Ezekiyeli 27:1-36

  • Akaririmbo k’intimba kerekeye ukunyika kwa Tiro (1-36)

27  Yehova yongera kumbwira ati:  «Mwana w’umuntu, ririmba akaririmbo k’intimba ku bijanye na Tiro+,  ubwire Tiro uti:“Wewe uba ku marembo y’ikiyaga,wewe ukorana urudandaza n’amahanga yo mu mazinga menshi,Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ewe Tiro, wewe ubwawe wavuze ngo: “Mfise ubwiza butagira akanenge+.”   Uturere twawe turi hagati mu kiyaga.Abakwubatse baguhaye ubwiza butagira akanenge.   Imbaho zose bagukozemwo ni izo mu biti vy’imiberoshi vy’i Seniri+.Bafashe isederi ry’i Libani bagukorera inkingi.   Ingafe* zawe bazikoze mu biti vy’imyeloni vy’i Bashani.Igice cawe c’imbere* bagikoze mu mbaho z’akajwari zashizweko amasenge, zava mu mazinga ya Kitimu+.   Igitambara cawe c’ubwato cari gikozwe mu gihuzu ciza* c’amabara cava mu Misiri.Ibitambara bipfuka uruhande rwawe rwo hejuru, vyari bikozwe mu nyuzi z’ubururu n’ubwoya bw’umuyugubwe* biva mu mazinga ya Elisha+.   Ababa i Sidoni n’i Aruvadi+ ni bo bagusoza. Abahinga bawe ga Tiro, ni bo bagutumbereza+.   Abagabo b’i Gebali+ bakanongoreye* kandi b’abahinga ni bo bahoma amafatanirizo yawe+. Amato* yose yo mu kiyaga n’abayagendesha bahora baza iwawe kugira ngo muhanahane ibidandazwa. 10  Abagabo bo mu Buperesi, i Ludi n’i Puti+ bari mu ngabo zawe, bari abarwanyi bawe. Bakumanikako inkinzo zabo n’inkofero zabo, bagatuma ugira ubwiza bwinshi. 11  Abagabo b’i Aruvadi bo mu ngabo zawe, bahagarara ku nzitiro zigukikuje,abagabo b’abahizi bagakingira iminara yawe. Bamanika inkinzo zabo z’umuzingi ku nzitiro zawe irya n’ino,bagatuma ugira ubwiza butagira akanenge. 12  Ab’i Tarushishi+ bakorana nawe urudandaza kubera ubutunzi bwawe bwinshi+. Baguha ifeza, ubutare bw’icuma, ubw’ibati n’ubw’isasu, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe+. 13  Ab’i Yavani, i Tubali+ n’i Mesheki+ bakorana urudandaza nawe. Baguha abashumba+ n’ibintu vy’umujumpu, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe. 14  Abakomoka kuri Togaruma+ baguha amafarasi n’amafarasi y’intambara be n’indogobwa*, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe. 15  Ab’i Dedani+ bakorana urudandaza nawe. Wakoresha abadandaza mu mazinga menshi. Amasenge+ n’ibiti vy’umwebeni* ni yo ngabire baguha. 16  Abanyedomu bakorana urudandaza nawe kubera ibidandazwa vyawe vyinshi. Baguha amabuye y’agaciro yitwa tirikwaze, ubwoya busa n’umuyugubwe, impuzu zideshe z’amabara, ibitambara vyiza, amabuye y’agaciro yitwa korali n’ayitwa rubi, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe. 17  Ubuyuda n’igihugu ca Isirayeli bakorana urudandaza nawe. Baguha ingano z’i Miniti+, ivyo kurya vyizavyiza, ubuki+, amavuta n’ibintu bimota neza*+, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe+. 18  Ab’i Damasiko+ bakorana urudandaza nawe kubera ibidandazwa vyawe vyinshi n’ubutunzi bwawe bwose. Bashora iwawe umuvinyu w’i Heluboni n’ubwoya buva i Zahari*. 19  Ab’i Vedani n’i Yavani mu karere ka Uzali, baguha ibintu bicuzwe mu cuma, umubagabaga* na kanehe*, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe. 20  Ab’i Dedani+ bashora iwawe impuzu zo kwicarako* bashira ku bikoko bitwara abantu n’ibintu. 