Kuvayo 22:1-31

  • Amategeko agenga Abisirayeli (1-31)

    • Ubusuma (1-4)

    • Kwonesha (5, 6)

    • Kuriha ivyononekaye no kwegukira ikintu (7-15)

    • Kuryosharyosha umukobwa (16, 17)

    • Gusenga hamwe n’ubutungane mu kibano (18-31)

22  Umuntu niyiba impfizi y’inka canke intama hanyuma akayikerera canke akayigurisha, iyo mpfizi azoyiriha zitanu, intama na yo zine+.  (Umuntu niyafata umusuma+ ariko aramena inzu mw’ijoro akamukubita agapfa, uwo muntu ntazokwagirwa n’amaraso.  Ariko ivyo nivyashika izuba rimaze guseruka, azokwagirwa n’amaraso.) Umuntu ategerezwa kuriha ivyo yivye. Nimba adashoboye kubiriha, ategerezwa kugurishwa kugira arihe ivyo yivye.  Nibamufatana igitungwa yivye kigikomeye, yaba ari impfizi y’inka, indogobwa canke intama, abwirizwa kukiriha incuro zibiri.  Umuntu niyaragira ibitungwa vyiwe mw’itongo canke mu murima w’imizabibu hanyuma akabireka bikaja kwona mu murima w’abandi, azoca abiriha ibintu vyizavyiza vyo mu murima wiwe canke imizabibu myizamyiza yo mu murima wiwe.  Umuntu niyacana umuriro maze ugafata ibisaka hanyuma ukarandagata ugaturira imiganda y’ingano* bagenye, izo bataragenya canke umurima wose, uwawucanye ategerezwa kuriha ivyahiye vyose.  Umuntu niyabitsa amahera mugenziwe canke ibindi bintu maze bakavyibira mu nzu iwe, uwavyivye niyafatwa azobiriha incuro zibiri+.  Natafatwa, nyene inzu bazoce bamuzana imbere y’Imana y’ukuri+ kugira barabe ko atari we yabitwaye*.  Igihe cose umuntu yagirijwe ko atunze ikintu kitari rwiwe, yaba ari impfizi y’inka, indogobwa, intama, impuzu canke ikindi kintu catakaye, hanyuma hakaza uwundi avuga ati: “Iki ni rwanje”, abo bantu bose bazoce barenguka imbere y’Imana y’ukuri+. Uwo Imana izovuga ko yagirwa n’icaha azoriha ico kintu incuro zibiri+. 10  Umuntu niyabitsa mugenziwe indogobwa, impfizi y’inka, intama canke ikindi gitungwa ico ari co cose hanyuma kigapfa canke kikamugara*, canke na ho abambuzi bakagitwara ata wubibona, 11  uwakibikijwe azorahire imbere ya Yehova ko atari we yagitwaye, kandi nyeneco ategerezwa kuvyemera. Uwakibikijwe nta ndishi azotanga+. 12  Ariko nibakimwibirako*, ategerezwa guha indishi nyeneco. 13  Nimba catabaguwe n’igikoko co mw’ishamba, azozana ico gitungwa catabaguwe kugira kimubere ikimenyamenya. Ntazotanga indishi y’igitungwa catabaguwe n’igikoko. 14  Mugabo umuntu niyatira igitungwa mugenziwe hanyuma kikavunika canke kigapfa nyeneco atari ho ari, uwo muntu ategerezwa gutanga indishi. 15  Nimba nyeneco ari ho yari, nta ndishi azotanga. Nimba na ho ari ico yari yakose, amahera yagikose ni yo azoca aba indishi yaco. 16  Umugabo niyaryosharyosha umukobwa w’isugi atarehejwe hanyuma akaryamana na we, ategerezwa kuriha inkwano kugira amutware abe umugore wiwe+. 17  Se wiwe niyanka kumumuha, na ho nyene azoriha amahera angana n’inkwano. 18  Ntuze ureke ngo umupfumukazi abeho+. 19  Uwusambanye n’igikoko ategerezwa gupfa+. 20  Uwushikaniye ikimazi iyindi mana atari Yehova wenyene ategerezwa gupfa+. 21  Ntugafate nabi kavamahanga canke ngo umucinyize+, kuko nawe wabaye kavamahanga mu Misiri+. 22  Ntimuze mugirire nabi umupfakazi canke impfuvyi+. 23  Nimwamugirira nabi mu buryo na bumwe hanyuma akandirira, sinzobura kwumva amarira yiwe+. 24  Nanje nzorungura n’ishavu maze ndabicishe inkota, abagore banyu babe abapfakazi n’abana banyu babe impfuvyi. 25  Niwagurana amahera umukene* wo mu bantu banje akaba n’umubanyi wawe, ntuze umuguranire kwunguka. Ntuzomusabe inyungu+. 26  Niwafata impuzu ya mugenzawe nk’ingwati+, utegerezwa kuyimusubiza izuba rirenze. 27  Kuko ari yo yonyene afise yipfuka, ni ko gahuzu konyene afise. None azorara yipfutse iki+? Niyandirira, sinzoreka kumwumviriza kuko ndi umunyempuhwe*+. 28  Ntugatuke* Imana+ canke umukuru wo mu bantu bawe+. 29  Ntimuze mugonanwe kunshikanira ibimazi bivuye mu musesekara w’ivyo mwimbuye n’ivyo muganira mu mato*+. Mutegerezwa kumpa abahungu banyu b’imfura+. 30  Ku bijanye n’ishuri yawe be n’intama yawe+, uku ni ko uzobigenza: izomarana imisi indwi na nyina kuva ivutse, uce uyimpa ku musi ugira umunani+. 31  Mutegerezwa kuba beranda imbere yanje+. Ntimuze murye inyama z’igikoko catabaguriwe mw’ishamba+. Mukwiye kuziterera imbwa.

Utujambo tw'epfo

Canke «ibindi biterwa vyose vy’intete.»
Mu giheburayo havuga ngo «ko atabikojejeko ukuboko.»
Canke «kigakomereka cane.»
Kumbure bivuye ku rwangara.
Canke «umuntu yigorewe.»
Canke «umunyabuntu.»
Canke «ntukavume.»
Ni amato baganiramwo amavuta n’ayo baganiramwo umuvinyu.