Ezira 8:1-36

  • Urutonde rw’abagarukanye na Ezira (1-14)

  • Bitegurira urugendo (15-30)

  • Bava i Babiloni bagashika i Yeruzalemu (31-36)

8  Aba rero ni bo bakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango itandukanye twavanye i Babiloni ku ntwaro y’umwami Aritazerusi+ hisunzwe amamuko yabo:  muri bene Finehasi+ hari Gerushomu. Muri bene Itamari+ hari Daniyeli. Muri bene Dawidi hari Hatushi.  Muri bene Shekaniya, muri bene Paroshi hari Zakariya, akaba yari kumwe n’abagabo 150 banditswe.  Muri bene Pahati-Mowabu+ hari Elihowenayi mwene Zerahiya, akaba yari kumwe n’abagabo 200.  Muri bene Zatu+ hari Shekaniya mwene Yahaziyeli, akaba yari kumwe n’abagabo 300.  Muri bene Adini+ hari Ebedi mwene Yonatani, akaba yari kumwe n’abagabo 50.  Muri bene Elamu+ hari Yeshaya mwene Ataliya, akaba yari kumwe n’abagabo 70.  Muri bene Shefatiya+ hari Zebadiya mwene Mikayeli, akaba yari kumwe n’abagabo 80.  Muri bene Yowabu hari Obadiya mwene Yehiyele, akaba yari kumwe n’abagabo 218. 10  Muri bene Bani hari Shelomiti mwene Yosifiya, akaba yari kumwe n’abagabo 160. 11  Muri bene Bebayi+ hari Zakariya mwene Bebayi, akaba yari kumwe n’abagabo 28. 12  Muri bene Azigadi+ hari Yohanani mwene Hakatani, akaba yari kumwe n’abagabo 110. 13  Muri bene Adonikamu+, ng’aya amazina y’abaje ubwa nyuma: Elifeleti, Yeyeli na Shemaya, bakaba bari kumwe n’abagabo 60. 14  Muri bene Bigivayi+ hari Utayi na Zabudi, bakaba bari kumwe n’abagabo 70. 15  Nabakoranirije ku ruzi ruja i Ahava+, tumara imisi itatu dukambitse ng’aho. Mugabo nsuzumye abantu n’abaherezi, nsanga nta Mulewi n’umwe ahari. 16  Nca ntumako Eliyezeri, Ariyeli, Shemaya, Elinatani, Yaribu, Elinatani, Natani, Zakariya na Meshulamu bakaba bari abakuru. Ntumako n’abigisha ari bo Yoyaribu na Elinatani. 17  Maze ndabategeka kuja kuraba umukuru yitwa Ido, yaba i Kasifiya. Ndabasaba kubwira Ido na benewabo bari i Kasifiya ngo batuzanire abodufasha igikorwa ku nzu y’Imana yacu. Ido na benewabo bari abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*. 18  Kubera ko Imana yacu nziza yari kumwe natwe*, batuzaniye umugabo w’ubwenge* yitwa Sherebiya+ wo muri bene Mahili+ umwuzukuru wa Lewi umuhungu wa Isirayeli. Yazananye n’abahungu biwe na benewabo, bose hamwe bakaba bari abagabo 18. 19  Batuzaniye na Hashabiya ari kumwe na Yeshaya wo mu Bamerari+, benewabo hamwe n’abahungu babo, bose hamwe bakaba bari abagabo 20. 20  Mu basuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero* hari abagabo 220, bose amazina yabo akaba yari yaranditswe. Dawidi n’abatware ni bo bahaye Abalewi abo basuku ngo babafashe ibikorwa. 21  Maze tukiri aho ku ruzi Ahava, ntangariza bose ngo twisonzeshe kugira twicishe bugufi imbere y’Imana yacu, ngo tuyisabe ituyobore mu rugendo rwacu, twebwe n’abana bacu n’ibintu vyacu vyose. 22  Vyaranteye isoni gusaba umwami ngo aduhe abasoda n’abagendera ku mafarasi bo kudukingira umwansi mu nzira, kubera ko twari twabwiye umwami duti: «Imana yacu nziza iri* kumwe n’abayirondera bose+, mugabo abayiheba bose ibarekurirako inkomezi zayo n’ishavu ryayo+ 23  Twaciye twisonzesha, dusaba Imana yacu ngo ibane natwe mu rugendo, na yo yumva ugutakamba kwacu+. 