Ezekiyeli 40:1-49

  • Ezekiyeli ajanwa muri Isirayeli mw’iyerekwa (1, 2)

  • Ezekiyeli yerekwa urusengero (3, 4)

  • Ibigo n’amarembo (5-47)

    • Irembo riraba mu buseruko (6-16)

    • Ikigo c’inyuma be n’ayandi marembo (17-26)

    • Ikigo c’indani n’amarembo (27-37)

    • Ibibanza vy’uburiro vy’abakorera mu rusengero (38-46)

    • Igicaniro (47)

  • Ibaraza ry’urusengero (48, 49)

40  Mu mwaka ugira 25 kuva tujanywe mu bunyagano+, mu ntango z’umwaka, ku musi ugira cumi w’ukwezi, hakaba hari mu mwaka ugira 14 igisagara gifashwe+, kuri uwo musi nyene ububasha* bwa Yehova bwaranjeko bunjana muri ico gisagara+.  Biciye ku vyo nariko nderekwa n’Imana, Imana yanjanye mu gihugu ca Isirayeli, intereka ku musozi muremure cane+ wariko inyubako imeze nk’igisagara mu bumanuko.  Inshikanyeyo, nabonye umugabo afise ishusho isa n’umujumpu+. Yari afise mu kuboko umugozi ukozwe mu nyuzi* n’irenga ryo gupimisha*+, akaba yari ahagaze mw’irembo.  Uwo mugabo ambwira ati: «Mwana w’umuntu, itegereze neza, wumvirize witonze, ushire umutima ku vyo ngira ndakwereke vyose, kuko ari co gituma wazanywe ng’aha. Uze ubwire Abisirayeli ivyo uza kubona vyose+  Maze mbona uruzitiro rukikuje ikigo kirimwo urusengero*. Uwo mugabo yari afise mu kuboko irenga ryo gupimisha rireha n’intambwe zitandatu (buri ntambwe yongeweko uburebure bungana n’ubwaguke bw’ikiganza)*. Atangura gupima urwo ruzitiro. Intimbatimba yarwo yangana n’irenga rimwe, uburebure bwarwo bw’amahagarara bukangana n’irenga rimwe.  Hanyuma aza kw’irembo riraba mu buseruko+, adugana ku ngazi zaryo. Aca apima ubwinjiriro bw’iryo rembo. Ubwaguke bwaho bwangana n’irenga rimwe. Hariho n’ubundi bwinjiriro bufise ubwaguke bw’irenga rimwe.  Buri cumba c’abarinzi+ cari gifise uburebure bw’irenga rimwe n’ubwaguke bw’irenga rimwe. Hagati y’icumba n’ikindi hari intambwe zitanu. Ubwinjiriro bw’irembo bushikana kw’ibaraza ry’irembo riraba indani bwangana n’irenga rimwe.  Apima ibaraza rya nya rembo riraba indani, ringana n’irenga rimwe.  Araheza apima ibaraza rya nya rembo, ringana n’intambwe umunani. Apima inkingi zaryo zo mu mbavu, zingana n’intambwe zibiri. Ibaraza rya nya rembo ryari ku ruhande ruraba indani. 10  Kuri buri ruhande rw’irembo ryo mu buseruko hari ivyumba bitatu vy’abarinzi. Uko ari bitatu vyarangana, n’inkingi zo mu mbavu kuri izo mpande zibiri zikangana. 11  Maze apima ubwaguke bw’ishikiro rya nya rembo, buba intambwe 10. Uburebure bwa nya rembo bwari intambwe 13. 12  Kuri buri ruhande, igice kizitiye c’imbere y’ivyumba vy’abarinzi cangana n’intambwe imwe. Kimwe cose mu vyumba vy’abarinzi biri ku mpande zompi cangana n’intambwe zitandatu. 13  Maze apima irembo kuva ku gisenge c’icumba kimwe c’abarinzi* gushika ku gisenge c’ikindi cumba. Ryari rifise ubwaguke bw’intambwe 25. Ubwinjiriro bw’icumba kimwe bwarabana n’ubw’ikindi+. 14  Maze apima inkingi zo mu mbavu, zikaba zari zifise uburebure bw’intambwe 60. Apima n’inkingi zo mu mbavu z’amarembo ari irya n’ino y’ikigo. 15  Kuva imbere y’ishikiro ry’irembo gushika imbere y’ibaraza mu ruhande rw’indani rw’irembo, hangana n’intambwe 50. 