Gusubira mu vyagezwe 33:1-29
33 Uwu rero ni wo muhezagiro Musa, umuntu w’Imana y’ukuri yahaye Abisirayeli imbere y’uko apfa+.
2 Yavuze ati:
«Yehova yaje ava i Sinayi+,yabamurikiye ari i Seyiri.
Yakayanganye ari mu misozi y’i Parani+,kandi yari kumwe n’aberanda ibihumbi n’ibihumbi*+,ingabo ziwe zari iburyo bwiwe+.
3 Yarakunda cane abantu biwe+.Aberanda bose muri bo bari mu kuboko kwawe, ewe Mana+.
Bari bicaye imbere y’ibirenge vyawe+,bumviriza amajambo yawe+.
4 (Musa yaraduhaye amategeko+,ikintu ishengero rya Yakobo ryigabira+.)
5 Imana yabaye umwami i Yeshuruni*+,igihe abatware b’abantu bari bakoraniye hamwe+,bari kumwe n’imiryango yose yo muri Isirayeli+.
6 Rubeni niyibereho ntapfe+,abantu biwe ntibigere baba inkehwa+.»
7 Uwu ni wo muhezagiro yahaye Yuda+:
«Ewe Yehova, niwumvirize ijwi rya Yuda+,maze umugarukane mu bantu biwe.
Amaboko yiwe yararwaniye* ivyiwe.Ese womufasha kurwanya abansi biwe+!»
8 Ku bijanye na Lewi, yavuze+ ati:
«Tumimu yawe* na Urimu+ yawe vyegukira umuntu ataguhemukira+,uwo wasuzumye uri i Masa+.
Waramurwanije kuri ya mazi y’i Meriba+,
9 uwavuze ku bijanye na se na nyina ati: “Sindabanezwe.”
Mbere na benewabo yarabirengagije+,yarihakanye abana biwe bwite.
Kuko yagumije ijambo ryawe,yarubahirije isezerano ryawe+.
10 Niyigishe Yakobo ingingo washinze+,yigishe Isirayeli amategeko yawe+.
Nagushikanire imibavu ikumotera neza*+,hamwe n’ishikanwa riturirwa ryose* ku gicaniro cawe+.
11 Ewe Yehova, nuhezagire inkomezi ziwe,kandi werekane ko ushima igikorwa c’amaboko yiwe.
Nuvunagure amaguru* y’abaza kumutera,kugira abamwanka ntibasubire guhaguruka.»
12 Ku bijanye na Benyamini, yavuze+ ati:
«Umukundwa wa Yehova niyibereho atekanye iruhande yiwe,agume amwugamitse umusi wose.Azokwibera ku mugongo wiwe*.»
13 Ku bijanye na Yozefu, yavuze+ ati:
«Igihugu ciwe kiragahezagirwa na Yehova+,nakironse ibintu vyizavyiza vyo kw’ijuru,urume hamwe n’amazi yo hasi mu kuzimu+,
14 ibintu vyizavyiza bikuzwa n’izuba,ibintu vyizavyiza vyera buri kwezi+,
15 ibintu vyizavyiza biva mu misozi ya kera*+,ibintu vyizavyiza biva mu mitumba yamaho,
16 ibintu vyizavyiza vyo kw’isi n’ivyuzuye muri yo+,hamwe n’ugushimwa n’umwe yibera mu gisaka c’amahwa+.
Ese ivyo vyose vyoza ku mutwe wa Yozefu,hejuru ku mutwe w’uwatowe muri benewabo+.
17 Afise igihagararo nk’ic’ishuri yavutse ubwa mbere,amahembe yiwe ni amahembe y’ishuri yo mw’ishamba*.
Azoyasunikisha* amahanga yose,ayasunike gushika ku mpera z’isi.
Ayo mahembe ni ibihumbi mirongo vya Efurayimu+,ibihumbi vya Manase.»
18 Ku bijanye na Zabuloni, yavuze+ ati:
«Ewe Zabuloni, nezererwa ingendo zawe,nawe Isakari, nezererwa amahema yawe+.
19 Bazokoraniriza amahanga ku musozi.
Aho ni ho bazoshikanira ibimazi vy’ubugororotsi.
Bazokwirira ubutunzi bwinshi bwo mu biyaga*hamwe n’itunga rinyegejwe mu musenyi.»
20 Ku bijanye na Gadi, yavuze+ ati:
«Uwagura imbibe za Gadi aragahezagirwa+.
Azobunda nka kurya kw’intambweigira itabagure ukuboko kw’ico yafashe, mbere n’umutwe waco.
21 Azokwitorera umugabane wa mbere+,umugabane yabikiwe n’uwutanga amategeko+.
Abatware b’abantu bazokoranira hamwe.
Azoshitsa ubutungane bwa Yehovan’ingingo yashingiye Isirayeli.»
22 Ku bijanye na Dani, yavuze+ ati:
«Dani ni icana c’intambwe+.
Azosimba avuye i Bashani+.»
23 Ku bijanye na Nafutali, yavuze+ ati:
«Nafutali ahagijwe n’ugushimwa na Yehova,kandi yuzuye imihezagiro yiwe.
Niyigarurire uburaruko n’ubumanuko.»
24 Ku bijanye na Asheri na ho yavuze+ ati:
«Imana yarahaye abana benshi Asheri.
Natoneshwe na benewabo,kandi ahonyoze* ikirenge ciwe mu mavuta.
25 Icuma n’umujumpu ni vyo wugaza amarembo yawe+,uzokwiberaho mu mutekano ubuzima bwawe bwose*.
26 Nta n’umwe ameze nk’Imana y’ukuri+ ya Yeshuruni+,imwe igendera kw’ijuru kugira igutabare,ikagendera ku bicu mu cubahiro cayo+.
27 Imana ni ubuhungiro kuva kera na rindi+,amaboko yayo yamaho ari munsi yawe+.
Izokwirukana abansi bawe baguhunge+,kandi izokubwira iti: “Bazimanganye+!”
28 Isirayeli azokwiberaho mu mutekano.Isôko rya Yakobo rizokwibera mu gitutu,mu gihugu kirimwo intete n’umuvinyu mushasha+,igihugu kiri munsi y’ijuru ritonyanga urume+.
29 Ewe Isirayeli urahiriwe+!
Ni nde ameze nkawe+,ihanga ryarokowe na Yehova+,we nkinzo yawe+akaba n’inkota yawe ikomeye?
Abansi bawe bazojugumira imbere yawe+,kandi uzobahonyanga mu migongo*.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «aberanda ibihumbi mirongo.»
^ Iryo zina risobanura ngo «umugororotsi.» Ni izina ry’icubahiro rya Isirayeli.
^ Canke «yaraburaniye.»
^ Herekeza ku Mana.
^ Canke «ritangwa ryose.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imibavu y’akamoto karuhura.»
^ Canke «amafyinga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «hagati y’ibitugu vyiwe.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «imisozi yo mu buseruko.»
^ Gishobora kuba cari igikoko kigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «azoyasekesha.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bazokwonka ibibogaboga mu biyaga.»
^ Canke «yoze.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kandi inkomezi zawe zizongana n’imisi yawe.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «uzogendera ku misozi yabo.»