Mariko 14:1-72

  • Abaherezi baja inama yo kwica Yezu (1, 2)

  • Amavuta amota neza asukwa kuri Yezu (3-9)

  • Yuda agurisha Yezu (10, 11)

  • Pasika ya nyuma (12-21)

  • Atanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba (22-26)

  • Avuga ko Petero aza kumwihakana (27-31)

  • Yezu asenga ari i Getsemani (32-42)

  • Bafata Yezu (43-52)

  • Asambishirizwa imbere y’Inama nkuru (53-65)

  • Petero yihakana Yezu (66-72)

14  Ico gihe hari hasigaye imisi ibiri+ ngo habe Pasika+ n’umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+. Abakuru b’abaherezi n’abanditsi bariko bararondera ingene bomufata ku rwenge* kugira bamwice+,  ariko baguma bavuga bati: «Ntibibe ku musi mukuru, kuko abantu bohava bagumuka.»  Igihe Yezu yari i Betaniya ariko arafungura* mu nzu kwa Simoni umunyamibembe, haza umugore afise agacupa* karimwo amavuta amota neza, azimvye cane, ikaba yari narada nyayo. Yugurura* ako gacupa, atangura gusuka ayo mavuta ku mutwe wa Yezu+.  Bamwe baca batangura kubwirana bashavuye bati: «Kubera iki asesaguye ayo mavuta amota neza?  Ayo mavuta yari gushobora kugurishwa idenariyo* zirenga 300, maze ayo mahera agahabwa aboro!» Baca baramushavurira cane*.  Mugabo Yezu ababwira ati: «Nimumureke. Uyu mugore mumugorera iki? Ankoreye igikorwa ciza+.  Erega aboro murabamana+, kandi igihe cose mubishatse murashobora kubakorera ivyiza. Ariko jewe ntimuzonyamana+.  Yakoze ivyo ashoboye. Abaye arasuka ayo mavuta amota neza ku mubiri wanje, kugira antegure ku bw’amaziko yanje+.  Ni ukuri ndabibabwiye, ahantu hose inkuru nziza izokwamamazwa kw’isi yose+, ivyo uyu mugore yakoze na vyo nyene bizovugwa kugira bamwibuke+ 10  Yuda Isikariyoti, umwe muri bamwe cumi na babiri, aca aja ku bakuru b’abaherezi kugira amubahe+. 11  Bavyumvise baranezerwa cane, baca basezerana kumuha amahera*+. Aca atangura kurondera akaryo ko kumutanga. 12  Ku musi wa mbere w’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro+, igihe bari basanzwe batanga ikimazi ca Pasika+, abigishwa biwe bamubwira bati: «Ni hehe ushaka ko tuja kugutegurira ibifungurwa vya Pasika+ 13  Aca arungika babiri mu bigishwa biwe, ababwira ati: «Genda mu gisagara, muraza guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi. Muce mumukurikira+, 14  hanyuma aho yinjira hose mubwire nyene urugo muti: “Mwigisha avuze ati: ‘Icumba c’abashitsi kiri hehe, kugira ndaharire Pasika ndi kumwe n’abigishwa banje?’” 15  Na we arabereka icumba co hejuru cagutse, kirimwo ivya nkenerwa kandi giteguye. Abe ari ho mudutegurira ibifungurwa vya Pasika.» 16  Abigishwa baca baragenda, binjira mu gisagara, basanga ibintu vyose bimeze nk’uko yababwiye. Baraheza bategura Pasika. 17  Bumaze kugoroba, azanana na bamwe cumi na babiri+. 18  Hanyuma bicaye ku meza bariko barafungura, Yezu ababwira ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, umwe muri mwebwe, uwo turiko turasangira, araza kungurisha*+ 19  Baca batangura kwumva intuntu, umwe wese amubaza ati: «Ni jewe?» 20  Abishura ati: «Ni umwe muri mwebwe cumi na babiri, uwo dukoreje amaboko rimwe mw’isahani*+. 