Gusubira mu vyagezwe 26:1-19

  • Amashikanwa y’ivyeze ubwa mbere (1-11)

  • Ic’icumi kigira kabiri (12-15)

  • Isirayeli ni ihanga ridasanzwe rya Yehova (16-19)

26  Nimwamara kwinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu, mukacigarurira maze mukakibamwo,  muze mutore bikeyi ku vyeze ubwa mbere* mu bintu vyose mwimbuye mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe. Muzobishira mu giseke hanyuma mubijane ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye ngo hitirirwe* izina ryiwe+.  Muzoja ku muherezi azoba ariko arakora muri iyo misi, mumubwire muti: “Uyu musi ndamenyesheje Yehova Imana yawe ko ninjiye mu gihugu Yehova yarahiye ba sokuruza bacu ko azoduha+.”  Umuherezi azoca yakira ico giseke mu maboko yawe, agishire imbere y’igicaniro ca Yehova Imana yawe.  Uzoheza uvugire imbere ya Yehova Imana yawe uti: “Dawe yari Umwaramu+ abayeho aza arimuka*. Yaragiye mu Misiri+ hanyuma abayo ari umunyamahanga, ari kumwe n’abantu bakeyi bo mu rugo rwiwe+. Ari ng’aho mu Misiri yaracitse ihanga rinini, rikomeye kandi rigizwe n’abantu benshi+.  Ariko Abanyamisiri baradufashe nabi, baraducinyiza kandi badukoresha ibikorwa biruhisha vy’abashumba+.  Twaciye dutangura kuririra Yehova Imana ya ba sokuruza bacu, kandi Yehova yarumvise amarira yacu, arabona amarushwa yacu, ingorane hamwe n’agacinyizo twarimwo+.  Yehova yahavuye adukura mu Misiri akoresheje ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha+, ibikorwa biteye ubwoba hamwe n’ibimenyetso be n’ibitangaro+.  Yaciye atuzana ng’aha, aduha iki gihugu gitemba amata n’ubuki+. 10  Ubu rero nzanye ivyeze ubwa mbere mu vyo nimbuye mu gihugu Yehova yampaye+.” Uzoca ushira ico giseke imbere ya Yehova Imana yawe, hanyuma wuname imbere ya Yehova Imana yawe. 11  Uzoheza uhimbarirwe ivyiza vyose Yehova Imana yawe yaguhaye mwe n’umuryango wawe, uri kumwe n’Abalewi na ba kavamahanga baba muri mwebwe+. 12  Niwaheza kwegeranya+ ic’icumi c’umwimbu wawe wose mu mwaka ugira gatatu, ari wo mwaka wo gutanga ic’icumi, uzobiha Abalewi, abanyamahanga, impfuvyi n’abapfakazi baba mu bisagara* vyanyu, na bo babirye bahage+. 13  Uzoheza uvugire imbere ya Yehova Imana yawe uti: “Nakuye mu nzu yanje umugabane mweranda, maze ndawuha Abalewi, ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi+, nk’uko wabintegetse. Sinarenze amabwirizwa yawe canke ngo ndayirengagize. 14  Sinabiriyeko ngandaye kandi sinakuyeko na dukeyi mpumanye canke ngo ndabitangeko ku bw’abapfuye. Naragamburukiye Yehova Imana yanje, kandi narakoze ivyo wantegetse vyose. 15  Ubu rero nurabe hasi uri mw’ijuru, ahantu heranda wibera, maze uhezagire abantu bawe b’Abisirayeli n’igihugu waduhaye+, igihugu gitemba amata n’ubuki+ nk’uko warahiye ba sokuruza bacu+.” 16  Uyu musi Yehova Imana yanyu abategetse gukurikiza aya mabwirizwa n’aya mategeko. Mutegerezwa kuyubahiriza kandi mukayakurikiza n’umutima wanyu wose+ n’ubuzima bwanyu bwose. 17  Uyu musi Yehova arabemereye ko azoba Imana yanyu nimwagendera mu nzira ziwe, mukagamburuka amategeko yiwe, amabwirizwa yiwe+ n’ingingo yashinze+, kandi mukumviriza ijwi ryiwe. 18  Uyu musi namwe muremereye Yehova ko muzoba abantu biwe, ihanga ryiwe ridasanzwe*+ nk’uko yabibasezeraniye, be n’uko muzokwubahiriza amabwirizwa yiwe yose. 19  Kandi nk’uko yabisezeranye, nimwerekana ko muri beranda kuri Yehova Imana yanyu+, na we azobashira hejuru y’ayandi mahanga yose yaremye+, bitume mushemagizwa, mube rurangiranwa mwongere muterwe iteka.»

Utujambo tw'epfo

Canke «ku mushuzo.»
Canke «habe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ari ku mpfiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Canke «ikintu c’agaciro yigabira.»