Gusubira mu vyagezwe 27:1-26

  • Bategerezwa kwandika amategeko ku mabuye (1-10)

  • Ku musozi Ebali no ku musozi Gerizimu (11-14)

  • Imivumo itangazwa (15-26)

27  Maze Musa ari kumwe n’abashingantahe bo muri Isirayeli, ategeka abantu ati: «Nimwubahirize amabwirizwa yose ndabahaye uyu musi.  Umusi muzojabuka Yorodani mukinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, muze mushinge amabuye maninimanini hanyuma muyasige ishwagara+.  Muze muyandikeko aya mategeko yose, hanyuma mubone kwinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, igihugu gitemba amata n’ubuki, nk’uko Yehova Imana ya ba sokuruza banyu yabibasezeraniye+.  Nimwamara kujabuka Yorodani, muze mushinge ayo mabuye ku musozi Ebali+ hanyuma muyasige ishwagara nk’uko ndabibategetse uyu musi.  Muze muhubake kandi igicaniro ca Yehova Imana yanyu, igicaniro c’amabuye. Ntihaze hagire icuma muyakozako+.  Ico gicaniro ca Yehova Imana yanyu muze mucubakishe amabuye atabajwe, hanyuma mugishikanireko ibimazi biturirwa vya Yehova Imana yanyu.  Muze mushikane ibimazi vyo gusangira+ hanyuma mubirire aho nyene+, muhimbarwe imbere ya Yehova Imana yanyu+.  Muze mwandike neza aya mategeko yose kuri ayo mabuye+  Musa n’abaherezi b’Abalewi baca babwira Abisirayeli bati: «Yemwe Bisirayeli, nimuhore mwumvirize! Uyu musi mucitse ihanga rya Yehova Imana yanyu+. 10  Mutegerezwa kwumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu, kandi mugakurikiza amabwirizwa yiwe+ n’amategeko yiwe ndabahaye uyu musi.» 11  Nuko kuri uwo musi, Musa ategeka abantu ati: 12  «Nimwamara kujabuka Yorodani, iyi ni yo miryango izohagarara ku musozi Gerizimu+ kugira ihezagire abantu: umuryango wa Simeyoni, uwa Lewi, uwa Yuda, uwa Isakari, uwa Yozefu n’uwa Benyamini. 13  Iyi miryango na yo izohagarara ku musozi Ebali+ kugira itangaze umuvumo: umuryango wa Rubeni, uwa Gadi, uwa Asheri, uwa Zabuloni, uwa Dani n’uwa Nafutali. 14  Abalewi na bo bazobwira Abisirayeli bose n’ijwi rirenga+ bati: 15  “Aravumwe umuntu wese ahingura igishusho c’ikibazano+ canke igishusho c’icuma*+, ikintu gishisha Yehova+ cakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene* hanyuma akakinyegeza.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen*!”) 16  “Aravumwe umuntu wese asuzugura se canke nyina+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”) 17  “Aravumwe umuntu wese yimura akarimbi ka mugenziwe+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”) 18  “Aravumwe umuntu wese azimiza impumyi+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”) 19  “Aravumwe umuntu wese agoreka urubanza+ rwa kavamahanga, rw’impfuvyi canke rw’umupfakazi+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”) 20  “Aravumwe umuntu wese aryamana n’umugore wa se, kuko aba amaramaje se wiwe*+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”) 21  “Aravumwe umuntu wese aryamana n’igikoko+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”) 22  “Aravumwe umuntu wese aryamana na mushikiwe, yaba ari uwo basangiye se canke nyina+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”) 23  “Aravumwe umuntu wese aryamana na inabukwe+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”) 24  “Aravumwe umuntu wese yibundira mugenziwe akamwica+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”) 25  “Aravumwe umuntu wese yakira igiturire co kwica intungane+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”) 26  “Aravumwe umuntu wese atazokwubahiriza aya mategeko ngo ayakurikize+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)

Utujambo tw'epfo

Canke «nibibe gutyo nyene.»
Canke «uwuhingura ibintu mu biti canke mu vyuma.»
Canke «igishusho mu cuma bashongesheje.»
Mu giheburayo havuga ngo «aba akuye agashambara se wiwe.»