21  Umwana w’umuntu agira agende nk’uko vyanditswe ku bimwerekeye, ariko uwo muntu agira agurishe Umwana w’umuntu aragowe+! Vyomubereye vyiza iyo ataba yaravutse+ 22  Bakiriko barafungura, atora umukate hanyuma arasenga. Aca arawumanyagura maze arawubaha, ababwira ati: «Akira, uyu mukate ugereranya umubiri wanje+ 23  Atora n’igikombe, arakenguruka hanyuma arakibaha, bakinywako bose+. 24  Aca ababwira ati: «Iki kigereranya amaraso yanje+, “amaraso y’isezerano+” agiye guseswa ku bwa benshi+. 25  Ni ukuri ndabibabwiye, sinzosubira kunywa ku kinyobwa c’umuzabibu gushika umusi nzokinywa ari gishasha mu Bwami bw’Imana.» 26  Hanyuma bahejeje kuririmba amashemezo*, baca barasohoka baja ku musozi w’Imyelayo+. 27  Yezu ababwira ati: «Mwese muraza gutsitara, kuko vyanditswe ngo: “Nzokubita umwungere+ maze intama zisabagire+.” 28  Ariko ninamara kuzurwa, muzonsanga i Galilaya+ 29  Petero amwishura ati: «Naho abandi bose botsitara, jewe sinzotsitara+ 30  Yezu aca amubwira ati: «Ni ukuri ndabikubwiye, uyu musi, emwe muri iri joro nyene, imbere y’uko isake ibika kabiri, uza kunyihakana gatatu+ 31  Ariko Petero aguma ashimika ati: «Naho vyosaba ko mpfana nawe, sinzogenda ndakwihakanye.» N’abandi bose batangura kuvuga uko nyene+. 32  Nuko bashika ahantu hitwa Getsemani, maze abwira intumwa ziwe ati: «Ba muricaye ng’aha umwanya ndiko ndasenga+ 33  Aca ahitana Petero, Yakobo na Yohani+, hanyuma atangura kwumva amaganya menshi no guhagarika umutima bimwe bikomeye. 34  Maze ababwira ati: «Ndatuntuye cane+, ku buryo numva nopfa. Nimugume ng’aha, kandi mugume muri maso+ 35  Yigira imbere maze arapfukama, atangura gusenga asaba ko iyo saha yomurengana nimba bishoboka. 36  Avuga ati: «Abba*, Data+, vyose birashoboka kuri wewe. Igiza iki gikombe kure yanje. Yamara ntihabe ivyo ngomba, ahubwo habe ivyo wewe ugomba+ 37  Agarutse, asanga barasinziriye, aca abwira Petero ati: «Simoni, urasinziriye? Ntiwashoboye guterama n’isaha n’imwe+? 38  Gume muri maso kandi mugume musenga, kugira ntimutwarwe n’ibigeragezo+. Nkako, umutima urashashaye* ariko umubiri uragoyagoya+ 39  Aca asubira kugenda, arasenga, avuga vya bindi nyene+. 40  Yongera kugaruka, asanga barasinziriye kuko amaso yabo yari aremerewe n’itiro. Nuko babura ico bamwishura. 41  Yongera kugaruka ubugira gatatu, ababwira ati: «Mbega iki ni igihe co kwisinzirira no kwiruhukira? Geza aho! Isaha irashitse+! Umwana w’umuntu agira atabwe mu maboko y’abacumuzi. 42  Haguruke tugende. Ehe uwungurisha arashitse+ 43  Ubwo nyene akiriko aravuga, Yuda umwe muri bamwe cumi na babiri aca arashika. Yari kumwe n’isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abaherezi, abanditsi n’abashingantahe+. 44  Uwamugurishije yari yabahaye ikimenyetso bumvikanye, mu kubabwira ati: «Uwo nja gusoma, azoba ari we. Muce mumufata, mumutware mumucunze.» 45  Aca aza atumbereye Yezu, aramwegera, amubwira ati: «Rabi!» Aca aramusoma n’ikibabarwe. 46  Baca bafata Yezu baramugumya. 47  Ariko umwe mu bari bahagaze ng’aho aca asokora inkota yiwe, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi+. 48  Yezu aca ababwira ati: «Mbega muje kumfata mwitwaje inkota n’amahiri nk’abahiga umwambuzi+? 49  Imisi yose namye ndi kumwe namwe mu rusengero nigisha+, yamara ntimwamfashe. Ariko ibi bibaye kugira ngo Ivyanditswe biranguke+ 50  Bose baca baramuta barahunga+. 