Ivyakozwe n’intumwa 6:1-15

  • Hatorwa abagabo indwi ngo bafashe (1-7)

  • Sitefano yagirizwa gutuka Imana (8-15)

6  Muri iyo misi, abigishwa bariko barongerekana. Haduka rero imyidodombo mu Bayuda bavuga ikigiriki, bidodombera Abayuda bavuga igiheburayo, kuko abapfakazi babo bariko barirengagizwa mw’igaburwa ry’ibifungurwa vya buri musi+.  Bamwe cumi na babiri baca bahamagara abigishwa bose, bababwira bati: «Ntibibereye* ko tureka ijambo ry’Imana ngo tuje mu vyo kugabura ibifungurwa ku meza+.  Nuko rero bavukanyi, nimurondere muri mwebwe abagabo indwi bazwi neza*+, buzuye impwemu n’ubukerebutsi+, kugira tubashinge iki gikorwa gikenewe+.  Mugabo twebwe tuzokwihebera ivyerekeye ugusenga n’igikorwa kijanye n’ijambo ry’Imana.»  Iryo jambo abigishwa bose bararishima, baca batora Sitefano umugabo yuzuye ukwizera n’impwemu nyeranda, na Filipo+, Purokoro, Nikanori, Timoni, Parumena na Nikola w’i Antiyokiya yari yarinjiye idini ry’Abayuda.  Babazana imbere y’intumwa, na zo zimaze gusenga, zibarambikako ibiganza+.  Ijambo ry’Imana rero ribandanya gukwiragira+, igitigiri c’abigishwa na co kiguma congerekana cane+ i Yeruzalemu. Isinzi rinini cane ry’abaherezi ryakira ukwizera+.  Sitefano, yuzuye ubuntu bw’Imana n’ububasha, yarakora ibitangaza n’ibimenyetso bikomeye mu bantu.  Abantu bamwe bo mw’isinagogi yitwa iy’Ababohowe hamwe n’abo mu Banyasireni, mu Banyalegizandiriya, mu b’i Silisiya no muri Aziya, baza guharira na Sitefano. 10  Ariko ntibashoboye kumutsinda kuko yavugana ubukerebutsi kandi afashijwe n’impwemu+. 11  Maze bosha abagabo mu mpisho ngo bavuge bati: «Twamwumvise avuga amajambo yo gutuka Musa n’Imana* 12  Baca bagumura abantu n’abashingantahe n’abanditsi maze baramuhwikira, baramucakira, bamushira Inama nkuru. 13  Nuko bazana ivyabona vy’ikinyoma, bivuga biti: «Uyu mugabo aguma avuga nabi iki kibanza ceranda n’amategeko. 14  Nk’akarorero, twamwumvise avuga yuko uwo Yezu Umunyanazareti azosenyurira hasi iki kibanza akongera agahindura imigenzo twarazwe na Musa.» 15  Maze abari mu Nama nkuru bose bamwitegereje, babona mu maso hiwe hasa n’ah’umumarayika.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «ntibihimbaye.»
Canke «bavugwa neza.»
Canke «yo kurogota kuri Musa no ku Mana.»