Ezekiyeli 3:1-27

  • Imana iha Ezekiyeli umuzingo wo kurya (1-15)

  • Ezekiyeli asabwa kuba inderetsi (16-27)

    • Atavuze yokwagiriwe n’amaraso (18-21)

3  Araheza ambwira ati: «Mwana w’umuntu, nurye ico kiri imbere yawe*. Rya uwo muzingo hanyuma ugende, ubwire Abisirayeli+  Nuko ndasama, na we andisha uwo muzingo.  Hanyuma ambwira ati: «Mwana w’umuntu, rya uwo muzingo ndaguhaye uwuzuze inda yawe.» Nuko ntangura kuwurya, mu kanwa unsosera nk’ubuki+.  Ambwira ati: «Mwana w’umuntu, ja mu Bisirayeli ubabwire amajambo yanje.  Kuko utarungitswe ku bantu bavuga ururimi rutumvikana canke rutazwi ahubwo urungitswe ku Bisirayeli.  Nturungitswe ku mahanga menshi avuga ururimi rutumvikana canke rutazwi, avuga amajambo udashobora gutegera. Iyaba ari yo ndagutumyeko, yokwumvirije+.  Ariko Abisirayeli bazokwanka kukwumviriza, kuko badashaka kunyumviriza+. Bose bafise umutwe ukomantaye n’umutima ukomantaye+.  Raba! Mu maso hawe ndahakomantaje neza na neza nko mu maso habo, n’uruhanga rwawe ndarukomantaje neza na neza nk’uruhanga rwabo+.  Uruhanga rwawe ndarugize nka diyama, ndarukomantaje kurusha ibuye ry’isare+. Ntubatinye kandi amaso yabo ntakurandure umutima+ kuko ari abagarariji.» 10  Abandanya kumbwira ati: «Mwana w’umuntu, umviriza amajambo yose nkubwira, uyashire ku mutima. 11  Genda mu bantu bo mw’ihanga ryanyu bari mu bunyagano+, ubabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze uku n’uku”, bumva canke batumva+ 12  Maze impwemu* irantwara+, nca numva inyuma yanje ijwi rihinda cane rivuga ngo: «Ubuninahazwa bwa Yehova nibushemagirizwe aho ari.» 13  Hari urwamo rw’amababa ya vya binyabuzima yakoranako+, n’urwamo rwa ya mapine yari iruhande yavyo+, be n’ijwi rihinda cane. 14  Ya mpwemu iramfata, irantwara, ngenda mbabaye, naratse mu mutima, kandi ububasha* bwa Yehova bwaguma kuri jewe bunkoreramwo mu buryo bukomeye. 15  Nuko nja i Teli-Abibu mu bajanywe mu bunyagano baba hafi y’uruzi Kebari+, nguma aho baba. Namaze imisi indwi muri bo, numiwe+. 16  Iyo misi indwi iheze, Yehova ambwira ati: 17  «Mwana w’umuntu, nakugenye ngo ubere inderetsi Abisirayeli+. Niwumva ijambo riva mu kanwa kanje, uzoce ubampera iyo mburi+. 18  Ninabwira umubisha nti: “Ntuzobura gupfa”, mugabo ntumuburire, ukareka kuvuga kugira ngo umuburire ahebe ingendo yiwe y’ububisha maze abandanye kubaho+, uwo mubisha azopfa azize ikosa ryiwe kubera ari umubisha+. Mugabo amaraso yiwe nzoyakwishuza*+. 19  Mugabo niwaburira umubisha, na we ntahindukire ngo ahebe ububisha bwiwe n’ingendo yiwe y’ububisha, azopfa azize ikosa ryiwe. Mugabo wewe uzorokora ubuzima bwawe ata kabuza+. 20  Ariko umugororotsi niyaheba gukora ibigororotse agakora ibibi*, nzoshira igitsitaza imbere yiwe maze apfe+. Nutaba waramuburiye azopfa azize igicumuro ciwe, kandi ibikorwa vyiwe vy’ubugororotsi ntibizokwibukwa. Mugabo amaraso yiwe nzoyakwishuza*+. 21  Mugabo niwaba waraburiye umugororotsi ngo ntacumure maze akirinda gucumura, azobandanya kubaho ata kabuza kuko yaburiwe+, kandi uzoba urokoye ubuzima bwawe.» 22  Ububasha* bwa Yehova bunzako ndi ng’aho, araheza ambwira ati: «Haguruka uje mu kiyaya, ni ho nza kuvuganira nawe.» 23  Nuko ndahaguruka nja mu kiyaya, maze ngize ntya, ndahabona ubuninahazwa bwa Yehova+ nka bwa buninahazwa nari nabonye hafi ya rwa ruzi Kebari+, nca ngwa nubamye. 24  Maze impwemu inyinjiramwo, irampagurutsa+, hanyuma Imana imbwira iti: «Genda wiyugaranire mu nzu yawe. 25  Ewe mwana w’umuntu, bazofata imigozi bayikuboheshe, kugira ngo ntusohoke ngo uje muri bo. 26  Nzotuma ururimi rwawe rumatana n’amagage, ucike nyamuragi ku buryo udashobora kubakosora, kuko ari abagarariji. 27  Ariko ninavugana nawe, nzoteranura akanwa kawe, ubabwire+ uti: “Umukama Segaba Yehova avuze uku n’uku.” Uwumva niyumve+, uwanka na we yanke, nakare ni abagarariji+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «nurye ico uronka.»
Mu giheburayo iryo jambo rishobora gusobanura impwemu y’Imana canke umumarayika.
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Canke «nzoyaharura ku gatwe kawe.»
Canke «nzoyaharura ku gatwe kawe.»
Canke «ibitagororotse.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»