Ezira 4:1-24

  • Barwanya igikorwa co gusubira kwubaka urusengero (1-6)

  • Abansi bagiriza Abayuda ku mwami Aritazerusi (7-16)

  • Inyishu ya Aritazerusi (17-22)

  • Kwubaka urusengero bihagarara (23, 24)

4  Abansi b’umuryango wa Yuda n’uwa Benyamini+ bumvise ko abavuye mu bunyagano+ bariko bubakira urusengero Yehova Imana ya Isirayeli,  baca begera Zerubabeli n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli, bababwira bati: «Nimutwemerere tubafashe kwubaka kuko natwe dusenga* Imana yanyu+ cokimwe namwe. Kandi twamye tuyishikanira ibimazi kuva mu gihe ca Esari-Hadoni+ wa mwami wa Ashuri yatuzana ng’aha+  Ariko Zerubabeli na Yeshuwa n’abandi bakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli babishura bati: «Nta burenganzira mufise bwo kudufasha kwubakira inzu Imana yacu+. Ni twebwe twenyene tuzoyubakira Yehova Imana ya Isirayeli, nk’uko nyene umwami Kuro aganza Ubuperesi yabidutegetse+  Nuko abantu bo muri ico gihugu baguma baca intege* abo mu Buyuda, bongera babatera ubwoba ngo ntibubake+.  Baranahaye amahera abajanama bari mu ntwaro ngo barwanye imigambi y’abo mu Buyuda+ mu kiringo cose Kuro umwami w’Ubuperesi yamaze aganza, gushika ku ntwaro ya Dariyo+ umwami w’Ubuperesi.  Igihe Ahasuwerusi yatangura kuganza, baranditse ikete ryo kwagiriza ababa mu Buyuda n’i Yeruzalemu.  Ku ntwaro ya Aritazerusi umwami w’Ubuperesi, Bishilamu, Mitiredati, Tabeyeli na bagenziwe barandikiye ikete Aritazerusi. Iryo kete barihinduye mu rurimi rw’igiharameya+, baryandika mu ndome z’igiharameya*.  * Ng’iri ikete ryo kwagiriza ab’i Yeruzalemu umutegetsi mukuru yitwa Rehumu n’umwanditsi yitwa Shimushayi bandikiye umwami Aritazerusi.  (Aba ni bo banditse iryo kete: uwo mutegetsi mukuru yitwa Rehumu n’uwo mwanditsi yitwa Shimushayi na bagenzi babo, abacamanza, ba buramatari batobato, abanyamabanga, abantu b’i Ereki+, Abanyababiloni, n’ababa i Susa+, ni ukuvuga Abelamu+. 10  Harimwo n’abantu bo mu yandi mahanga Asenapari wa muntu akomeye kandi ahambaye yatwaye mu bunyagano maze akabashira mu bisagara vy’i Samariya+, n’abasigaye bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini*.) 11  Ng’ibi ivyari muri iryo kete bamurungikiye: «Mwami Aritazerusi, ni twebwe abasuku bawe bo hakurya ya rwa ruzi runini tukwandikiye. 12  Twagomba kukumenyesha mwami yuko ba Bayuda baduga ino iwacu bavuye iwawe bashitse i Yeruzalemu. Basubiye kwubaka ca gisagara cuzuyemwo ubugarariji n’ububisha. Bariko barasozera inzitiro+ kandi bariko barasanura imishinge. 13  Umwami namenye rero yuko iki gisagara nicasubira kwubakwa n’inzitiro zaco zikarangira, abo bantu batazotanga amatagisi* canke ikibuguro*+ canke ikori ry’inzira. Ivyo bizoteza uruhombo ubutunzi bw’abami. 14  Ko agahembo kacu kava i bwami*, kandi bikaba bitabereye ko ibintu vy’umwami vyononekara tubona, ni co gituma turungitse ubutumwa bwo kubikumenyesha mwami, 15  kugira ngo hagirwe itohoza mu gitabu ca ba sokuruza bawe kivuga ivya kahise+. Muri ico gitabu ca kahise, uzovyibonera uheze umenye yuko iki gisagara ari igisagara cuzuyemwo ubugarariji, gitera ingorane abami n’intara batwara, be n’uko kuva kera camye kirimwo abatera umugumuko. Ni co catumye ico gisagara gitikizwa+. 16  Twipfuza kukumenyesha mwami yuko ico gisagara nicasubira kwubakwa n’inzitiro zaco zikarangira, ata bubasha* uzoba ugifise mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini+ 17  Umwami arungikira inyishu wa mutegetsi mukuru Rehumu n’umwanditsi Shimushayi na bagenzi babo baba i Samariya, n’abasigaye bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini, ababwira ati: «Ndabaramukije! 18  Ikete mwaturungikiye bararinsomeye mu buryo butomoye*. 19  Narasavye ko hagirwa itohoza maze basanga kuva kera ico gisagara camye ari igisagara kirwanya abami, kibamwo ubugarariji n’imigumuko+. 20  I Yeruzalemu harigeze kuba hari abami bakomeye baganza akarere kose ko hakurya ya rwa ruzi runini. Barahabwa amatagisi, ikibuguro n’ikori ry’inzira. 21  Nimutegeke rero abo bagabo bahagarike igikorwa kugira ngo ico gisagara ntigisubire kwubakwa gushika ntanze irindi tegeko. 22  Nimuvyitwararike ata kwanjanjwa kugira ngo jewe umwami singume ndahahombera+ 23  Aho Rehumu n’umwanditsi Shimushayi na bagenzi babo bamariye gusomerwa iryo kete ry’umwami Aritazerusi, baca baja i Yeruzalemu ningoga maze bakoresha inguvu, babuza Abayuda kubandanya igikorwa. 24  Ico gihe ni ho igikorwa co ku nzu y’Imana yari i Yeruzalemu cahagarara. Vyagumye ukwo gushika mu mwaka ugira kabiri Dariyo umwami w’Ubuperesi aganza+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «turondera.»
Mu giheburayo havuga ngo «batuma amaboko aregarega.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «baryanditse mu rurimi rw’igiharameya, maze barihindura mu rundi rurimi.»
Mu ntango igisomwa co muri Ezr 4:8 gushika 6:18 canditswe mu rurimi rw’igiharameya.
Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.
Ryari ikori umuntu wese yatangishwa.
Mu giharameya havuga ngo «ko turya umunyu wo ku kirimba.»
Mu giharameya havuga ngo «ata mugabane.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bararihinduye mu rurimi numva, bararinsomera.»