,kandi bazorima imirima bongere barye ivyo bimbuye+. 15  Nzobateragira mu gihugu cabo,kandi ntibazogenda basubiye kurandurwamu gihugu nabahaye+”, ni ko Yehova Imana yawe avuze.»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ku mutwe w’inkingi.»
Canke «kw’isi.»
Canke «igisenge.»
Canke «ihema.»
Canke «ibitoboro vyabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «imitumba yose izoshonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwuganisha ibirenge.»