Kuvayo 10:1-29

  • Igihano ca 8: inzige (1-20)

  • Igihano ca 9: umwijima (21-29)

10  Maze Yehova abwira Musa ati: «Genda kwa Farawo, kuko namuretse agakomantaza umutima wiwe hamwe n’abasuku biwe+, kugira nkorere ibimenyetso vyanje imbere yiwe+.  Nabigize kandi kugira uzomenyeshe abana n’abuzukuru bawe ingene nahanye Abanyamisiri hamwe n’ibimenyetso nakoreye muri bo+. Emwe, muzomenya vy’ukuri ko ndi Yehova.»  Musa na Aroni baca baja kwa Farawo, bamubwira bati: «Yehova Imana y’Abaheburayo avuze ati: “Uzogeza ryari kutanyumvira+? Rekura abantu banje kugira baje kunsenga*.  Ukaguma wanka kubarekura, ejo nzoca ndungika inzige mu gihugu cawe.  Zizopfuka igihugu cose ku buryo ata wuzoshobora kubona hasi. Zizorya ibintu vyose urubura rwabasigarije, zirye n’ibiti vyose biriko biramera mu gahinga+.  Zizokwuzura amazu yawe, amazu y’abasuku bawe n’amazu yose yo mu Misiri. Kizoba ari ikintu ba so na ba sokuru batigeze babona kuva babaye muri iki gihugu gushika n’uyu musi+.”» Musa aca arasohoka ava kwa Farawo.  Abasuku ba Farawo baca bamubwira bati: «Uyu mugabo azotubangamira* gushika ryari? Rekura abo bantu baje gusenga Yehova Imana yabo. Aho nturabona ko igihugu ca Misiri cayogeye?»  Nuko bagarukana Musa na Aroni kwa Farawo, na we ababwira ati: «Genda musenge Yehova Imana yanyu. Ariko ndakeneye kumenya abazogenda.»  Musa amwishura ati: «Tuzojana n’urwaruka rwacu hamwe n’abageze mu zabukuru, abahungu bacu n’abakobwa bacu. Tuzojana kandi n’intama zacu n’inka zacu+ kuko dufise umusi mukuru wa Yehova+ 10  Farawo ababwira ati: «Nkagenda ndabaretse ngo mujane n’abana banyu, muzoce mumenya ko Yehova ari kumwe namwe+! Biraboneka ko hari ikintu kibi mushaka gukora. 11  Ndavyanse! Abagabo gusa ni bo bazogenda gusenga Yehova, kuko ari vyo mwasavye.» Baca barabirukana, bava kwa Farawo. 12  Maze Yehova abwira Musa ati: «Ramvurira ukuboko kwawe hejuru ya Misiri kugira inzige zitere igihugu cose, zirye ivyatsi vyose urubura rwasigaje.» 13  Ubwo nyene Musa aca aramvurira inkoni yiwe hejuru ya Misiri. Yehova aca azana umuyaga wo mu buseruko, umara uwo murango wose n’ijoro ryose uhuhutira kuri ico gihugu. Bukeye, uwo muyaga uca uzana inzige. 14  Nuko zishwara igihugu cose ca Misiri, zigwa ahantu hose mu karere k’ico gihugu+. Zari ziteye ubwoba cane+. Nta nzige zingana gutyo zari bwigere zibaho kandi nta n’izosubiriye kubaho. 15  Emwe zirakubita hasi hose harazima, igihugu cose gicika umwijima kubera zo. Ziraheza zirya ivyatsi vyose vyo mu gihugu n’ivyamwa vyose vyo ku biti urubura rwari rwasigaje. Nta babi ritoto ryasigaye ku biti canke ku vyatsi mu gihugu cose ca Misiri. 16  Farawo aca atumako ningoga Musa na Aroni, ababwira ati: «Nacumuye kuri Yehova Imana yanyu no kuri mwebwe. 17  Ubu rero ndabinginze mumbabarire iri rimwe gusa, munyingingire Yehova Imana yanyu ankureko iki cago.» 18  Aca arasohoka* ava kwa Farawo, araheza atakambira Yehova+. 19  Yehova aca ahindura inzira y’uwo muyaga, ucika umuyaga ukomeye wo mu burengero, uraheza utwara za nzige zose uzisuka mu kiyaga Gitukura. Nta ruzige na rumwe rwasigaye mu karere kose ka Misiri. 20  Mugabo Yehova areka Farawo abandanya gukomantaza umutima wiwe+, ntiyarekura Abisirayeli. 21  Yehova rero abwira Musa ati: «Ramvura ukuboko kwawe ukwerekeze mw’ijuru kugira umwijima utwikire igihugu cose ca Misiri, umwijima w’umuzitanya umuntu yoshobora gukorakora.» 22  Ubwo nyene Musa aca aramvura ukuboko kwiwe akwerekeza mw’ijuru, umwijima w’umuzitanya uca umara imisi itatu utwikiriye igihugu cose ca Misiri+. 23  Abanyamisiri bamara imisi itatu ata wushobora kubona uwundi, ata n’umwe ashobora kuva muhira iwe. Ariko mu mihana yose y’Abisirayeli harabona+. 24  Farawo aca ahamagara Musa, amubwira ati: «Genda musenge Yehova+. Intama zanyu n’inka zanyu ni vyo bizoguma ng’aha, ariko abana banyu murashobora kujana.» 25  Musa amwishura ati: «Wewe nyene uzoduha* ibitungwa dutangako ibimazi n’amashikanwa aturirwa, natwe tuzobishikanira Yehova Imana yacu+. 26  Ibitungwa vyacu na vyo nyene tuzobitwara. Nta gitungwa* na kimwe kizosigara ng’aha, kuko ari vyo tuzokuramwo ivyo dushikanira Yehova Imana yacu, kandi ntidushobora kumenya ivyo tuzoshikanira Yehova tutarashikayo.» 27  Mugabo Yehova areka Farawo abandanya gukomantaza umutima wiwe, ntiyemera kurekura Abisirayeli+. 28  Farawo aca amubwira ati: «Mva mu maso! Ntuze uhirahire ngo ugaruke imbere yanje, kuko umusi wagarutse uzoca upfa.» 29  Musa aca amwishura ati: «Emwe urantega! Sinzogaruka imbere yawe.»

Utujambo tw'epfo

Canke «kunkorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «azotubera umutego.»
Ashobora kuba ari Musa.
Canke «uzotwemerera gutwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikinono.»