16  Imbere mw’irembo, ivyumba vy’abarinzi vyo ku mpande zompi hamwe n’inkingi zavyo zo mu mbavu vyari bifise amadirisha agenda araga*+. Imbere mu mabaraza na ho nyene hari amadirisha ku mpande. Kuri izo nkingi zo mu mbavu hari amashusho y’ibigazi+. 17  Arahava anzana mu kigo c’inyuma, maze mbona ibibanza vy’uburiro*+, mbona kandi hirya no hino y’ikigo hashashe amabuye. Aho hantu hashashe amabuye hari ibibanza 30 vy’uburiro. 18  Ahashashe amabuye iruhande y’amarembo hari hafise ubwaguke bwangana n’uburebure bw’ayo marembo. Urwo ni rwo ruhande rw’epfo rw’ahashashe amabuye. 19  Maze apima* kuva imbere y’irembo ryo hepfo gushika ku mubari w’ikigo c’indani. Hangana n’intambwe 100 mu buseruko no mu buraruko. 20  Ikigo c’inyuma cari gifise irembo riraba mu buraruko. Araheza apima uburebure bwaryo n’ubwaguke bwaryo. 21  Ku mpande zompi hari ivyumba bitatu vy’abarinzi. Inkingi zaryo zo mu mbavu n’ibaraza ryaryo vyangana n’ivy’irembo rya mbere. Ryari rifise uburebure bw’intambwe 50 n’ubwaguke bw’intambwe 25. 22  Amadirisha yaryo n’ibaraza ryaryo n’amashusho yaryo y’ibigazi+ vyangana n’ivy’irembo ryo mu buseruko. Kugira bashikeyo baduga ingazi indwi, kandi ibaraza ryaryo ryari imbere yazo. 23  Mu kigo c’indani hari irembo ryarabana n’irembo ryo mu buraruko, hakaba n’irirabana n’iryo mu buseruko. Kuva kw’irembo rimwe gushika ku rindi yapimye intambwe 100. 24  Hanyuma anzana amaja mu bumanuko, maze mbona irembo mu bumanuko+. Apima inkingi zaryo zo mu mbavu n’ibaraza ryaryo. Vyangana n’ivy’ayandi marembo. 25  Ku mpande zaryo n’iz’ibaraza ryaryo hari amadirisha ameze nka ya madirisha yandi. Ryari rifise uburebure bw’intambwe* 50 n’ubwaguke bw’intambwe 25. 26  Hari ingazi indwi zishikana kuri ryo+, kandi ibaraza ryaryo ryari imbere yazo. Ryari rifise amashusho y’ibigazi ku nkingi zaryo zo mu mbavu, imwe hino iyindi hirya. 27  Ikigo c’indani cari gifise irembo riraba mu bumanuko. Apima kuva kw’irembo gushika ku rindi amaja mu bumanuko. Hangana n’intambwe 100. 28  Hanyuma anzana mu kigo c’indani ancishije mw’irembo ryo mu bumanuko. Apimye iryo rembo ryo mu bumanuko, ryangana n’ayandi marembo. 29  Ivyumba vyaryo vy’abarinzi n’inkingi zaryo zo mu mbavu n’ibaraza ryaryo vyangana n’ivy’ayandi marembo. Ku mpande zaryo n’iz’ibaraza ryaryo hari amadirisha. Ryari rifise uburebure bw’intambwe 50 n’ubwaguke bw’intambwe 25+. 30  Hari amabaraza irya n’ino. Yari afise uburebure bw’intambwe 25 n’ubwaguke bw’intambwe 5. 31  Ibaraza ryaryo ryaraba mu kigo c’inyuma, kandi ku nkingi zaryo zo mu mbavu hari amashusho y’ibigazi+. Hari ingazi umunani zishikana kuri ryo+. 32  Anzana mu kigo c’indani ancishije mu buseruko, araheza apima irembo. Ryangana n’ayandi marembo. 33  Ivyumba vyaryo vy’abarinzi n’inkingi zaryo zo mu mbavu n’ibaraza ryaryo vyangana n’ivy’ayandi marembo. Ku mpande zaryo n’iz’ibaraza ryaryo hari amadirisha. Ryari rifise uburebure bw’intambwe 50 n’ubwaguke bw’intambwe 25. 34  Ibaraza ryaryo ryaraba mu kigo c’inyuma, kandi ku nkingi zaryo zo mu mbavu uko ari zibiri, hari amashusho y’ibigazi. Hari ingazi umunani zishikana kuri ryo. 35  Araheza anzana mw’irembo ryo mu buraruko+, araripima. Ryangana n’ayandi marembo. 