Ezira 7:1-28

  • Ezira ashika i Yeruzalemu (1-10)

  • Ikete Aritazerusi yandikiye Ezira (11-26)

  • Ezira ashemeza Yehova (27, 28)

7  Inyuma y’ivyo bintu, ku ntwaro ya Aritazerusi+ umwami w’Ubuperesi, Ezira*+ aragaruka. Yari mwene Seraya+, Seraya mwene Azariya, Azariya mwene Hilikiya+,  Hilikiya mwene Shalumu, Shalumu mwene Sadoki, Sadoki mwene Ahitubu,  Ahitubu mwene Amariya, Amariya mwene Azariya+, Azariya mwene Merayoti,  Merayoti mwene Zerahiya, Zerahiya mwene Uzi, Uzi mwene Buki,  Buki mwene Abishuwa, Abishuwa mwene Finehasi+, Finehasi mwene Eleyazari+, Eleyazari mwene Aroni+ umukuru w’abaherezi.  Uwo Ezira yaduze avuye i Babiloni. Yari umwimuzi* akaba n’umuhanga mu bijanye n’amategeko* ya Musa+ yatanzwe na Yehova Imana ya Isirayeli. Umwami yaramuhaye ivyo yasavye vyose kuko Yehova Imana yiwe yari kumwe na we*.  Abisirayeli bamwebamwe hamwe n’abaherezi, Abalewi+, abaririmvyi+, abarinzi b’amarembo+, n’abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ baduga i Yeruzalemu mu mwaka ugira indwi umwami Aritazerusi aganza.  Ezira yashitse i Yeruzalemu mu kwezi kugira gatanu kw’umwaka ugira indwi uwo mwami aganza.  Yavuye i Babiloni ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, ashika i Yeruzalemu ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatanu kuko Imana yiwe nziza yari kumwe na we+. 10  Ezira yari yarateguye umutima wiwe* kugira asuzume amategeko ya Yehova, ayakurikize+ yongere yigishe muri Isirayeli amabwirizwa n’ingingo Imana yashinze biri muri ayo mategeko+. 11  Umwami Aritazerusi yarahaye ikete Ezira. Ezira yari umuherezi n’umwimuzi*, akaba n’umuhinga mu vy’amabwirizwa* n’amategeko Yehova yahaye Isirayeli. Ng’ibi ivyari muri iryo kete: 12  * «Jewe Aritazerusi+, umwami w’abami, ndakwandikiye wewe Ezira umuherezi n’umwimuzi* w’amategeko y’Imana yo mw’ijuru. Gira amahoro menshi! 13  Ng’ibi ivyo nategetse: zina Mwisirayeli aba mu karere ntwara canke umuherezi canke Umulewi wo mu Bisirayeli yipfuza kujana nawe i Yeruzalemu, nagende+. 14  Jewe umwami n’abajanama banje indwi tukurungitse ngo uje gutohoza ko abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu bakurikiza amategeko ufise* y’Imana yawe. 15  Tukurungitse kandi kugira ngo ujane ifeza n’inzahabu jewe umwami n’abajanama banje twashimye guha Imana ya Isirayeli iba i Yeruzalemu, 16  be n’ifeza zose n’inzahabu uzohabwa* mu ntara yose ya Babiloni hamwe n’ivyo abantu n’abaherezi batanga babikunze ku bw’inzu y’Imana yabo iri i Yeruzalemu+. 17  Ivyo bintu uzoce ubikoresha udatebaganye mu kugura impfizi z’inka+, impfizi z’intama+, imyagazi y’intama+ be n’intete+ n’ibinyobwa+ vyo gutanga nk’amashikanwa ajana n’ivyo bitungwa. Uzoheze ubishikane ku gicaniro c’inzu y’Imana yanyu iri i Yeruzalemu. 18  Ifeza n’inzahabu bisigaye muze mubikoreshe ico wewe na benewanyu mubona ko kibereye, mwisunze ivyo Imana yanyu igomba. 19  Ibikoresho vyose uhawe bijanye n’igikorwa co mu nzu y’Imana yawe, uze ubishikane i Yeruzalemu imbere y’Imana+. 20  Ibindi vyose uzokenera gutanga ku bw’inzu y’Imana yawe, uze ubitange ubikuye mu kigega c’ubwami+. 21  Ng’ibi ivyo jewe umwami Aritazerusi ndabategetse mwebwe abanyabigega mwese muri mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini*: ikintu cose umuherezi Ezira+ akaba n’umwimuzi* w’amategeko y’Imana yo mw’ijuru azobasaba, muze mukimuhe mu maguru masha. 22  Muzomuhe ivyo azobasaba gushika kw’italanto* 100 z’ifeza, ingero zitwa koro* 100 z’ingano, ingero zitwa bati* 100 z’umuvinyu+ n’ingero za bati 100 z’amavuta+ n’umunyu+ utagira urugero. 23  Ikintu cose Imana yo mw’ijuru izotegeka, kize gikoranwe umwete ku bw’inzu yayo, kugira ngo Imana yo mw’ijuru+ ntishavurire abo mu karere ntwara be n’abahungu banje+. 24  Mumenye kandi ko ata muherezi n’umwe canke Umulewi canke umuririmvyi canke umucuraranzi+ canke uwurinda imiryango canke umusuku akorera mu rusengero*+ canke uwundi wese akorera mu nzu y’Imana, akwiye gutangishwa amatagisi canke ikibuguro*+ canke ikori ry’inzira. 25  Nawe Ezira, uzokoreshe ubukerebutsi Imana yawe yaguhaye* ugene abatware n’abacamanza kugira ngo bacire imanza abantu bose bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini, bazi amategeko y’Imana yawe. Uwutayazi na we muze muyamwigishe+. 26  Nayo umuntu wese atazokwubahiriza amategeko y’Imana yawe n’itegeko ry’umwami, aze ahabwe igihano mu maguru masha, caba ari ico kwicwa, kwomorwa, gutanga amande canke gupfungwa.» 27  Yehova Imana ya ba sogokuruza bacu nashemezwe, we yatumye umwami agira icipfuzo co gushariza inzu ya Yehova iri i Yeruzalemu+. 28  Yanyeretse urukundo rudahera*, atuma umwami+ n’abajanama biwe+ n’abatware biwe bose bahambaye bangirira neza. Kubera ko Yehova Imana yanje yari kumwe nanje, naragize umutima rugabo* ndondera mu Bisirayeli abakuru* twodugana i Yeruzalemu.

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «imfashanyo.»
Canke «umwanditsi.»
Canke «yari umuhanga mu bijanye no kwimura amategeko.»
Canke «kuko ukuboko kwa Yehova Imana yiwe kwari kuri we.»
Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»
Canke «yari yariyemeje mu mutima wiwe.»
Canke «umwanditsi.»
Canke «umwimuzi w’amajambo y’amabwirizwa.»
Mu ntango igisomwa co muri Ezr 7:12 gushika 7:26 canditswe mu rurimi rw’igiharameya.
Canke «umwanditsi.»
Mu giharameya havuga ngo «ari mu kuboko kwawe.»
Mu giharameya havuga ngo «uzosanga.»
Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.
Canke «umwanditsi.»
Bati imwe yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Canke «Abanetinimu.» Mu giharameya havuga ngo «abatanzwe.»
Mu giharameya havuga ngo «uzokwisunge ubukerebutsi bw’Imana yawe buri mu kuboko kwawe.»
Canke «rudahemuka.»
Canke «narikomeje.»
Mu giheburayo havuga ngo «imitwe.»