Gusubira mu vyagezwe 25:1-19

  • Amategeko ajanye no gukubitwa inkoni (1-3)

  • Ntimuze muzibire umunwa w’ishuri iriko irakubita ibinyantete (4)

  • Gucura umugore asigwa na mwenewanyu (5-10)

  • Gufata umuntu ahatabereye igihe abantu bariko bararwana (11, 12)

  • Ingero n’amabuye y’umunzane bitabesha (13-16)

  • Abamaleki bategerezwa gutikizwa (17-19)

25  Abantu nibagiriranira amatati, barashobora kwitura abacamanza kugira babatunganirize+. Uwuri mu kuri bazomwambika izera, uwuri mw’ikosa na we bamukubite intahe mu gahanga+.  Uwuri mw’ikosa niyaba akwiye gukubitwa+, umucamanza azomutegeka aryame hasi yubitse inda hanyuma akubitwe uwo mucamanza abona. Igitigiri c’inkoni azokubitwa gikwiye kuba gihuye n’ikosa yakoze.  Barashobora kumukubita gushika ku nkoni 40+, ariko ntibaze bazirenze. Hamwe bomukubita izirenze izo, mwenewanyu yohava amaramarira imbere yanyu.  Ntimuze muzibire umunwa w’impfizi iriko irakubita ibinyantete+.  Nimba hari abahungu bavukana babana hafi, hanyuma umwe muri bo agapfa ata muhungu asize, umugore w’uwo yapfuye ntaze arongorwe n’umugabo atava muri uwo muryango. Muramuwe ategerezwa kumucura*, abe umugore wiwe+.  Umuhungu uwo mugore azotangura kuvyara azokwitirirwa izina rya wa mugabo wiwe yapfa+, kugira izina ryiwe ntirizimangane muri Isirayeli+.  Uwo mugabo niyanka gutwara uwo mugore asigwa na mwenewabo, uwo mugore azoca aja ku bashingantahe kw’irembo ry’igisagara, ababwire ati: “Muramwanje yanse kuzigama izina rya mwenewabo muri Isirayeli. Yanse kuncura.”  Abashingantahe bo mu gisagara iwabo bazoca bamuhamagara bavugane na we. Niyabandanya kwanka, akavuga ati: “Sinshaka kumutwara”,  uwo mugore azoca amwegera imbere y’abashingantahe, amukure ikirato*+ maze amucire mu maso, amubwire ati: “Ukwo ni ko bakwiye kugirira umugabo adashaka kwubaka urugo rwa mwenewabo.” 10  Inyuma y’ivyo, izina ry’uwo muryango* muri Isirayeli rizoca riba: “Nzu y’uwambuwe ikirato.” 11  Abagabo babiri nibarwana hanyuma umugore w’umwe akaza gutabara umugabo wiwe, maze agacakira ibihimba vy’irondoka vy’uwuriko akubita umugabo wiwe, 12  mutegerezwa kumuca ukuboko. Ntimuze* mumwumvire akagongwe. 13  Mw’isaho yawe ntihakwiye kubamwo ubwoko bubiri bw’amabuye y’umunzane+, rinini na ritoyi. 14  Ntuze utunge mu nzu yawe ingero* zibiri zitandukanye zo gupimisha+, ingero nini na ntoyi. 15  Mukwiye kwama mufise amabuye y’umunzane akwiye kandi y’ukuri, hamwe n’ingero ikwiye kandi y’ukuri, kugira muze murambire mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe+. 16  Kuko umuntu* wese akora ibintu nk’ivyo ashisha Yehova Imana yanyu+. 17  Mwibuke ivyo Abamaleki babakoreye igihe mwava mu Misiri+, 18  ingene babasanze ku nzira bagatera abari inyuma yanyu bose bagenda bariyandaza kubera uburuhe n’intege nke. Ntibatinye Imana. 19  Yehova Imana yanyu niyamara kubakiza abansi bose babakikuje, akabaha akaruhuko mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu+, muze muzimanganye Abamaleki ntibasubire kwibukwa munsi y’ijuru+. Ntimuze muvyibagire.

Utujambo tw'epfo

Canke «isandari.»
Mu giheburayo havuga ngo «izina ryiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaso yanyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu yawe efa na efa.» Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «umuntu atagororotse.»