Gusubira mu vyagezwe 33:1-29

  • Musa ahezagira imiryango y’Abisirayeli (1-29)

    • «Amaboko yamaho» ya Yehova (27)

33  Uwu rero ni wo muhezagiro Musa, umuntu w’Imana y’ukuri yahaye Abisirayeli imbere y’uko apfa+.  Yavuze ati: «Yehova yaje ava i Sinayi+,yabamurikiye ari i Seyiri. Yakayanganye ari mu misozi y’i Parani+,kandi yari kumwe n’aberanda ibihumbi n’ibihumbi*+,ingabo ziwe zari iburyo bwiwe+.   Yarakunda cane abantu biwe+.Aberanda bose muri bo bari mu kuboko kwawe, ewe Mana+. Bari bicaye imbere y’ibirenge vyawe+,bumviriza amajambo yawe+.   (Musa yaraduhaye amategeko+,ikintu ishengero rya Yakobo ryigabira+.)   Imana yabaye umwami i Yeshuruni*+,igihe abatware b’abantu bari bakoraniye hamwe+,bari kumwe n’imiryango yose yo muri Isirayeli+.   Rubeni niyibereho ntapfe+,abantu biwe ntibigere baba inkehwa+   Uwu ni wo muhezagiro yahaye Yuda+: «Ewe Yehova, niwumvirize ijwi rya Yuda+,maze umugarukane mu bantu biwe. Amaboko yiwe yararwaniye* ivyiwe.Ese womufasha kurwanya abansi biwe+   Ku bijanye na Lewi, yavuze+ ati: «Tumimu yawe* na Urimu+ yawe vyegukira umuntu ataguhemukira+,uwo wasuzumye uri i Masa+. Waramurwanije kuri ya mazi y’i Meriba+,   uwavuze ku bijanye na se na nyina ati: “Sindabanezwe.” Mbere na benewabo yarabirengagije+,yarihakanye abana biwe bwite. Kuko yagumije ijambo ryawe,yarubahirije isezerano ryawe+. 10  Niyigishe Yakobo ingingo washinze+,yigishe Isirayeli amategeko yawe+. Nagushikanire imibavu ikumotera neza*+,hamwe n’ishikanwa riturirwa ryose* ku gicaniro cawe+. 11  Ewe Yehova, nuhezagire inkomezi ziwe,kandi werekane ko ushima igikorwa c’amaboko yiwe. Nuvunagure amaguru* y’abaza kumutera,kugira abamwanka ntibasubire guhaguruka.» 12  Ku bijanye na Benyamini, yavuze+ ati: «Umukundwa wa Yehova niyibereho atekanye iruhande yiwe,agume amwugamitse umusi wose.Azokwibera ku mugongo wiwe* 13  Ku bijanye na Yozefu, yavuze+ ati: «Igihugu ciwe kiragahezagirwa na Yehova+,nakironse ibintu vyizavyiza vyo kw’ijuru,urume hamwe n’amazi yo hasi mu kuzimu+, 14  ibintu vyizavyiza bikuzwa n’izuba,ibintu vyizavyiza vyera buri kwezi+, 15  ibintu vyizavyiza biva mu misozi ya kera*+,ibintu vyizavyiza biva mu mitumba yamaho, 16  ibintu vyizavyiza vyo kw’isi n’ivyuzuye muri yo+,hamwe n’ugushimwa n’umwe yibera mu gisaka c’amahwa+. Ese ivyo vyose vyoza ku mutwe wa Yozefu,hejuru ku mutwe w’uwatowe muri benewabo+. 17  Afise igihagararo nk’ic’ishuri yavutse ubwa mbere,amahembe yiwe ni amahembe y’ishuri yo mw’ishamba*. Azoyasunikisha* amahanga yose,ayasunike gushika ku mpera z’isi. Ayo mahembe ni ibihumbi mirongo vya Efurayimu+,ibihumbi vya Manase.» 18  Ku bijanye na Zabuloni, yavuze+ ati: «Ewe Zabuloni, nezererwa ingendo zawe,nawe Isakari, nezererwa amahema yawe+. 19  Bazokoraniriza amahanga ku musozi. Aho ni ho bazoshikanira ibimazi vy’ubugororotsi. Bazokwirira ubutunzi bwinshi bwo mu biyaga*hamwe n’itunga rinyegejwe mu musenyi.» 20  Ku bijanye na Gadi, yavuze+ ati: «Uwagura imbibe za Gadi aragahezagirwa+. Azobunda nka kurya kw’intambweigira itabagure ukuboko kw’ico yafashe, mbere n’umutwe waco. 21  Azokwitorera umugabane wa mbere+,umugabane yabikiwe n’uwutanga amategeko+. Abatware b’abantu bazokoranira hamwe. Azoshitsa ubutungane bwa Yehovan’ingingo yashingiye Isirayeli.» 22  Ku bijanye na Dani, yavuze+ ati: «Dani ni icana c’intambwe+. Azosimba avuye i Bashani+ 23  Ku bijanye na Nafutali, yavuze+ ati: «Nafutali ahagijwe n’ugushimwa na Yehova,kandi yuzuye imihezagiro yiwe. Niyigarurire uburaruko n’ubumanuko.» 24  Ku bijanye na Asheri na ho yavuze+ ati: «Imana yarahaye abana benshi Asheri. Natoneshwe na benewabo,kandi ahonyoze* ikirenge ciwe mu mavuta. 25  Icuma n’umujumpu ni vyo wugaza amarembo yawe+,uzokwiberaho mu mutekano ubuzima bwawe bwose*. 26  Nta n’umwe ameze nk’Imana y’ukuri+ ya Yeshuruni+,imwe igendera kw’ijuru kugira igutabare,ikagendera ku bicu mu cubahiro cayo+. 27  Imana ni ubuhungiro kuva kera na rindi+,amaboko yayo yamaho ari munsi yawe+. Izokwirukana abansi bawe baguhunge+,kandi izokubwira iti: “Bazimanganye+!” 28  Isirayeli azokwiberaho mu mutekano.Isôko rya Yakobo rizokwibera mu gitutu,mu gihugu kirimwo intete n’umuvinyu mushasha+,igihugu kiri munsi y’ijuru ritonyanga urume+. 29  Ewe Isirayeli urahiriwe+! Ni nde ameze nkawe+,ihanga ryarokowe na Yehova+,we nkinzo yawe+akaba n’inkota yawe ikomeye? Abansi bawe bazojugumira imbere yawe+,kandi uzobahonyanga mu migongo*

Utujambo tw'epfo

Canke «aberanda ibihumbi mirongo.»
Iryo zina risobanura ngo «umugororotsi.» Ni izina ry’icubahiro rya Isirayeli.
Canke «yaraburaniye.»
Herekeza ku Mana.
Canke «ritangwa ryose.»
Mu giheburayo havuga ngo «imibavu y’akamoto karuhura.»
Canke «amafyinga.»
Mu giheburayo havuga ngo «hagati y’ibitugu vyiwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «imisozi yo mu buseruko.»
Gishobora kuba cari igikoko kigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «azoyasekesha.»
Mu giheburayo havuga ngo «bazokwonka ibibogaboga mu biyaga.»
Canke «yoze.»
Mu giheburayo havuga ngo «kandi inkomezi zawe zizongana n’imisi yawe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «uzogendera ku misozi yabo.»