Daniyeli 4:1-37

  • Umwami Nebukadinezari yemera icese ubwami bw’Imana (1-3)

  • Umwami arota indoto yerekeye igiti (4-18)

    • Ico giti comaze ibihe indwi caraciwe (16)

    • Imana ni yo iganza abantu (17)

  • Daniyeli asobanura iyo ndoto (19-27)

  • Iyo ndoto ibanza kurangukira ku mwami (28-36)

    • Umwami amara ibihe indwi ari umusazi (32, 33)

  • Umwami aninahaza Imana yo mw’ijuru (37)

4  «Umwami Nebukadinezari, ku bantu baba kw’isi bo mu moko yose, mu mahanga yose n’indimi zitandukanye: mugire amahoro menshi!  Ndi n’umunezero wo kubamenyesha ibimenyetso n’ibitangaza Imana Musumbavyose yankoreye.  Ese ukuntu ibimenyetso vyayo bihambaye, n’ukuntu ibitangaza vyayo bikomeye! Ubwami bwayo bwamaho kandi ubutegetsi bwayo ni ubwo gushika ibihe bidahera*+.  Jewe Nebukadinezari nari nitekaniye mu nzu yanje, kandi nari ntunganiwe mu kirimba canje.  Nararose indoto yanteye ubwoba. Amashusho nabonye n’ivyo neretswe ndi ku gitanda canje vyaranteye ubwoba+.  Naciye ntegeka ngo banzanire incabwenge* zose z’i Babiloni, kugira zimenyeshe insobanuro y’iyo ndoto+.  Ico gihe, abaherezi bakora ivy’amageza, abapfumu, Abakaludaya* n’abaragurisha inyenyeri+ baciye binjira. Narababwiye iyo ndoto, ariko ntibashoboye kumenyesha insobanuro yayo+.  Amaherezo Daniyeli yarinjiye, uwo bise Beluteshazari+ bisunze izina ry’imana yanje+, kandi akaba arimwo impwemu ya za mana nyeranda+. Ndaheza ndamwiganira iyo ndoto nti:  “Ewe Beluteshazari, umukuru w’abaherezi bakora ivy’amageza+, ndazi neza ko impwemu ya za mana nyeranda iri muri wewe+, be n’uko ata banga na rimwe rikunanira guhishura+. Mbwira rero insobanuro y’ivyo neretswe mu ndoto. 10  Mu vyo neretswe ndi ku gitanda canje, nabonye igiti+ kiri hagati mw’isi kandi cari kirekire cane+. 11  Ico giti carakuze kirakomera, uburebure bwaco bushika kw’ijuru, kandi abari ku mpera z’isi yose barakibona. 12  Cari gifise amababi atotahaye n’ivyamwa vyinshi, kandi caratanga ibifungurwa bihaza ibiriho vyose*. Ibikoko vyo mw’ishamba vyaronderera igitutu munsi yaco, inyoni zo mu kirere zikarika mu mashami yaco, kandi ivyaremwe vyose vyarya ivyamwa vyaco. 13  Igihe nerekwa ivyo bintu ndi ku gitanda canje, nagiye mbona inderetsi nyeranda, imanuka iva mw’ijuru+. 14  Maze isemerera n’ijwi rirenga iti: ‘Nimwicire ico giti+, mutemagure amashami yaco, muhungurure amababi yaco kandi musanzaze ivyamwa vyaco. Ibikoko nibihunge bive munsi yaco, n’inyoni zive mu mashami yaco. 15  Ariko igishitsi caco n’imizi yaco mubirekere mw’ivu, mu vyatsi vyo mw’ishamba, kiboheshejwe imigozi y’icuma n’umujumpu. Mukireke kijobekwe n’urume ruva mw’ijuru, kandi gisangire n’ibikoko ivyatsi vyo kw’isi+. 16  Umutima waco nuhindurwe ureke kuba umutima w’umuntu, maze gihabwe umutima w’igikoko, gushika ibihe indwi+ biheze+. 17  Iyo ngingo itangajwe n’inderetsi+, kandi iryo tegeko rimenyekanishijwe n’aberanda, kugira ngo abariho bamenye ko Musumbavyose ari we aganza ubwami bw’abantu+, be n’uko abuha uwo ashatse wese, mbere akabuha umuntu ari hanyuma y’abandi bose ngo abuganze.’ 18  Ivyo ni vyo jewe umwami Nebukadinezari nabonye mu ndoto. Ubu rero ga Beluteshazari, numbwire insobanuro yavyo, kuko izindi ncabwenge zose zo mu bwami bwanje zananiwe kumbwira insobanuro yavyo+. Ariko wewe urabishoboye, kuko impwemu ya za mana nyeranda iri muri wewe.” 19  Daniyeli, uwitwa kandi Beluteshazari+, aca amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bitangura kumutera ubwoba. Maze umwami amubwira ati: “Ewe Beluteshazari, indoto zanje n’insobanuro yazo ntibigutere ubwoba.” Beluteshazari amwishura ati: “Databuja, iyo ndoto irakaba ku bakwanka, n’insobanuro yayo ibe ku bansi bawe. 20  Ico giti wabonye maze kigakura kigakomera, uburebure bwaco bugashika kw’ijuru kandi kikabonwa n’abari kw’isi yose+, 21  ico giti gifise amababi atotahaye, ivyamwa vyinshi kandi kigatanga ibifungurwa bihaza ibiriho vyose, maze ibikoko vyo mw’ishamba bikaba munsi yaco, n’inyoni zo mu kirere zikibera mu mashami yaco+, 22  ni wewe mwami, kuko wabaye uwuhambaye kandi ugakomera. Icubahiro cawe carongerekanye gushika kw’ijuru+, ubutegetsi bwawe na bwo bushika ku mpera y’isi+. 