Hoseya 2:1-23
2 Nimubwire benewanyu muti: “Muri abantu banje*+!”,
na bashiki banyu muti: “Ewe mugore wagiriwe imbabazi*+”
2 Nimwagirize nyoko wanyu, nimumwagirize,kuko atari umugore wanje+, nanje nkaba ntari umugabo wiwe.
Nahebe ubumaraya* bwiwe,akure n’ukurenga ibigo hagati y’amabere yiwe,
3 ahandiho nzomwambura impuzu zose asigare ari gusa.Nzomuhindura nk’ubugaragwa,ndamugire nk’igihugu kitagira amazinongere ntume yicwa n’inyota.
4 Sinzogirira imbabazi abana biwe,kuko ari abana bavutse mu bumaraya*.
5 Nkako, nyina wabo yabaye imaraya+.
Uwabibungenze yakoze ibiteye isoni+, kuko yavuze ati:“Nzokurikira abahabara banje+,barya banyihera umukate n’amazi,impuzu z’ubwoya n’iz’ilino*, amavuta n’ibinyobwa.”
6 Ku bw’ivyo, inzira yiwe nzoyizibira n’uruzitiro rw’amahwa.Emwe nzokwubaka uruhome rw’amabuye rumutangirakugira ntasubire kubona inzira yiwe.
7 Azokwiruka inyuma y’abahabara biwe, ariko ntazobahamvya+.Azobarondera, ariko ntazobatora.
Azoheza avuge ati: “Reka nsubire ku mugabo wanje wa mbere+,kuko igihe nari kumwe na we ari ho nari merewe neza kuruta ubu+.”
8 Ntiyamenye ko ari je namuha intete+, umuvinyu mushasha n’amavuta,ko ari jewe namuha ifeza ku bwinshihamwe n’inzahabu, ivyo yakoresha mu gusenga Bayali+.
9 “Ku bw’ivyo, nzogaruka nkureho intete zanje mu gihe c’iyimbura,nkureho n’umuvinyu wanje mushasha mu kiringo cawo+.Nzomushikura impuzu zanje z’ubwoya n’iz’ilino yari kwambara.
10 Ubu rero ngira ndamwambure zose imbere y’abahabara biwe,kandi nta n’umwe azomurokora mu maboko yanje+.
11 Nzokuraho umunezero wiwe wose,imisi mikuru yiwe+, imisi mikuru y’imboneko z’ukwezi, amasabato n’ibiringo vyiwe vyose vy’umunezero.
12 Nzohonya imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora yiratira ngo:
‘Iyi ni impembo abahabara banje bampaye.’Nzobihindura ishamba,kandi ibikoko vyo mw’ishamba bizobirotsa.
13 Nzogira ico ndamubaza ku misi yamaze ashikanira ibimazi ibishusho vya Bayali+,igihe yahora yambara impeta n’ibisharizo akiruka inyuma y’abahabara biwe,nanje akanyibagira+”, ni ko Yehova avuze.
14 “Nzomuryosharyosha* rero,ndamujane mu bugaragwa,kandi nzomuyagisha ndamukore ku mutima.
15 Kuva ico gihe nzomusubiza imizabibu yiwe+,kandi ikiyaya* ca Akori+ kizomubera irembo rimushikana ku cizigiro.Ari ng’aho, azonyishura nk’igihe yari akiri muto,nk’igihe yava mu gihugu ca Misiri+.
16 Kuri uwo musi”, ni ko Yehova avuze,“uzonyita ngo ‘umugabo wanje’, ntuzosubira kunyita ngo ‘databuja*.’”
17 “Nzokura mu kanwa kiwe amazina y’ibishusho vya Bayali+,kandi nta wuzosubira kwibuka amazina yavyo+.
18 Kuri uwo musi, nzogiranira isezerano n’ibikoko vyo mw’ishamba ku neza y’abantu banje+,nongere ndarigiranire n’inyoni zo mu kirere n’ibikoko bikwega inda hasi+.Nzokuraho umuheto, inkota n’intambara mu gihugu+,kandi nzotuma biryamira* mu mutekano+.
19 Nzokuresha ube uwanje ibihe vyose.Nzokuresha mu bugororotsi no mu butungane,mu rukundo* no mu mbabazi+.
20 Nzokuresha mu bwizigirwa,kandi uzomenya koko Yehova+.”
21 “Kuri uwo musi, nzokwishura ico nsabwe”, ni ko Yehova avuze,“nzokwishura ijuru ico rinsavye,ijuru na ryo ryishure ico isi irisavye+.
22 Isi izotanga intete, umuvinyu mushasha n’amavuta,ivyo na vyo biheze vyitabe Yezireli*+.
23 Jewe ubwanje nzomwibibira nk’imbuto kw’isi+,kandi nzogirira imbabazi uwutagiriwe imbabazi*.Nzobwira abatari abantu banje* nti: ‘Muri abantu banje+’,
na bo bambwire bati: ‘Uri Imana yacu+.’”»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ubuhumbu», «ubusambanyi.»
^ Canke «mu buhumbu», «mu busambanyi.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «nzomujijura.»
^ Canke «umwonga.»
^ Canke «Bayali wanje.»
^ Canke «biberaho.»
^ Canke «mu rukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Iryo zina risobanura ngo «Imana izobiba imbuto.»