Gusubira mu vyagezwe 24:1-22

  • Kwubaka no kwahukana (1-5)

  • Kwubaha ubuzima (6-9)

  • Kwitaho abakene (10-18)

  • Amategeko ajanye no gutoragura ivyasigaye mu murima (19-22)

24  Umugabo niyatwara umugore ariko ntamushime kubera yamubonyeko ikintu kitabereye, aze amwandikire urupapuro rwo kwahukana arumuhe+, maze amwirukane mu nzu yiwe+.  Amaze kuva mu nzu yiwe, arashobora kwubakana n’uwundi mugabo+.  Uwo mugabo agira kabiri niyamwanka*, akamwandikira urupapuro rwo kwahukana akarumuha, maze akamwirukana mu nzu yiwe canke agapfa,  umugabo wiwe wa mbere nta burenganzira azoba afise bwo gusubira kumutwara, kuko azoba yamaze guhumana. Ico ni ikintu gishisha Yehova. Ntimuze mukwegere igicumuro igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu.  Umugabo aheruka kwubaka urwiwe ntakwiye kuja mu gisoda canke ngo ahabwe ikindi gikorwa ico ari co cose. Akwiye kumara umwaka wose ata bikorwa ahabwa, agume muhira kugira anezereze umugore wiwe+.  Nta n’umwe akwiye gufata urusyo rw’umuntu canke ingasiro yarwo ngo abigire ingwati+, kuko yoba agize ingwati ivyari bimutunze*.  Umuntu niyafatwa yanyuruje Umwisirayeli mwenewabo, akaba yamufashe nabi akongera akamugurisha+, uwamunyuruje ategerezwa gupfa+. Mukwiye gukura ikibi muri mwebwe+.  Nihaduka indwara y’imibembe*, muze mwitwararike gukora ivyo abaherezi b’Abalewi bazobategeka vyose+. Muze mukurikize neza ivyo nategetse abaherezi.  Mwibuke ivyo Yehova Imana yanyu yakoreye Miriyamu igihe mwariko murava mu Misiri+. 10  Niwaha mugenzawe ingurane iyo ari yo yose+, ntuze winjire mu nzu yiwe gutora ico yagwatirije. 11  Uzoguma hanze hanyuma uwo muntu akuzanire hanze ico kintu yagwatirije. 12  Nimba uwo muntu ari umukene, ntuze urarane impuzu yiwe yagwatirije+. 13  Utegerezwa kumusubiza impuzu yiwe izuba rikimara kurenga, kugira aronke ico arara yipfutse+. Na we azoguhezagira, kandi uzoba ukoze ibigororotse imbere ya Yehova Imana yawe. 14  Ntukarenganye umukozi ari mu ngorane canke w’umukene, yaba ari mwenewanyu canke kavamahanga aba mu bisagara* vyanyu, mu gihugu canyu+. 15  Ukwiye kumuhemba kuri uwo musi nyene+ izuba ritararenga, kuko yikeneye kandi iyo mpembo akaba ari yo azeyeko uburaro n’uburamuko. Ahandiho azotakambira Yehova akurega, kandi uzoca wagirwa n’icaha+. 16  Se w’umwana ntaze yicwe kubera igicumuro c’umwana wiwe, kandi n’umwana nyene ntaze yicwe kubera igicumuro ca se wiwe+. Umuntu akwiye kwicwa kubera igicumuro ciwe bwite+. 17  Ntimuze mugoreke urubanza rwa kavamahanga canke rw’impfuvyi+, kandi ntimuze mufate impuzu y’umupfakazi ngo muyigire ingwati+. 18  Mwibuke ko mwabaye abashumba mu Misiri, hanyuma Yehova Imana yanyu akabarokora+. Ni co gituma ndabategetse kubigenza gutyo. 19  Nimwimbura imirima yanyu hanyuma mukibagirira umuganda mu murima, ntimuze mugaruke kuwutora. Mukwiye kuwurekera ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi+, kugira Yehova Imana yanyu abahezagire mu vyo mukora vyose+. 20  Nimwimbura imyelayo* yo ku biti vyanyu, ntimuze mugaruke guhungurura iyasigaye ku mashami. Ivyasigaye mukwiye kubirekera ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi+. 21  Nimwimbura imirima yanyu y’inzabibu, ntimuze mugaruke gutora ivyasigaye. Mukwiye kubirekera ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi. 22  Mwibuke ko mwabaye abashumba mu gihugu ca Misiri. Ni co gituma ndabategetse kubigenza gutyo.

Utujambo tw'epfo

Canke «niyamwirukana.»
Canke «ubuzima bwiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Imyelayo bayita kandi olive.