Ezekiyeli 9:1-11

  • Abagabo batandatu bahonya, n’uwufise agahembe k’irangi (1-11)

    • Urubanza ruhera ahantu heranda (6)

9  Nuko ahamagara n’ijwi rirenga numva ati: «Tumako abaza guhana igisagara, umwe wese aze afise mu minwe ikirwanisho ciwe co guhonya!»  Mbona abagabo batandatu bazananye amaja kw’irembo ryo haruguru+ riraba mu buraruko, umwe wese afise mu minwe ikirwanisho ciwe co kumenagura. Muri bo hari umugabo yambaye impuzu yo mu gitambara ciza*, afise mu kiyunguyungu agahembe umunyamabanga ashiramwo irangi*. Nuko baraza bahagarara iruhande y’igicaniro c’umujumpu+.  Maze ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli+ buva aho bwari buri hejuru y’abakerubi, buja imbere y’umuryango w’urusengero*+. Nuko atangura gusemerera abwira nya mugabo yari yambaye impuzu yo mu gitambara ciza, umwe yari afise mu kiyunguyungu agahembe umunyamabanga ashiramwo irangi.  Yehova amubwira ati: «Nyuragira mu gisagara ca Yeruzalemu, ushire ikimenyetso ku ruhanga rw’abantu baniha bakongera bakaboroga+ kubera ibintu vyose bishisha bikorerwa muri ico gisagara+  Abo bandi ababwira numva ati: «Nimumukurikire munyuragire mu gisagara, mwice. Ijisho ryanyu ntiryumve akagongwe canke ngo mugire impuhwe+.  Mwice mwongere muhonye abatama, abasore, abigeme b’isugi, abana bato n’abagore+. Mugabo umuntu wese ariko ikimenyetso ntimumwegere+. Muhere ahantu hanje heranda+.» Nuko bahera ku bashingantahe bari imbere y’urusengero+.  Aca ababwira kandi ati: «Nimuhumanye urusengero, ibigo muvyuzuze abishwe+. Nimugende!» Nuko baragenda batangura kwica abantu mu gisagara.  Barabica nsigara ndi jenyene. Maze ngwa nubamye, nca nsemerera nti: «Yoo, Mukama Segaba Yehova! Mbega ugira uhonye Abisirayeli bose basigaye mu gusuka uburake bwawe kuri Yeruzalemu+  Nuko ambwira ati: «Ikosa ry’Abisirayeli n’abo mu Buyuda rirakomeye cane rwose+. Igihugu cuzuye amaraso+, n’igisagara cuzuye akarenganyo+, kuko bavuga ngo: “Yehova yarahevye igihugu. Yehova ntabona+.” 10  Nayo jewe, ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe canke ngo ngire impuhwe+. Nzozana ku gatwe kabo ingaruka z’ingeso zabo.» 11  Maze wa mugabo yari yambaye impuzu yo mu gitambara ciza, afise n’agahembe k’irangi mu kiyunguyungu, ndamubona agarutse kuvuga ingene vyagenze. Avuga ati: «Nakoze nk’uko wantegetse.»

Utujambo tw'epfo

Ico gitambara mu gifaransa citwa lin. Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).
Canke «akantu umwanditsi ashiramwo irangi.»
Mu giheburayo havuga ngo «w’inzu.»