36  Ivyumba vyaryo vy’abarinzi n’inkingi zaryo zo mu mbavu n’ibaraza ryaryo vyari bimeze nk’ivy’ayandi marembo. Ryari rifise amadirisha irya n’ino. Ryari rifise uburebure bw’intambwe 50 n’ubwaguke bw’intambwe 25. 37  Inkingi zaryo zo mu mbavu zaraba mu kigo c’inyuma, kandi ku nkingi zaryo zo mu mbavu uko ari zibiri hari amashusho y’ibigazi. Hari ingazi umunani zishikana kuri ryo. 38  Hafi y’inkingi zo mu mbavu z’amarembo hari ikibanza c’uburiro gifise ubwinjiriro. Aho ni ho barongera amashikanwa aturirwa uko yakabaye+. 39  Irya n’ino y’ibaraza ry’irembo hari imeza zibiri bakerererako amashikanwa aturirwa uko yakabaye+, ay’igicumuro+ n’ayo kwagirwa n’icaha+. 40  Ku nzira ija kw’irembo ryo mu buraruko hari imeza zibiri hanze kw’ishikiro. No ku rundi ruhande rw’ibaraza ry’irembo hari imeza zibiri. 41  Ku ruhande rumwe rw’irembo hari imeza zine, ku rundi hakaba zindi zine. Zose hamwe zari umunani. Ni zo bakerererako ibimazi. 42  Imeza zine z’amashikanwa aturirwa uko yakabaye zari zibajwe mu mabuye. Zari zifise uburebure bw’intambwe imwe n’igice, ubwaguke bw’intambwe imwe n’igice n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe imwe. Kuri zo ni ho batereka ivyo bakoresha mu gukerera amashikanwa aturirwa be n’ibimazi. 43  Utuntu baterekako ibintu dufise ubwaguke nk’ubw’ikiganza twari dufashe irya n’ino ku mpome z’indani. Inyama z’amashikanwa bazitereka ku mameza. 44  Hanze y’irembo ry’indani hari ibibanza vy’uburiro vy’abaririmvyi+. Vyari mu kigo c’indani hafi y’irembo ryo mu buraruko, biraba mu bumanuko. Hari ikindi kibanza c’uburiro cari hafi y’irembo ryo mu buseruko kiraba mu buraruko. 45  Ambwira ati: «Iki kibanza c’uburiro kiraba mu bumanuko ni ic’abaherezi bitwararika ibikorwa vyo mu rusengero+. 46  Ikibanza c’uburiro kiraba mu buraruko ni ic’abaherezi bitwararika igikorwa kijanye n’igicaniro+. Ni bene Sadoki+ bakomoka ku Balewi bajejwe kwegera Yehova kugira ngo bamukorere+ 47  Hanyuma apima ikigo c’indani. Cari gifise uburebure bw’intambwe 100 n’ubwaguke bw’intambwe 100: cari ikwadarato. Igicaniro cari imbere y’urusengero. 48  Araheza anzana mw’ibaraza ry’urusengero+, apima inkingi yo mu mbavu y’iryo baraza. Yari ifise intambwe zitanu ku ruhande rumwe na zitanu ku rundi. Irembo ryari rifise ubwaguke bw’intambwe zitatu ku ruhande rumwe na zitatu ku rundi. 49  Iryo baraza ryari rifise uburebure bw’intambwe 20 n’ubwaguke bw’intambwe 11*. Kugira bashikeyo baduga ingazi. Iruhande y’ibikingi vyo mu mbavu hari inkingi, imwe hino iyindi hirya+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Mu giheburayo ni «peshita.» Ni igiterwa camye kirimwa kuva kera. Inyuzi zaco bazikoramwo impuzu.
Mu giheburayo havuga ngo «irenga ry’ugupimisha rireha n’intambwe zitandatu, intambwe imwe n’ubwaguke bw’ikiganza.» Ni intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.» Mu kigabane ca 40-48, ijambo «inzu» ryahinduwe ngo «urusengero» igihe ryerekeza ku nyubakwa zose ziri mu kigo c’urusengero canke ku nyubakwa nyezina y’urusengero.
Hashobora kuba ari hejuru aho uruhome rw’icumba c’abarinzi rugarukira.
Canke «amadirisha arimwo utubaho dutuma umwenge wayo ugenda uragabanuka.»
Canke «mbona ivyumba.»
Mu giheburayo havuga ngo «apima ubwaguke.»
Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «12.»