51  Mugabo umusore umwe yari yambaye impuzu imwe gusa y’ilino yoroshe, aramukurikira agendera hafi, hanyuma bagerageza kumufata, 52  mugabo ata iyo mpuzu yiwe y’ilino maze ahunga ari gusa*. 53  Nuko batwara Yezu ku muherezi mukuru+, hanyuma abakuru b’abaherezi, abashingantahe n’abanditsi bose bakoranira hamwe+. 54  Ariko Petero yari yamukurikiye agendera kure, arashika no mu rugo rw’umuherezi mukuru. Yari yicaranye n’abasuku bo mu rugo ariko arota umuriro+. 55  Muri uwo mwanya, abakuru b’abaherezi n’abagize Inama nkuru bose bariko bararondera ivyo bagiriza Yezu kugira bamwice, ariko nta na kimwe baronse+. 56  Nkako, benshi bariko baramwagiriza ibinyoma+, ariko ivyo bamwagiriza ntivyahura. 57  Vyongeye, hari n’abandi baza barahaguruka bamwagiriza ibinyoma, bakavuga bati: 58  «Twaramwumvise avuga ngo: “Nzosenyura uru rusengero rwubatswe n’amaboko, hanyuma mu misi itatu nce nubaka urundi rutubatswe n’amaboko+.”» 59  Ariko no kuri ivyo, ivyo bamwagiriza ntivyahura. 60  Umuherezi mukuru aca arahaguruka hagati yabo, abaza Yezu ati: «Nta na kimwe wishura? Ntiwumva ivyo bariko barakwagiriza+ 61  Ariko Yezu aguma yihoreye, ntiyishura ikintu na kimwe+. Umuherezi mukuru yongera kumubaza ati: «Uri Kristu, Umwana w’Imana Nyeranda* 62  Yezu amwishura ati: «Ndi we, kandi muzobona Umwana w’umuntu+ yicaye iburyo bw’Imana+ Nyenububasha*, azananye n’ibicu vyo kw’ijuru+ 63  Umuherezi mukuru aca atabura impuzu ziwe, avuga ati: «Hari ibindi vyabona dukeneye+? 64  Muriyumviye ingene atutse Imana*. Mubivugako iki*?» Bose baca bavuga ko akwiye gupfa+. 65  Bamwe rero batangura kumucirako amate+, kumupfuka mu maso no kumukubita ingumu, bavuga bati: «Ko wumva uri umuhanuzi, tubwire uwugukubise!» Abarinzi bamaze kumukubita amakofe, baca baramutwara+. 66  Igihe Petero yari mu rugo, umwe mu basukukazi b’umuherezi mukuru araza+. 67  Abonye Petero ariko arota, aca aramuhanga amaso maze avuga ati: «Na wewe wari kumwe n’uwo Yezu Umunyanazareti.» 68  Mugabo arabihakana, avuga ati: «Sindamuzi, kandi sinzi n’ivyo uriko uravuga.» Aca agenda amaja kw’irembo*. 69  Wa musukukazi amubonye ng’aho, yongera kubwira abari bahagaze ng’aho ati: «Uyu ari muri bo.» 70  Yongera kubihakana. Haciye akanya, abari bahagaze ng’aho bongera kubwira Petero bati: «Ni ukuri uri uwo muri bo. Nakare uri Umunyagalilaya!» 71  Mugabo atangura kurahira yisiba, avuga ati: «Uwo muntu muriko muravuga sindamuzi!» 72  Ubwo nyene isake ica irabika ubugira kabiri+. Petero aca yibuka ivyo Yezu yari yamubwiye ati: «Imbere y’uko isake ibika ubugira kabiri, uza kunyihakana gatatu+.» Biranka ko yigumya, aca araturikisha ararira.

Utujambo tw'epfo

Canke «ku mayeri.»
Canke «yicaye ku meza.»
Mu kirigiki havuga ngo «agacupa ka alabasitironi.» Raba Insiguro y’amajambo (Alabasitironi).
Canke «amena.»
Canke «baramukarira.»
Mu kigiriki havuga ngo «amahera y’ifeza.»
Canke «kumpemukira.»
Canke «mu kabakure.»
Canke «amazaburi.»
Ni ijambo ry’igiheburayo canke igiharameya risobanura ngo «ewe dawe!»
Canke «urabishaka.»
Canke «ari nk’aho ari gusa», «yambaye impuzu yo munsi gusa.»
Mu kigiriki havuga ngo «Umwana wa wa Muhezagirwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «yicaye iburyo bw’ububasha.»
Canke «ingene arogose.»
Canke «muvyiyumvirako iki?»
Canke «amaja ku kazu ko kw’irembo.»