Gusubira mu vyagezwe 1:1-46

  • Bava ku musozi Horebu (1-8)

  • Hagenwa abakuru n’abacamanza (9-18)

  • Bagambararira Imana i Kadeshi-Baruneya (19-46)

    • Abisirayeli banka kwinjira mu gihugu (26-33)

    • Bananirwa gufata igihugu ca Kanani (41-46)

1  Aya ni yo majambo Musa yabwiye Abisirayeli bose bari mu bugaragwa bwo mu karere ka Yorodani, mu biyaya vy’ubugaragwa aharabana n’i Sufi, hagati ya Parani, Tofeli, Labani, Hazeroti na Dizahabu.  Kuva i Horebu gushika i Kadeshi-Baruneya+ hari urugendo rw’imisi 11 uciye mu nzira yo ku musozi Seyiri.  Nuko ku musi wa mbere w’ukwezi kugira 11 mu mwaka ugira 40+, Musa abwira Abisirayeli ivyo Yehova yari yamutegetse kubabwira vyose.  Ico gihe yari ahejeje gutsinda Sihoni+ umwami w’Abamori yaba i Heshiboni, na Ogi+ umwami wa Bashani yaba i Ashitaroti muri Edireyi+.  Bari ng’aho mu karere ka Yorodani mu gihugu ca Mowabu, Musa atangura kubasigurira aya mategeko+. Ababwira ati:  «Yehova Imana yacu yatubwiriye i Horebu ati: “Mumaze igihe kirekire kuri uyu musozi+.  Nimugende mu misozi y’Abamori+ no mu turere twose tuhegereye ari two Araba+, akarere k’imisozi, Shefela, Negebu n’akarere k’inkengera y’ikiyaga+. Nimugende mu gihugu c’Abanyakanani, mugende gushika i Libani*+ no kuri rwa ruzi runini ari rwo Efurate+.  Raba iki gihugu ndakibahaye. Nimwinjire mwigarurire igihugu Yehova yarahiye ko azoha ba sokuru banyu, Aburahamu, Izahaki+ na Yakobo+ hamwe n’uruvyaro* rwabo+.”  Ico gihe nababwiye nti: “Sinshobora kubikorera jenyene+. 10  Yehova Imana yanyu yarabagwije, none raba uyu musi mungana n’inyenyeri zo kw’ijuru+. 11  Ese Yehova Imana ya ba sokuruza banyu yobagwiza+ incuro igihumbi kandi akabahezagira nk’uko yabibasezeraniye+. 12  Noshobora nte kwikorera jenyene umutwaro wanyu n’ingorane zanyu hamwe n’imyidogo yanyu+? 13  Nimutore mu miryango yanyu abagabo b’inkerebutsi, baciye ubwenge kandi b’inararibonye kugira ndabagire abakuru banyu+.” 14  Namwe mwanyishuye muti: “Ikintu udusavye ni ciza.” 15  Naciye mfata abakuru b’imiryango yanyu, abagabo b’inkerebutsi kandi b’inararibonye, ndabagira abakuru banyu, ni ukuvuga abakuru b’ibihumbi, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu, abakuru b’amacumi n’abarongozi b’imiryango yanyu+. 16  Ico gihe nategetse abacamanza banyu nti: “Igihe mwumviriza imanza za benewanyu, mukwiye guca urubanza rugororotse+ hagati y’Umwisirayeli na mugenziwe canke umunyamahanga aba muri mwebwe+. 17  Ntimuze mugire nkunzi mu rubanza+. Muze mwumvirize umuntu mutoyi cokimwe n’uwuhambaye+. Ntihaze hagire umuntu abatera ubwoba+, kuko urubanza ari urw’Imana+. Nihagira urubanza rubagora, muzorunzanire ndarwumvirize+.” 18  Ico gihe naciye ndabategeka ibintu vyose mukwiye gukora. 19  Twaciye tuva i Horebu, duca muri bwa bugaragwa+ bunini kandi buteye ubwoba, bumwe mwabona turiko tuja mu karere k’imisozi k’Abamori+, turateba dushika i Kadeshi-Baruneya+ nk’uko Yehova Imana yacu yari yadutegetse. 20  Naciye ndababwira nti: “Murashitse mu karere k’imisozi k’Abamori, ako Yehova Imana yacu agira aduhe. 21  Raba Yehova Imana yanyu yabahaye iki gihugu. Nimuduge mucigarurire nk’uko Yehova Imana ya ba sokuruza banyu yababwiye+. Ntimutinye canke ngo mutekerwe n’ubwoba.” 22  Ariko mwese mwaciye muza mumbwira muti: “Tubanze turungike abagabo baje kuraba ico gihugu hanyuma batuzanire amakuru yerekeye inzira tuzojana n’ibisagara tuzoshikiramwo+.” 