23  Kandi umwami yabonye inderetsi nyeranda+, imanuka iva mw’ijuru, maze ivuga iti: ‘Nimwicire ico giti, mugitemagure, ariko igishitsi caco n’imizi yaco mubirekere mw’ivu, mu vyatsi vyo mw’ishamba, kiboheshejwe imigozi y’icuma n’umujumpu. Mukireke kijobekwe n’urume ruva mw’ijuru kandi gisangire n’ibikoko ivyatsi vyo mw’ishamba gushika ibihe indwi biheze+.’ 24  Ng’iyi rero insobanuro mwami, kandi ibi ni vyo Musumbavyose yavuze ko bizoshikira databuja umwami wanje: 25  uzokwirukanwa mu bantu ubane n’ibikoko vyo mw’ishamba, kandi uzorisha ivyatsi nk’impfizi z’inka. Uzomara ibihe indwi+ ujobekwa n’urume ruva mw’ijuru+, gushika umenye ko Musumbavyose ari we aganza ubwami bw’abantu, be n’uko abuha uwo ashatse wese+. 26  Ariko kubera bavuze ko igishitsi c’ico giti n’imizi yaco biguma mw’ivu+, ubwami bwawe uzobusubizwa, umaze gutahura ko Imana yo mw’ijuru ari yo iganza. 27  Rero mwami, ese wokwemera impanuro yanje! Nuvavanure n’ibicumuro vyawe, ukore ivyiza kandi uhebe amakosa yawe maze ugirire neza aboro. Hari aho ukuroranirwa kwawe kwomara kabiri+.”» 28  Ivyo vyose vyarashikiye umwami Nebukadinezari. 29  Haheze amezi 12, yariko aratembera hejuru ku gisenge c’ikirimba c’umwami c’i Babiloni. 30  Umwami aca avuga ati: «Mbega iyi si Babiloni ikomeye, iyo jewe ubwanje niyubakiye ngo ibe ikirimba c’umwami, nkoresheje inguvu zanje n’ububasha bwanje, kugira ngo icubahiro canje kininahazwe?» 31  Umwami ataraheza no kuvuga iryo jambo, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru, rivuga riti: «Ibi ni vyo ubwiwe mwami Nebukadinezari: “Uratswe ubwami+, 32  kandi urirukanywe mu bantu. Uzobana n’ibikoko vyo mw’ishamba, kandi uzorisha ivyatsi nk’impfizi z’inka. Uzomara ibihe indwi, gushika umenye ko Musumbavyose ari we aganza ubwami bw’abantu, be n’uko abuha uwo ashatse wese+.”» 33  Ubwo nyene iryo jambo rica rirangukira kuri Nebukadinezari. Yirukanwa mu bantu, maze atangura kurya ivyatsi nk’impfizi z’inka. Umubiri wiwe ujobekwa n’urume ruva mw’ijuru, imishatsi yiwe irakura isigara ireha n’amoya y’inkona, inzara ziwe na zo zisigara zimeze nk’ivyara vy’inyoni+. 34  «Ico kiringo giheze+, jewe Nebukadinezari nararangamije kw’ijuru, maze ubwenge buragaruka. Naciye nshemeza Musumbavyose, ndashemeza nongera ndaninahaza Imana ihoraho, kuko ubutegetsi bwayo bwamaho kandi ubwami bwayo ni ubwo gushika ibihe bidahera+. 35  Ababa kw’isi bose ni ubusa imbere yayo, kandi ikoresha ico ishatse cose ingabo zo mw’ijuru n’ababa kw’isi. Nta n’umwe ashobora kuyitangira*+ canke kuyibaza ngo: “Ivyo wakoze ni ibiki+?” 36  Uwo mwanya nyene, ubwenge bwanje buragaruka kandi ubuninahazwa bw’ubwami bwanje, icubahiro canje n’ubwiza bwanje bwakaka na vyo nyene biragaruka+. Abategetsi banje bakomakomeye n’abandi banyacubahiro barandondeye babishashaye, maze nsubizwa ku bwami, mbere mpabwa ubuninahazwa buruta ubwo nari mfise. 37  Ubu rero jewe Nebukadinezari, ndashemeza, ngashira hejuru kandi nkaninahaza Umwami wo mw’ijuru+, kuko ibikorwa vyiwe vyose ari ukuri kandi inzira ziwe zose ziragororotse+. Vyongeye, arashoboye gucisha bugufi abishira hejuru+

Utujambo tw'epfo

Canke «ubutegetsi bwayo bwamaho uko urunganwe rugenda rurakurikirana.»
Canke «inkerebutsi.»
Wari umugwi w’abahinga mu vy’ubupfumu no mu vyo kuragurisha inyenyeri.
Canke «igifise umubiri cose.»
Canke «gutangira ukuboko kwayo.»