Kuvayo 37:1-29

  • Bakora isandugu y’isezerano (1-9)

  • Imeza (10-16)

  • Ikintu baterekako amatara (17-24)

  • Igicaniro c’imibavu (25-29)

37  Hanyuma Bezaleli+ akora ya sandugu+ mu giti c’umunyinya. Yari ifise uburebure bw’intambwe zibiri n’igice, ubwaguke bw’intambwe n’igice n’amahagarara y’intambwe n’igice*+.  Ayihomekako inzahabu itavanze imbere n’inyuma, ayikorera n’urugori rw’inzahabu ruyikikuje+.  Inyuma y’ivyo, ayikorera imikono* ine mu nzahabu ishongeshejwe, ayimadika hejuru y’amaguru yayo ane. Ashira imikono ibiri ku ruhande rumwe, yindi ibiri ku rundi ruhande.  Araheza akora ibibando* mu giti c’umunyinya hanyuma abihomekako inzahabu+.  Maze acisha ivyo bibando muri ya mikono iri ku mpande z’iyo sandugu kugira babikoreshe mu kuyirerura+.  Akora na wa mufuniko+ mu nzahabu itavanze. Wari ufise uburebure bw’intambwe zibiri n’igice n’ubwaguke bw’intambwe n’igice+.  Akora kandi abakerubi*+ babiri mu nzahabu, abacurisha inyundo ku mpera zibiri z’uwo mufuniko+.  Umukerubi umwe yari ku mpera imwe, uwundi ku yindi mpera. Yabakoreye ku mpera zibiri z’uwo mufuniko.  Abo bakerubi babiri bari bashanje amababa yabo araba hejuru, bayakingirije umufuniko w’isandugu+. Bararabana, kandi bari bunamye mu maso habo haraba ku mufuniko+. 10  Hanyuma akora ya meza mu giti c’umunyinya+. Yari ifise uburebure bw’intambwe zibiri, ubwaguke bw’intambwe imwe n’amahagarara y’intambwe n’igice+. 11  Aca ayihomekako inzahabu itavanze, ayikorera n’urugori rw’inzahabu ruyikikuje. 12  Ayikorera kandi akarate kayikikuza, gafise ubwaguke bungana n’ikiganza*, akora n’urugori rw’inzahabu rukikuje ako karate. 13  Vyongeye, ayikorera imikono ine mu nzahabu ishongeshejwe, araheza ayishira ku mpande zayo zine, aho amaguru afatanira n’imeza. 14  Iyo mikono yari hafi ya ka karate, kugira bayicishemwo ibibando vyo kurerura iyo meza. 15  Maze akora ibibando vyo kurerura iyo meza. Abikora mu giti c’umunyinya hanyuma abihomekako inzahabu. 16  Inyuma y’ivyo, akora ibikoresho vyo ku meza mu nzahabu itavanze, ni ukuvuga amasahani n’ibikombe, akora n’amabakure hamwe n’amajage* vyo gusuka amashikanwa y’ibinyobwa+. 17  Hanyuma akora ca kintu baterekako amatara+, agicurisha inyundo mu nzahabu itavanze. Icicariro caco, umutumba waco, amashami yaco, utubabi twaco, udupfundo twaco n’amashurwe yaco vyari bifatanye, ari ikintu kimwe+. 18  Cari gifise amashami atandatu ava ku mutumba waco, atatu ku ruhande rumwe, yandi atatu ku rundi ruhande. 19  Ishami ryose ryo ku ruhande rumwe ryariko imigwi itatu y’utubabi imeze nk’amashurwe ya shakedi, amapfundo n’amashurwe bikaza birakurakuranwa. Ni ko vyari bimeze no ku mashami yo ku rundi ruhande. Vyari bimeze gutyo ku mashami yose atandatu ava ku mutumba waco. 20  Umutumba waco wariko imigwi ine y’utubabi imeze nk’amashurwe ya shakedi, amapfundo n’amashurwe bikaza birakurakuranwa. 21  Munsi y’aho amashami abiri ya mbere ahurira ku mutumba hariho ipfundo. Hariho n’irindi pfundo munsi y’aho amashami abiri akurikira ahurira, hamwe n’irindi munsi y’aho amashami abiri ya nyuma ahurira. Vyari bimeze gutyo kuri ayo mashami atandatu yose. 22  Ico kintu baterekako amatara, amapfundo yaco n’amashami yaco vyari ikintu kimwe, gicurishijwe inyundo mu nzahabu itavanze. 23  Maze akora mu nzahabu itavanze amatara indwi+ yaco, udupensi* twaco n’udupanu twaco tujamwo umuriro. 24  Ico kintu baterekako amatara hamwe n’ibikoresho vyaco vyose, yabikoze mw’italanto* imwe y’inzahabu itavanze. 25  Hanyuma akora ca gicaniro c’imibavu+ mu giti c’umunyinya. Cari ikwadarato ifise uburebure bw’intambwe imwe, ubwaguke bw’intambwe imwe n’amahagarara y’intambwe zibiri. Amahembe yaco yari afatanye na co+. 26  Aca agihomekako inzahabu itavanze hejuru, ku mpande zaco zose no ku mahembe yaco. Agikorera n’urugori* rw’inzahabu rugikikuje. 27  Agikorera kandi imikono ibiri y’inzahabu munsi y’urwo rugori, ku mpande zibiri zaco zibangabanganye. Iyo mikono yari iyo gufata ibibando vyo kukirerura. 28  Inyuma y’ivyo, akora ibibando mu giti c’umunyinya hanyuma abihomekako inzahabu. 29  Akora kandi ya mavuta meranda yo kurobanuza+ hamwe na ya mibavu+ imota neza kandi ityoroye. Vyose vyari bivanze ku buhinga*.

Utujambo tw'epfo

Uko yangana: nka santimetero 111 z’uburebure, 67 z’ubwaguke na 67 z’amahagarara. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ibigombo.»
Canke «iminiho.»
Ni nka santimetero 7,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «amabirika.»
Canke «iminengo.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Canke «imbiga.»
Canke «vyari bimeze nk’ivyakozwe n’umuhinga mu gukora amavuta manovu.»