21  Wakoresha Abarabu n’abakuru bose b’i Kedari+. Badandaza imyagazi y’intama, impfizi z’intama n’impene+. 22  Abacuruza b’i Sheba n’i Rama+ bakorana urudandaza nawe. Baguha amaparufe meza cane y’ubwoko bwose, ubwoko bwose bw’amabuye y’agaciro n’inzahabu, nawe ukabaha ibidandazwa vyawe+. 23  Ab’i Harani+, i Kane, i Edeni+, abacuruza b’i Sheba+, i Ashuru+ n’i Kilimadi, bakorana urudandaza nawe. 24  Mu masoko yawe bahashora impuzu nziza, imitamana ikozwe mu gitambara c’ubururu idesheko udusharizo tw’amabara n’amatapi y’amabara menshi. Vyose vyaba bitekeye, biboheshejwe imigozi. 25  Amato y’i Tarushishi+ ni yo yaseha ibidandazwa vyawe,ku buryo wuzura ukaremerwa* uri iyo kure hagati mu kiyaga. 26  Abagusoza bakujanye mu mazi menshi.Umuyaga wo mu buseruko waragusabije uri iyo kure hagati mu kiyaga. 27  Ubutunzi bwawe, ibintu vyawe, ibidandazwa vyawe, abagusoza, abagutumbereza,abahoma amafatanirizo yawe, abagurisha ibidandazwa vyawe+ n’abarwanyi bose+,ni ukuvuga isinzi* ryose ry’abantu bari iwawe,vyose bizonyikira iyo kure hagati mu kiyaga ku musi w’ugutemba kwawe+. 28  Abagutumbereza nibakoma akaruru, uturere two ku nkengera tuzotigita. 29  Abasoza ubwato bose, ababutwara bose n’abakorera ku mato bose,bazokwururuka bave mu mato yabo, bahagarare i musozi. 30  Bazoshira ijwi hejuru bakuborogere cane+biyorerako umukungugu ku mutwe, bikumbagaza mu minyota. 31  Bazokwiharanguza bakenyere n’amagunira.Bazokuririra batuntuye, baboroge cane. 32  Mu gucura intimba kwabo bazokuririmbira akaririmbo k’intimba, baririmbane agahinda bati: “Ni nde ameze nka Tiro, umwe yaguye mu kiyaga akanumirizwayo+? 33  Igihe ibidandazwa vyawe vyaba bivuye kure mu kiyaga, amahanga menshi warayaha akaronka ibikwiye*+. Ubutunzi bwawe bwinshi n’ibidandazwa vyawe vyaratungisha abami b’isi+. 34  None ubu wasabiye kure mu kiyaga, unyikira mw’ibenga+.Ibidandazwa vyawe vyose n’abantu bawe bose, vyanyikanye nawe+. 35  Ababa mu mazinga bose bazokuraba bumiwe+,abami babo bahinde agashitsi bajorewe+. Bazota umutwe, biboneke no mu maso. 36  Abadandaza bo mu mahanga bazovuza agahwa kubera ivyagushikiye. Iherezo ryawe rizoza bukwi na bukwi, kandi rizoba riteye ubwoba.Ntuzopfa wongeye kubaho+.”’”»

Utujambo tw'epfo

Ingafe ni ibintu bakoresha mu gusoza ubwato, bishaka kumera nk’umudahara.
Canke «impanza yawe.»
Mu gifaransa bacita lin. Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Mu giheburayo havuga ngo «b’abatama.»
Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Canke «inyumpu.» Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.
Mu gifaransa ni ébène.
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Canke «bweragurika bugomba gutukura.»
Ni igiti gisangiye ubwoko n’icitwa kaneliye (cannelier).
Ni ubwoko bw’amarenga amota neza.
Canke «impuzu zijishe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ukagira ubuninahazwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «ishengero.»
Canke «warahaza amahanga menshi.»