Kuvayo 9:1-35

  • Igihano ca 5: ibitungwa bipfa (1-7)

  • Igihano ca 6: ibihute ku bantu no ku bikoko (8-12)

  • Igihano ca 7: urubura (13-35)

    • Farawo azobona ububasha bw’Imana (16)

    • Izina rya Yehova ritegerezwa kwamamara (16)

9  Yehova rero abwira Musa ati: «Genda kwa Farawo, umubwire uti: “Yehova Imana y’Abaheburayo avuze ati: ‘Rekura abantu banje kugira baje kunsenga*+.  Ariko niwanka kubarekura ukabagumya,  Yehova azoca ateza ivyago ibitungwa vyawe biri mu gahinga. Ikiza gikomeye+ kizotera amafarasi, indogobwa, ingamiya, inka, impene hamwe n’intama.  Yehova azoshiraho itandukaniro hagati y’ibitungwa vy’Abisirayeli n’ivy’Abanyamisiri. Nta gitungwa na kimwe mu vy’Abisirayeli kizopfa+.’”»  Yehova agirako ashinga igihe bizoberako, avuga ati: «Ejo jewe Yehova nzokora ico kintu mu gihugu.»  Bukeye, Yehova aca abigenza ukwo nyene. Ibitungwa vy’ubwoko bwose vy’Abanyamisiri bitangura gupfa+, ariko nta na kimwe capfuye mu bitungwa vy’Abisirayeli.  Farawo abajije amakuru, asanga nta gitungwa na kimwe c’Abisirayeli capfuye. Ariko Farawo abandanya gukomantaza umutima, ntiyarekura Abisirayeli+.  Maze Yehova abwira Musa na Aroni ati: «Nimwuzuze amashi yanyu umunyota wo mw’ifuru*, hanyuma Musa awuterere mu kirere imbere ya Farawo.  Uzoca uhinduka umukungugu mu gihugu cose ca Misiri, kandi uzotuma abantu n’ibitungwa bafatwa n’ibihute bituragurika mu gihugu cose ca Misiri.» 10  Baca batora umunyota wo mw’ifuru* maze bahagarara imbere ya Farawo. Musa araheza awuterera mu kirere, uca uhinduka ibihute bituragurika ku bantu no ku bitungwa. 11  Abaherezi bakora ivy’amageza ntibashobora kuza imbere ya Musa, kuko bari bafashwe n’ibihute cokimwe n’abandi Banyamisiri bose+. 12  Mugabo Yehova areka Farawo arakomantaza umutima wiwe, ntiyumvira Musa na Aroni nk’uko Yehova yari yabibwiye Musa+. 13  Yehova rero abwira Musa ati: «Uzozindukire kwa Farawo maze umubwire uti: “Yehova Imana y’Abaheburayo avuze ati: ‘Rekura abantu banje kugira baje kunsenga*. 14  Ubu rero ngira ndaguteze ivyago vyanje vyose, ndabiteze abasuku bawe n’abantu bawe kugira umenye yuko kw’isi yose ata n’umwe ariho ameze nkanje+. 15  Iyo nshaka ubu mba maze kubangura ukuboko nkaguteza ivyago bikomeye mwe n’abantu bawe, kandi uba warazimanganye kw’isi. 16  Mugabo iki ni co catumye mba ndakuretse: ni ukugira ndakwereke ububasha bwanje no kugira izina ryanje ryamamare kw’isi yose+. 17  Ariko raba uracagira amanyama ku bantu banje, nturabareka ngo bagende. 18  Ubu rero, ejo nk’aya masaha nzogwisha urubura rukaze cane, urubura rutigeze ruboneka kuva Misiri ibayeho gushika n’ubu. 19  Bwira abantu rero bugamike ibitungwa vyawe vyose n’ibintu vyawe vyose biri mu gahinga. Umuntu wese n’igitungwa cose urubura ruzosanga mu gahinga bitari mu nzu bizopfa.’”» 20  Abasuku ba Farawo bose batinye ijambo rya Yehova, baciye banyaruka kwinjiza mu nzu abakozi babo n’ibitungwa vyabo. 21  Mugabo abatitayeho ijambo rya Yehova, barekeye mu gahinga abakozi babo n’ibitungwa vyabo. 22  Maze Yehova abwira Musa ati: «Ramvura ukuboko kwawe ukwerekeza mw’ijuru kugira urubura rugwe ku gihugu cose ca Misiri+, ku bantu, ku bikoko no ku vyatsi vyose vyo mu gahinga+ 23  Musa aca aramvura inkoni yiwe ayerekeza mw’ijuru. Yehova aca arungika imituragaro n’urubura, umuriro* na wo ukorokera kw’isi. Yehova aguma agwisha urubura ku gihugu ca Misiri. 24  Hagwa urubura rurimwo imiravyo ikomeye*. Urwo rubura rwari rukaze cane. Nta rubura nk’urwo rwari bwigere rugwa muri ico gihugu kuva Misiri yakabaho+. 25  Nuko rutikiza ibintu vyose vyari mu gahinga mu gihugu cose ca Misiri, ushizemwo abantu n’ibikoko. Rutikiza ivyatsi vyose n’ibiti vyose+. 26  Mu ntara ya Gosheni gusa, aho Abisirayeli baba, ni ho honyene rutaguye+. 27  Farawo aca atumako Musa na Aroni, ababwira ati: «Ubu hoho nacumuye. Yehova ari mu kuri*, jewe n’abantu banje ni twe turi mu makosa. 28  Nimwinginge Yehova ahagarike iyi mituragaro n’uru rubura, nanje nzoca ndabarekura mugende. Ntimuzobandanya kuguma ng’aha.» 29  Musa amwishura ati: «Nkimara gusohoka igisagara nca ninginga Yehova. Imituragaro n’urubura bica bihagarara kugira umenye yuko isi ari iya Yehova+. 30  Ariko n’ubu ndazi ko wewe n’abasuku bawe mutaza gutinya Yehova Imana.» 31  Igiterwa c’ilino* na sayiri* vyari vyononekaye kubera urubura, kuko sayiri yari iyangitse, ilino na ryo rikaba ryari rishuritse. 32  Mugabo ibiterwa vy’ingano* ntivyari vyononekaye kuko vyovyo vyera bitevye. 33  Musa aca ava kwa Farawo asohoka igisagara, araheza atakambira Yehova. Ya mituragaro na rwa rubura bica birahagarara, imvura na yo irahita+. 34  Farawo abonye ko imvura n’urubura be n’imituragaro vyahagaze, aca yongera gucumura, akomantaza umutima wiwe+, we hamwe n’abasuku biwe. 35  Farawo abandanya gukomantaza umutima wiwe, ntiyarekura Abisirayeli nk’uko Yehova yari yabivuze biciye kuri Musa+.

Utujambo tw'epfo

Canke «kunkorera.»
Canke «itanure.»
Canke «itanure.»
Canke «baje kunkorera.»
Ishobora kuba yari imiravyo ikomeye cane.
Mu giheburayo havuga ngo «rurimwo imiriro irabagiza.»
Canke «aragororotse.»
Sayiri ni ubwoko bw’ingano.
Mu giheburayo havuga ngo «ingano na kusemeti.» Kusemeti ni ubwoko bw’ingano bubayabaye bwarimwa kera mu Misiri.