Daniyeli 12:1-13

  • «Igihe c’iherezo» n’ibizokurikira (1-13)

    • Mikayeli azohaguruka (1)

    • Abafise ugutahura bazokayangana (3)

    • Ubumenyi nyakuri buzogwira (4)

    • Daniyeli azohaguruka kugira aronke umugabane wiwe (13)

12  Ico gihe Mikayeli*+, wa muganwa+ ahagaze kugira afashe ihanga ryawe azohaguruka. Kandi hazobaho igihe c’amarushwa atigeze abaho kuva habayeho ihanga gushika ico gihe. Muri ico gihe abantu bawe bazorusimba+, uwo wese izina ryiwe rizoba ryanditswe mu gitabu+.  Benshi mu basinziriye mu kuzimu bazokwikangura, bamwe bikangurire ubuzima budahera, abandi bikangurire ibimaramare n’iceyi c’ibihe bidahera.  Abafise ugutahura* bazokayangana nk’ikirere co kw’ijuru, abazana benshi ku bugororotsi na bo bakayangane nk’inyenyeri gushika ibihe bidahera.  Nayo wewe ga Daniyeli, ayo majambo nuyagire ibanga kandi wugare ico gitabu ukoresheje ikidodo, gushika mu gihe c’iherezo+. Benshi bazogisuzuma bitonze*, kandi ubumenyi nyakuri buzogwira+  Hanyuma jewe Daniyeli nditegereza, maze mbona abandi babiri bari bahagaze hafi y’uruzi, umwe ku nkengera yo hakuno, uwundi ku nkengera yo hakurya+.  Umwe muri bo aca abaza wa muntu yari yambaye impuzu z’ilino*+, umwe yari ahagaze hejuru y’amazi y’urwo ruzi ati: «Hazoca igihe kingana iki kugira ivyo bintu bitangaje birangire?»  Nca numva wa muntu yambaye impuzu z’ilino ariko aravuga, umwe yari ahagaze hejuru y’amazi. Aca aduza ukuboko kwiwe kw’ukuryo n’ukw’ukubamfu, maze arahira Umwe yamaho ibihe vyose+ ati: «Hazoca igihe, ibihe n’igice c’igihe*, kandi vyaramaze gushingwa. Nibaheza kujanjagura inkomezi z’ihanga ryeranda+, ivyo vyose bizoca birangira.»  Nayo jewe, naravyumvise ariko sinabitegereye+. Naciye ndamubaza nti: «Mukama wanje, ivyo vyose bizohera gute?»  Na we anyishura ati: «Niwigire Daniyeli, kuko ayo majambo akwiye kuguma ari ibanga kandi akaguma yugawe hakoreshejwe ikidodo gushika mu gihe c’iherezo+. 10  Benshi bazokwihumanura, biyeze kandi bityorore+. Ababisha bazoguma bakora ivy’ububisha, kandi nta n’umwe muri bo azobitahura. Ariko abafise ugutahura* bazobitegera+. 11  Kuva hakuweho ca kimazi c’ubudasiba+ gushika hashizweho ca kintu gisesemye giteza agatikizo+, hazoca imisi 1.290. 12  Arahiriwe uwuguma arindiriye* gushika imisi 1.335 iheze. 13  Nayo wewe, nugume ushikamye gushika kw’iherezo. Uzokwiruhukira, ariko uzohaguruka kugira uronke umugabane wawe* mu misi y’iherezo+

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «ni nde ameze nk’Imana?»
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Mu giheburayo havuga ngo «bazonyuragira irya n’ino.»
Ni ukuvuga ibihe bitatu n’igice.
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Canke «uwuguma arindiranye igishika.»
Canke «uzohagarara mu kibanza wahawe.»