24  Nuko mu bakuru b’abaherezi ntoramwo 12, ari bo Sherebiya, Hashabiya+ na benewabo cumi. 25  Maze ndabapimira ifeza n’inzahabu n’ibikoresho vyari vyatanzwe n’umwami, abajanama biwe, abatware biwe n’Abisirayeli bose babayo. Bari babitanze ku bw’inzu y’Imana yacu+. 26  Ng’ibi ivyo napimye nkabaha: italanto* 650 z’ifeza, ibikoresho 100 vy’ifeza bipima italanto 2, italanto 100 z’inzahabu, 27  amabakure matomato 20 y’inzahabu aciye amadariki* 1.000, n’ibikoresho 2 vy’umujumpu mwiza w’ibara ritukura kandi rikayangana, bifise agaciro nk’ibikozwe mu nzahabu. 28  Maze ndababwira nti: «Muri beranda imbere ya Yehova+, n’ibi bikoresho ni vyeranda. Izi feza n’izi nzahabu ni ishikanwa abantu bahaye Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu bavyishakiye. 29  Mubibike neza gushika mushitse i Yeruzalemu, mukabipimira imbere y’abakuru b’abaherezi n’Abalewi n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli+ mu vyumba* vy’inzu ya Yehova.» 30  Nuko abaherezi n’Abalewi bakira izo feza n’inzahabu n’ivyo bikoresho bari bapimiwe, kugira ngo babijane i Yeruzalemu ku nzu y’Imana yacu. 31  Amaherezo ku musi ugira 12 w’ukwezi kwa mbere+, tuva ku ruzi Ahava+ dufata urugendo tuja i Yeruzalemu. Imana yacu yari kumwe natwe. Yaradukingiye abansi n’abari kudutegera ku nzira ngo batugirire nabi. 32  Nuko dushika i Yeruzalemu+. Haca imisi itatu 33  maze ku musi ugira kane dupima za feza na za nzahabu na vya bikoresho, tubipimira mu nzu y’Imana yacu+. Turaheza tubiha Meremoti+ umuhungu w’umuherezi Uriya. Yari kumwe na Eleyazari mwene Finehasi hamwe n’Abalewi, ari bo Yozabadi+ mwene Yeshuwa na Nowadiya mwene Binuwi+. 34  Vyose vyaraharuwe vyongera birapimwa, maze bandika uburemere bwavyo bwose. 35  Maze abari bagarutse bavuye mu bunyagano mu mahanga, bashikiriza Imana ya Isirayeli ibimazi biturirwa. Batanze impfizi z’inka+ 12 ku bw’Abisirayeli bose, impfizi z’intama+ 96, imyagazi y’intama 77 y’amasuguru, batanga n’amasuguru y’impene+ 12 nk’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose vyari ishikanwa riturirwa bahaye Yehova+. 36  Maze dushikiriza amategeko y’umwami+ ivyegera* vyiwe na ba buramatari bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini*+. Baraheza bashigikira abantu, batanga n’ibikenewe ku bw’inzu y’Imana y’ukuri+.

Utujambo tw'epfo

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»
Canke «kubera ko ukuboko kwiza kw’Imana yacu kwari kuri twebwe.»
Canke «yiyubara.»
Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»
Canke «ukuboko kwiza kw’Imana yacu kuri.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Idariki cari igiceri c’inzahabu c’Abaperesi. Raba Inyongera ya B14.
Canke «mu buriro.»
Igisomwa co mu ntango gikoresha izina ry’icubahiro ry’Abaperesi risobanura ngo «abarinda akarere k’umwami.» Ivyegera bivugwa ng’aha vyatwara intara zo mu nganji y’Abaperesi.
Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.