Ezekiyeli 38:1-23

  • Igitero ca Gogi kuri Isirayeli (1-16)

  • Ishavu Yehova afitiye Gogi (17-23)

    • «Amahanga azomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova» (23)

38  Yehova yongera kumbwira ati:  «Mwana w’umuntu, hindukira urabe Gogi wo mu gihugu ca Magogi+, wa mukuru kizigenza* wa Mesheki na Tubali+, uvuge ubuhanuzi bw’ibizomushikira+.  Uvuge uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira nkurwanye, ewe Gogi, wewe mukuru kizigenza* wa Mesheki na Tubali.  Nzotuma uhindukira, nshire ingobe* mu mibangabanga yawe+, ndagusohorane n’ingabo zawe zose+, amafarasi n’abayagenderako, bose bambaye impuzu nzizanziza. Ni isinzi rinini ryitwaje inkinzo zagutse n’inkinzo ntonto*, bose bakaba barwanisha inkota.  Bazoba bari kumwe n’Ubuperesi, Etiyopiya na Puti+, bose bafise inkinzo ntonto n’inkofero.  Hazoba kandi hari Gomeri n’ingabo zaho zose, abakomoka kuri Togaruma+ bo mu mihingo ya kure cane yo mu buraruko, n’ingabo zabo zose. Amahanga menshi azoba ari kumwe nawe+.  Itegure, mwitegure mwe n’ingabo zawe zikoraniye aho uri, ubabere umukuru*.  Haheze imisi myinshi, ivyawe bizokwitabwaho*. Mu myaka ya nyuma, uzotera igihugu kibamwo abantu bakize inkota, bagaruka kubayo. Bakoranirijwe hamwe bakuwe mu mahanga menshi, bazanwa ku misozi ya Isirayeli yari imaze igihe kirekire yaratikijwe. Ababa muri ico gihugu bagarukanywe bakuwe mu mahanga, kandi bose bibera mu mutekano+.  Uzoza kubatera nka kurya kw’igihuhusi, upfuke igihugu nk’ibicu, mwe n’ingabo zawe zose be n’amahanga menshi ari kumwe nawe.’” 10  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kuri uwo musi hazoza ivyiyumviro bibi mu mutima wawe, utegure umugambi mubi. 11  Uzovuga uti: ‘Ngira ntere igihugu c’ibigwati bidakingiye*+. Ngira ntere abibereye mu mutekano, ata kibahungabanya, bose bakaba bibera mu bigwati bidakingijwe inzitiro, ivyugazo canke amarembo.’ 12  Uzobikora kugira ngo usahure ibintu vyinshi ubinyage, ngo utere ibibanza vyatikijwe bisigaye bibamwo abantu+ be n’ihanga ry’abantu bagarukanywe bagakoranirizwa hamwe bakuwe mu mahanga+. Ni abantu bafise amatungo n’ibintu vyinshi+, bakaba bibera hagati na hagati y’isi. 13  Ab’i Sheba+ n’i Dedani+ n’abadandaza b’i Tarushishi+ n’abarwanyi* baho bose bazokubwira bati: ‘Uje gutera kugira uronke ibintu vyinshi usahura? Mbega wakoranije ingabo zawe kugira ngo unyage ifeza n’inzahabu, utware amatungo n’ibintu, usahure ibintu vyinshi cane?’” 14  Vuga rero ubuhanuzi, mwana w’umuntu, ubwire Gogi uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Umusi abantu banje b’Abisirayeli bazoba bibereye mu mutekano, ugira ngo ntuzobimenya+? 15  Uzoza uvuye ahantu hawe, mu mihingo ya kure cane yo mu buraruko+, wewe n’amahanga menshi ari kumwe nawe, bose bagendera ku mafarasi. Ni isinzi rinini, emwe ingabo nyinshi cane+. 16  Uzoza gutera abantu banje b’Abisirayeli nka kurya kw’ibicu bipfutse igihugu. Mu misi y’iherezo, nzokuzana gutera igihugu canje+, kugira ngo amahanga amenye jewe, ninerekana ko ndi mweranda imbere yayo biciye ku vyo nzogukorera, ewe Gogi+!’” 17  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mbega nturi wa wundi nyene navuga mu misi ya kera biciye ku basavyi banje, abahanuzi ba Isirayeli? Bamaze imyaka myinshi bamenyesha yuko woje gutera Abisirayeli.” 18  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kuri uwo musi, umusi Gogi yaje gutera igihugu ca Isirayeli, uburake bwanje bwinshi buzoca buduga+. 19  Nzovugana ishaka n’uburake bwaka umuriro. Kuri uwo musi, hazoba nyamugigima ikomeye mu gihugu ca Isirayeli. 20  Kubera jewe, amafi yo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere, ibikoko vyo mw’ishamba, ivyikwega hasi vyose n’abantu bose bari kw’isi, bizojugumira. Imisozi izotemba+, imanga zisenyuke n’inzitiro zose zigwe hasi.” 21  “Nzohamagara inkota imutere ku misozi yanje yose”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Umwe wese azokoresha inkota yiwe mu kwica mwenewabo+. 22  Nzoshitsa urubanza namuciriye*, ndamuteze ikiza+, ntume haseseka amaraso. Nzogwisha kuri we imvura y’isegenya, urubura+, umuriro+ n’amazuku*+, ndabigwishe no ku ngabo ziwe no ku mahanga menshi ari kumwe na we+. 23  Nzokwininahaza koko, nerekane ko ndi mweranda, nongere nimenyekanishe imbere y’amahanga menshi. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”

Utujambo tw'epfo

Canke «wa muganwa mukuru.»
Canke «wewe muganwa mukuru.»
Ingobe ni ivyuma vyigonze nk’igera.
Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.
Mu giheburayo havuga ngo «umurinzi.»
Canke «uzotumwako.»
Canke «c’uturere tutazitiye two mu gihugu hagati.»
Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»
Canke «nzoburana na we.»
Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.