23  Ico ciyumviro naragishimye, nca ntora abagabo 12 muri mwebwe, umugabo umwumwe ku muryango+. 24  Baciye bagenda, baduga mu karere k’imisozi+, bashika mu mwonga* wa Eshikoli maze bagenzura ico gihugu. 25  Baje batuzaniye ivyamwa bimwebimwe vyo muri ico gihugu maze batubwira bati: “Igihugu Yehova Imana yacu agira aduhe ni ciza+.” 26  Ariko mwaranse kuduga, mugarariza itegeko rya Yehova Imana yanyu+. 27  Mwagumye mwidogera mu mahema yanyu ngo: “Yehova aratwanka. Ni co gituma yadukuye mu Misiri akatuzana mu Bamori kugira batumare. 28  Mwumva turiko tuja he? Erega benewacu baturanduye umutima*+, batubwira ngo: ‘Abantu baho ni barebare kuturuta kandi baraturusha inguvu. Ibisagara vyabo ni binini kandi bikingijwe impome gushika kw’ijuru*+. Twarabonyeyo n’abakomoka kuri Anaki+.’” 29  Naciye ndababwira nti: “Ntimuranduke umutima canke ngo mubatinye+. 30  Yehova Imana yanyu azogendera imbere yanyu kandi azobarwanira+ nk’uko mwavyiboneye mu Misiri+. 31  Igihe mwari mu bugaragwa, mwariboneye ingene Yehova Imana yanyu yabateruye nka kurya umuvyeyi* aterura umwana wiwe, aho mwagiye muraca hose kugeza mushitse ng’aha.” 32  Ariko naho mwiboneye ivyo vyose ntimwizeye Yehova Imana yanyu+, 33  uwagendera imbere yanyu kugira abaronderere aho mukambika. Mw’ijoro yababonekera biciye ku muriro, ku murango na ho akabiyereka biciye ku gicu kugira abereke inzira mujana+. 34  Ico gihe cose Yehova yarumva ivyo mwariko muravuga. Yaciye ashavura maze ararahira+ ati: 35  “Muri aba bagabo b’iri yaruka* rikora ikibi, nta n’umwe azobona igihugu ciza narahiye ko nzoha ba sokuru banyu+, 36  kiretse Kalebu mwene Yefune. We azokibona, kandi igihugu yagiyemwo nzokimuha hamwe n’uruvyaro rwiwe, kuko yankurikiye jewe Yehova n’umutima wiwe wose+. 37  (Na jewe Yehova yaranshavuriye kubera mwebwe, ambwira ati: ‘Na wewe ntuzocinjiramwo+. 38  Yosuwa mwene Nuni umusuku wawe+ ni we azocinjiramwo+. Numukomeze*+ kuko ari we azotuma Abisirayeli batorana ico gihugu.’) 39  Vyongeye, abana banyu mwavuze ko bazogirwa imbohe+, ni ukuvuga abahungu banyu bataramenya gutandukanya iciza n’ikibi, ni bo bazocinjiramwo kandi nzokibaha bacigabire+. 40  Nayo mwebwe, subira inyuma mwerekeze mu bugaragwa muciye mu nzira ija ku kiyaga Gitukura+.” 41  Mwaciye mumbwira muti: “Twacumuye kuri Yehova. Ubu rero tugira tuduge turwane nk’uko Yehova Imana yacu yabidutegetse!” Umwe wese muri mwebwe yaciye afata ibirwanisho, hanyuma muduga ku musozi mwibaza ko ari ikintu coroshe+. 42  Mugabo Yehova yambariye ati: “Babwire uti: ‘Ntimuduge ngo murwane kuko ntari kumwe namwe+. Nimwaramuka mugiye muzotsindwa n’abansi banyu.’” 43  Narabibabwiye ariko ntimwanyumviriza. Ahubwo mwaciye mugarariza itegeko rya Yehova, muduga ku musozi n’akagagazo n’akantu. 44  Abamori baba kuri uwo musozi baciye bamanuka kubarwanya, barabirukana nka kurya kw’inzuki, barabashwiragiza gushika i Seyiri n’i Horuma. 45  Mwaciye mugaruka, mutangura kuririra imbere ya Yehova, ariko Yehova ntiyigeze abumviriza canke ngo abatege ugutwi. 46  Ni co gituma mwamaze igihe kinini i Kadeshi.

Utujambo tw'epfo

Iryo zina biboneka ko ryerekeza ku runani rw’imisozi ya Libani.
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «mu mubande.»
Mu giheburayo havuga ngo «batumye imitima yacu ishonga.»
Ni ukuvuga impome ndende cane.
Canke «sebibondo.»
Canke «b’uru runganwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Imana yaramukomeje.»