Ezira 6:1-22

  • Itohoza Dariyo yagize n’itegeko yasohoye (1-12)

  • Barangiza kwubaka urusengero, bakarwinjira (13-18)

  • Bahimbaza Pasika (19-22)

6  Ico gihe umwami Dariyo asohora itegeko, maze hagirwa itohoza mu bubiko bw’inzandiko* aho babika ibintu vy’agaciro i Babiloni.  Nuko bubura umuzingo mu nyubakwa ikomeye y’i Ekibatana mu ntara y’Ubumedi. Wari wanditsemwo itegeko. Ibi ni vyo vyanditswe hisunzwe iryo tegeko:  «Mu mwaka wa mbere Kuro ari umwami, yaratanze itegeko ryerekeye inzu y’Imana iri i Yeruzalemu+, rigira riti: “Iyo nzu nisubire kwubakwa, habe ahantu bashikanira ibimazi, kandi imishinge yayo ikomezwe. Uburebure bwayo bw’amahagarara buze bube intambwe 60*, ubwaguke bwayo na bwo bube intambwe 60+.  Izobe ifise imirongo itatu y’amabuye maninimanini n’umurongo umwe w’ibiti+. Amahera azokoreshwa aze ave mu kigega c’i bwami+.  Nayo ibikoresho vy’inzahabu n’ivy’ifeza vyo mu nzu y’Imana Nebukadinezari yakuye mu rusengero rwari i Yeruzalemu akabizana i Babiloni+, bikwiye gusubizwa kugira ngo bije mu kibanza cavyo mu rusengero rw’i Yeruzalemu, bishirwe mu nzu y’Imana+.”  Nuko rero wewe Tatenayi buramatari wo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini* na Shetari-Bozenayi na bagenzi banyu, ari bo ba buramatari batobato bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini+, jewe Dariyo ndabategetse ngo mureke kuvyisukamwo.  Nimureke igikorwa co kuri iyo nzu y’Imana kibandanye. Buramatari w’Abayuda n’abashingantahe babo nibasubire kwubaka iyo nzu y’Imana aho yahora.  Kandi ibi ni vyo ntegetse ko muzokorera abo bashingantahe b’Abayuda kugira ngo basubire kwubaka iyo nzu y’Imana: abo bagabo bazoze barahabwa bidatevye amahera yo gukoresha avuye mu kigega c’ubwami+, ni ukuvuga kw’ikori ritozwa mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini, kugira ngo ico gikorwa ntigihagarare+.  Kandi ivyo abaherezi bari i Yeruzalemu bazobabwira ko bakeneye vyose, baze bame babihabwa buri musi ata kivuyemwo: uri amashuri+, impfizi z’intama+ n’imyagazi y’intama+ vyo gutanga nk’amashikanwa aturirwa ahabwa Imana yo mw’ijuru, uri ingano+, umunyu+, umuvinyu+ n’amavuta+. 10  Baze babihabwe kugira bame bashikiriza Imana yo mw’ijuru amashikanwa ayihimbara, bongere bansabire*, basabire n’abahungu banje+. 11  Ntegetse kandi ko uwo wese azorenga kuri iyi ngingo, bazokura igiti ku nzu yiwe bakakimumanikako, inzu yiwe na yo igahindurwa akazu ka surwumwe* ka bose, kubera ico kintu yakoze. 12  Imana yo yatumye hitirirwa* izina ryayo+, iragatembagaza umwami wese n’abantu bose bazokwubahuka bakarenga kuri iri tegeko, barondera gusambura iyo nzu y’Imana iri i Yeruzalemu. Ni jewe Dariyo ntanze iryo tegeko. Nirikurikizwe mu maguru masha.» 13  Maze Tatenayi buramatari wo mu karere kari hakurya ya rwa ruzi runini na Shetari-Bozenayi+ na bagenzi babo, baca baranyaragasa bakora ibintu vyose umwami Dariyo yategetse. 14  Nayo abashingantahe b’Abayuda babandanya igikorwa co kwubaka, kiguma gitera imbere+. Baremeshejwe n’ubutumwa bw’umuhanuzi Hagayi+ n’umuhanuzi Zakariya+ umwuzukuru wa Ido. Nuko barangiza kwubaka iyo nzu bisunze itegeko ry’Imana ya Isirayeli+ n’irya Kuro+ na Dariyo+ na Aritazerusi+ umwami w’Ubuperesi. 15  Iyo nzu bayirangije ku musi ugira gatandatu w’ukwezi kwa Adari*, mu mwaka ugira gatandatu Dariyo ari umwami. 16  Nuko Abisirayeli, harimwo abaherezi, Abalewi+ n’abandi bahoze mu bunyagano, bagira ibirori vyo kwinjira* iyo nzu y’Imana banezerewe. 17  Muri ivyo birori vyo kwinjira inzu y’Imana, batanze ibimazi vy’impfizi z’inka 100, impfizi z’intama 200 n’imyagazi y’intama 400. Batanze n’amasuguru y’impene 12 y’ishikanwa ry’igicumuro rya Isirayeli yose, bakurikije igitigiri c’imiryango ya Isirayeli+. 18  Maze bashira abaherezi mu migwi yabo n’Abalewi mu migwi yabo, ngo bakore igikorwa c’Imana i Yeruzalemu+, hakurikijwe ivyanditswe mu gitabu ca Musa+. 19  Maze abahora mu bunyagano bahimbaza Pasika ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere+. 20  Nta n’umwe mu baherezi no mu Balewi yari ahumanye kuko bose bari bihumanuye+. Nuko bakerera ibitungwa vy’ikimazi ca Pasika vy’abahora mu bunyagano bose, ivy’abaherezi bagenzi babo n’ivyabo bwite. 21  Nuko Abisirayeli bavuye mu bunyagano babiryako hamwe n’uwo wese yavavanuye n’imigenzo ihumanye y’abandi bantu bo mu gihugu, akifatanya n’Abisirayeli kugira asenge* Yehova Imana ya Isirayeli+. 22  Bahimbaza n’umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+ mu kiringo c’imisi indwi banezerewe, kuko Yehova yari yatumye banezerwa. Vyongeye yari yatumye umwami wa Ashuri abaraba ryiza+ ku buryo abashigikira* mu gikorwa c’inzu y’Imana y’ukuri, Imana ya Isirayeli.

Utujambo tw'epfo

Mu giharameya havuga ngo «inzu y’inyandiko z’ivyabaye.»
Ni nk’imetero 26,7. Raba Inyongera ya B14.
Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.
Mu giharameya havuga ngo «basabire ubuzima bw’umwami.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ahantu barunda umwavu (amase).»
Ni ukuvuga i Yeruzalemu canke mu rusengero.
Canke «kwegurira Imana.»
Mu giheburayo havuga ngo «arondere.»
Mu giheburayo havuga ngo «akomeza amaboko yabo.»